Ja ku birimwo

Bibiliya yoba ari igitabu c’ubukerebutsi bw’abantu?

Bibiliya yoba ari igitabu c’ubukerebutsi bw’abantu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya, iyitwa kandi Ivyanditswe Vyeranda, irimwo amajambo menshi y’ubukerebutsi. Raba ivyo ivuga ku biyerekeye: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Hari ibimenyamenya vyinshi vyemeza ico kintu. Ehe bimwebimwe:

  •   Nta n’umwe arigera ashobora kwerekana ko Bibiliya itavuga ukuri ku bijanye na kahise.

  •   Abanditse Bibiliya bari abagabo b’inziraburyarya bavuga ibintu uko biri koko. Ivyo birerekana ko ivyo banditse ari ukuri.

  •   Bibiliya yose uko yakabaye ihuriza ku ciyumviro kimwe nyamukuru: bizokwemezwa ko Imana ari yo ifise uburenganzira bwo kuganza abantu kandi umugambi wayo uzoranguka biciye ku Bwami bwayo bwo mw’ijuru.

  •   Naho haciye imyaka ibihumbi Bibiliya yanditswe, ntirimwo ivyiyumviro bitari vyo vya siyansi vyari vyemewe na benshi mu bihe vya kera.

  •   Amakuru ya kahise aremeza ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ni ukuvuga ivyo Bibiliya yari yaravuze, bwarangutse.