Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA KABIRI

Tubeho mu buryo buhimbara Imana

Tubeho mu buryo buhimbara Imana
  • Ushobora gute kuba umugenzi w’Imana?

  • Ni mu buryo ki amakenga Shetani yavyuye akuraba?

  • Ni ingeso izihe zidahimbara Yehova?

  • Ushobora gute kubaho mu buryo buhimbara Imana?

1, 2. Tanga uburorero bumwebumwe bw’abantu Yehova yabona ko ari abagenzi biwe somambike.

NI UMUNTU ameze gute wohitamwo ngo akubere umugenzi? Ivyo ari vyo vyose, woshima kugendana n’umuntu mubona ibintu kumwe, mukunda bimwe kandi mwisunga ingingo ngenderwako zimwe. Vyongeye, wokunda umuntu afise kamere nziza, nk’ukuba imvugakuri be n’ukugira umutima mwiza.

2 Kuva kera na rindi, Imana yamye ihitamwo abantu bamwebamwe ngo babe abagenzi bayo somambike. Nk’akarorero, Yehova yise Aburahamu umugenzi wiwe. (Soma Yesaya 41:8; Yakobo 2:23.) Imana yavuze ko Dawidi ari “umuntu ahimbara umutima wa[yo]” kubera ko yari ameze nk’abo Yehova akunda. (Ivyakozwe 13:22) Yehova yabona kandi yuko umuhanuzi Daniyeli ari “umuntu ahimbaye cane.”​—Daniyeli 9:23.

3. Ni igiki Yehova yisunga mu guhitamwo abantu bamwebamwe ngo bamubere abagenzi?

3 Ni kubera iki Yehova yabona ko Aburahamu, Dawidi na Daniyeli ari abagenzi biwe? Yabwiye Aburahamu ati: “Wumvirije ijwi ryanje.” (Itanguriro 22:18) Yehova rero yiyegereza abantu bakora ivyo abasaba bicishije bugufi. Yabwiye Abisirayeli ati: “Nimugamburuke ijwi ryanje, maze nzoba Imana yanyu, namwe mube abantu banje.” (Yeremiya 7:23) Na wewe ugamburukiye Yehova, urashobora kuba umugenzi wiwe.

YEHOVA ARAKOMEZA ABAGENZI BIWE

4, 5. Yehova yerekana gute inkomezi ziwe ku neza y’abasavyi biwe?

4 Iyumvire ico kugiranira ubugenzi n’Imana bisobanura. Bibiliya ivuga ko Yehova arondera uturyo “kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2 Ngoma 16:9) Yehova ashobora kwerekana gute inkomezi ziwe ku neza yawe? Uburyo bumwe abigira buboneka muri Zaburi 32:8, aho dusoma duti: “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo. Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe.”

5 Mbega ukuntu ayo majambo yerekana mu buryo bukora ku mutima ingene Yehova yitwararikana! Azoguha ubuyobozi bukenewe yongere akurinde igihe ubushira mu ngiro. Imana yipfuza kugufasha kwihanganira ibigeragezo bigushikira. (Soma Zaburi 55:22.) Nimba rero ukorera Yehova n’umutima wawe wose, urashobora gushira umutima mu nda nka kumwe kw’umwanditsi w’amazaburi, uwavuze ati: “Nashize Yehova imbere yanje nantaryo. Kubera ko ari iburyo bwanje, sinzonyiganyizwa.” (Zaburi 16:8; 63:8) Ego cane, Yehova arashobora kugufasha kubaho mu buryo bumuhimbara. Ariko rero nk’uko ubizi, hariho umwansi w’Imana yoshima kukubuza kubikora.

AMAKENGA SHETANI YAVYUYE

6. Shetani yagirije abantu iki?

6 Ikigabane ca 11 c’iki gitabu, carasiguye ukuntu Shetani wa Mubesheranyi yarwanije uburenganzira Imana ifise bwo kugaba no kuganza. Yagirije Imana ngo irabesha yongera avuga akikiriza yuko Yehova yarenganije Adamu na Eva mu kutabareka ngo bishingire iciza n’ikibi. Adamu na Eva bamaze gucumura, isi na yo igatangura kwuzura uruvyaro rwabo, Shetani yaravyuye amakenga ku vyerekeye imvo ituma abantu bose bakorera Imana. Shetani yabagirije ati: ‘Abantu ntibakorera Imana ngo ni uko bayikunda. Hamwe noronka gusa akaryo, woraba ko umuntu wese ntomukura ku Mana.’ Inkuru ya wa mugabo Yobu irerekana ko ukwo ari ko Shetani yabona ibintu. None Yobu yari nde, kandi amakenga Shetani yavyuye yamuraba gute?

7, 8. (a) Ni igiki catuma Yobu aba uwutandukanye cane n’abandi bantu bo mu gihe ciwe? (b) Ni amakenga ayahe Shetani yavyuye ku bijanye n’imvo yatuma Yobu akorera Imana?

7 Haraheze nk’imyaka 3.600 Yobu abayeho. Yari umuntu ameze neza kuko Yehova yavuze ko “ata n’umwe ameze nka we mw’isi, ko ari umuntu atagirako umugayo kandi agororotse, atinya Imana kandi agaca kure ikibi.” (Yobu 1:8) Yobu yarahimbara Imana.

8 Shetani yaravyuye amakenga ku bijanye n’imvo yatuma Yobu akorera Imana. Yabwiye Yehova ati: “Ubwawe [ntiwakikuje Yobu] uruzitiro, ukarukikuza n’inzu yiwe be n’ibintu vyose afise, hirya no hino? Igikorwa c’amaboko yiwe waragihezagiye, n’ibitungwa vyiwe vyarakwiye mw’isi. Mugabo kugira bihinduke, ndakwinginze utume ukuboko kwawe, ukore ku bintu vyose afise urabe ko atakuvuma amaso mu yandi.”​—Yobu 1:10, 11.

9. Yehova yakoze iki ku bijanye n’amakenga Shetani yavyuye, kandi kubera iki?

9 Muri ubwo buryo, Shetani yahaririye avuga yuko Yobu yakorera Imana kubera gusa ivyo yaronka. Shetani kandi yagirije Yobu yuko aramutse ageragejwe, yoheba Imana. Yehova yakoze iki ku bijanye n’ayo makenga Shetani yari avyuye? Kubera ko ico kibazo cari cerekeye imvo yatuma Yobu akorera Imana, Yehova yararetse Shetani ngo agerageze Yobu. Ivyo vyokwerekanye neza nimba Yobu akunda Imana canke atayikunda.

YOBU AGERAGEZWA

10. Ni ibigeragezo ibihe vyashikiye Yobu, kandi yavyifashemwo gute?

10 Bidatevye, Shetani yaragerageje Yobu mu buryo bwinshi. Bimwe mu bitungwa vya Yobu vyaribwe, ibindi biricwa. Benshi mu basuku biwe barishwe. Ivyo vyatumye agira ingorane mu vy’ubutunzi. Mu nyuma Yobu yarashikiwe n’icago co kubura abana biwe cumi bahitanywe n’igihuhusi. Ariko rero naho yashikiwe n’ivyo bintu biteye ubwoba, “Yobu ntiyacumuye canke ngo aherereze ku Mana ikintu na kimwe kitabereye.”​—Yobu 1:22.

11. (a) Ni ikirego kigira kabiri ikihe Shetani yavyuye ku vyerekeye Yobu, kandi vyatumye Yehova akora iki? (b) Yobu yavyifashemwo gute igihe yarwara indwara ibabaza?

11 Shetani ntiyaciye amureka. Ategerezwa kuba yibajije ko naho Yobu yokwihanganira ugutakaza amatungo yiwe, ukubura abakozi biwe n’abana biwe, yohemuka ku Mana aramutse akitswe n’amagara. Yehova yararetse Shetani arateza Yobu indwara iteye ishishi kandi ibabaza. Ariko rero, n’ivyo nyene ntivyatumye Yobu areka kwizera Imana. Ahubwo yavuze ashikamye ati: “Gushika ncikanye, sinzokwiyambura ugutungana kwanje!”​—Yobu 27:5.

Yobu yararonse impera kubera ko yagumye ari umwizigirwa

12. Yobu yatanze inyishu gute ku makenga yavyuwe na Shetani?

12 Yobu ntiyari azi ko Shetani ari we yariko aramuteza ingorane. Kubera ko Yobu atari azi ivyerekeye amakenga Shetani yavyuye yuko Yehova yoba akwiye canke adakwiye kugaba no kuganza, yari afise ubwoba yibaza ko Imana ari yo yatumye ashikirwa n’izo ngorane. (Yobu 6:4; 16:11-14) Naho vyari ari ukwo, yagumye ari intahemuka kuri Yehova. Kuba Yobu yagumye ari umwizigirwa vyarerekanye ko ivyo Shetani yivugisha ngo Yobu akorera Imana abitumwe n’imvo z’ubwikunzi, ari ikinyoma.

13. Ni ibiki vyashitse bitumwe n’uko Yobu yabaye umwizigirwa ku Mana?

13 Kuba Yobu yagumye ari umwizigirwa vyatumye Yehova yishura mu buryo bukomeye agacokoro ka Shetani. Mu vy’ukuri Yobu yari umugenzi w’Imana, kandi Imana yaramuhaye impera kubera ko yagumye ari umwizigirwa.​—Yobu 42:12-17.

UKUNTU NA WEWE BIKURABA

14, 15. Ni kubera iki twovuga ko amakenga Shetani yavyuye ku bijanye na Yobu araba abantu bose?

14 Ca kibazo kijanye no kuba intahemuka ku Mana cavyuwe na Shetani nticari cerekeye Yobu wenyene. Na wewe kirakuraba. Ivyo birerekanwa neza mu Migani 27:11, aho Ijambo rya Yehova rivuga riti: “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.” Ayo majambo yanditswe Yobu amaze imyaka amajana apfuye, yerekana ko Shetani yari akibandanya gucokora Imana no kwagiriza abasavyi bayo. Igihe tubaho mu buryo buhimbara Yehova, tuba vy’ukuri turiko turafasha mu kwishura ivyo birego vy’ibinyoma vya Shetani, gutyo tukaba tunezereje umutima w’Imana. Wewe uvyibazako iki? Ntivyoba none ari vyiza cane ugize uruhara mu kwishura ibinyoma Shetani yavuze, naho vyogusaba guhindura ibintu bimwebimwe mu buzima bwawe?

15 Urazi ko Shetani yavuze ati: “Ivyo umuntu afise vyose yobitanga ku bw’ubuzima bwiwe.” (Yobu 2:4) Mu kuvuga ngo “umuntu,” Shetani yari atomoye ko ikirego ciwe kitari cerekeye Yobu gusa, ariko ko cari cerekeye abantu bose. Ico ni ikintu gihambaye rwose. Shetani yavyuye amakenga ku bijanye n’ukudahemuka ku Mana kwawe. Yipfuza ko ugambararira Imana ugaheba ingendo igororotse igihe hadutse ingorane. Ivyo Shetani yogerageza gute kubishikako?

16. (a) Shetani akoresha uburyo ubuhe mu kugerageza gukura abantu ku Mana? (b) Ni gute Shetani yokoresha ubwo buryo kuri wewe?

16 Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 10, Shetani akoresha uburyo butandukanye mu kugerageza gukura abantu ku Mana. Ku ruhande rumwe, atera “nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.” (1 Petero 5:8) Ku bw’ivyo rero, akosho ka Shetani koshobora kwibonekeza igihe abagenzi, incuti canke abandi, bakurwanya uriko ugira utwigoro two kwiga Bibiliya no gushira mu ngiro ivyo wiga. * (Yohani 15:19, 20) Ku rundi ruhande, Shetani “aguma yihindura umumarayika w’umuco.” (2 Abakorinto 11:14) Shetani ashobora gukoresha uburyo bwihishije kugira akuzimize maze akubuze kubaho mu buryo bushimwa n’Imana. Arashobora no gukoresha uburyo bwo kuguca intege, kumbure agatuma wumva yuko utoshobora guhimbara Imana. (Imigani 24:10) Shetani yaba akora nk’“intambwe iroha” canke yihindura “umumarayika w’umuco,” agacokoro kiwe kaguma ari ka kandi nyene: Avuga ko niwahura n’ibigeragezo canke inyosha mbi uzoca uhagarika gukorera Imana. Wokwishura gute ako gacokoro maze ukaguma uri intahemuka ku Mana nk’uko Yobu yabigize?

TUGAMBURUKE AMABWIRIZWA YA YEHOVA

17. Imvo nyamukuru ituma tugamburuka amabwirizwa ya Yehova ni iyihe?

17 Urashobora kwishura ka gacokoro ka Shetani mu kubaho mu buryo buhimbara Imana. Ivyo bisaba iki? Bibiliya yishura iti: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inguvu zawe zose.” (Gusubira mu vyagezwe 6:5) Uko uzorushiriza gukunda Imana, ni ko uzorushiriza kwipfuza gukora ivyo igusaba. Intumwa Yohani yanditse ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo.” Niwaba ukunda Imana n’umutima wawe wose, uzosanga “amabwirizwa yayo [atari] umuzigo.”​—1 Yohani 5:3.

18, 19. (a) Amwamwe mu mabwirizwa ya Yehova ni ayahe? (Raba uruzitiro rufise umutwe uvuga ngo “ Niwamirire kure ivyo Yehova yanka.”) (b) Tuzi gute ko Imana itadusaba ivyo tudashoboye?

18 Amabwirizwa ya Yehova ni ayahe? Amwamwe muri yo yerekeye ingeso dutegerezwa kwirinda. Nk’akarorero, raba uruzitiro rufise umutwe uvuga ngo “ Niwamirire kure ivyo Yehova yanka.” Urahasanga urutonde rw’ingeso Bibiliya yiyamiriza ata guca ku ruhande. Ukibona ingeso zimwezimwe zivugwa ng’aho, womengo nta co zitwaye. Ariko rero, niwamara kuzirikana ku vyanditswe vyatanzwe, nta gukeka ko uza kubona yuko amabwirizwa ya Yehova arimwo ubukerebutsi. Kugira ivyo uhinduye mu nyifato yawe, hari igihe wosanga ari ikintu kigoye kuruta ibindi vyose bimaze kukugora. Yamara, kubaho mu buryo buhimbara Imana biratuma uhimbarwa cane. (Yesaya 48:17, 18) Vyongeye, ni ikintu ushobora gushikako. Ivyo tubizi gute?

19 Yehova ntiyigera adusaba ivyo tudashoboye. (Soma Gusubira mu vyagezwe 30:11-14.) Arazi ivyo dushoboye n’ivyo tudashoboye kuruta uko twebwe tubizi. (Zaburi 103:14) N’ikindi kandi, arashobora kuduha inkomezi zituma tumugamburukira. Intumwa Paulo yanditse ati: “Imana ni inyizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo kugira mushobore kucihanganira.” (1 Abakorinto 10:13) Kugira ngo Yehova agufashe kwihangana, arashobora no kukuronsa “ububasha burengeye ubusanzwe.” (2 Abakorinto 4:7) Paulo amaze kwihanganira ibigeragezo bitari bike, yarashoboye kuvuga ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13.

NUTSIMBATAZE KAMERE ZISHIMWA N’IMANA

20. Ni kamere izihe zishimwa n’Imana ukwiye gutsimbataza, kandi ni kubera iki zihambaye?

20 Birumvikana ko kugira ngo uhimbare Yehova udakwiye gusa kwirinda ivyo yanka. Urakeneye no gukunda ivyo akunda. (Abaroma 12:9) Ntiwumva none ukunze abantu mubona ibintu kumwe, mukunda bimwe kandi mwisunga ingingo ngenderwako zimwe? Na Yehova ni ukwo. Niwige rero gukunda ibintu Yehova akunda. Bimwebimwe muri vyo biravugwa muri Zaburi ya 15, aho dusoma ivyerekeye abo Imana ibona ko ari abagenzi bayo. (Soma Zaburi 15:1-5.) Abagenzi ba Yehova baragaragaza ico Bibiliya yita “icamwa c’impwemu.” Ico camwa kigizwe n’izi kamere: “Urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.”​—Abagalatiya 5:22, 23.

21. Ni igiki kizogufasha gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana?

21 Gusoma no kwiga Bibiliya udahorereza bizogufasha gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. Vyongeye, kumenya ivyo Imana isaba bizogufasha guhuza ivyiyumviro vyawe n’ivyayo. (Yesaya 30:20, 21) Uko uzorushiriza gukunda Yehova, ni ko icipfuzo ufise co kubaho mu buryo bumuhimbara kizorushiriza gukomera.

22. Niwabaho mu buryo buhimbara Imana bizovamwo iki?

22 Kubaho mu buryo buhimbara Yehova bisaba akigoro. Bibiliya ivuga ko guhindura ubuzima bwawe ari nko kwiyambura umuntu wawe wa kera maze ukambara mushasha. (Abakolosayi 3:9, 10) Mugabo ku vyerekeye amabwirizwa ya Yehova, umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Ku[y]ubahiriza birimwo impera nini.” (Zaburi 19:11) Na wewe nyene uzobona ko kubaho mu buryo buhimbara Imana bivamwo impera nyinshi. Niwabigenza gutyo, uzoba wishuye ka gacokoro ka Shetani kandi uzonezereza umutima wa Yehova.

^ ing. 16 Ivyo ntibisobanura ko uwukurwanije wese ategerezwa kuba akoreshwa na Shetani. Ariko Shetani ni imana y’iki gihe, isi yose ikaba iri mu bubasha bwiwe. (2 Abakorinto 4:4; 1 Yohani 5:19) Duca twitega rero ko kubaho mu buryo bushimwa n’Imana biba ingendo idakundwa na benshi, bikaba bizotuma bamwebamwe bakurwanya.