Ja ku birimwo

Ubwami bw’Imana buzokora iki?

Ubwami bw’Imana buzokora iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ubwami bw’Imana buzosubirira intwaro zose z’abantu maze buganze isi yose. (Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 16:14) Ivyo nivyashika, Ubwami bw’Imana . . .

  •   Buzokuraho ababisha, abo ubwikunzi bwabo butugirira nabi twese. “Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi.”—Imigani 2:22.

  •   Buzokuraho intambara zose. “[Imana i]hagarika intambara gushika ku mpera y’isi.”—Zaburi 46:9.

  •   Buzozana ugutunganirwa n’umutekano kw’isi. “Abantu bose bazokwibera amahoro mu biti vyabo vy’imizabibu n’imisukoni, kandi nta n’umwe azobatera ubwoba.”—Mika 4:4, Good News Translation.

  •   Buzohindura isi Iparadizo. “Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani.”—Yesaya 35:1.

  •   Buzoronsa umuntu wese igikorwa c’ingirakamaro kandi gishimishije. “Abo [Imana y]atoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo. Ntibazocumukurira ubusa.”—Yesaya 65:21-23.

  •   Buzokuraho indwara. “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”—Yesaya 33:24.

  •   Buzokuraho ubusaza. “Umubiri wiwe nutotahare kurusha mu buto; nasubire mu misi y’ingoga ziwe zo mu buto.”—Yobu 33:25.

  •   Buzotuma abapfuye basubira kuba bazima. “Abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Yezu bazivemwo].”—Yohani 5:28, 29.