Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uzi Ivyabona vya Yehova?

Woba uzi Ivyabona vya Yehova?

Ushobora kuba uhora utubona turiko turayaga n’abantu ku bijanye na Bibiliya, canke ukaba umaze kwumva ibitwerekeye kw’iradiyo canke ku bagenzi. Ariko none ubwawe uzi Ivyabona vya Yehova ukungana iki?

GERAGEZA KWISHURA IBI BIBAZO

Shira akamenyetso ahabereye.

NI VYO SI VYO

  1. Ivyabona vya Yehova ni abakirisu.

  2. Ivyabona vya Yehova bemera ko ibiriho vyaremwe mu misi 7 y’amasaha 24.

  3. Ivyabona vya Yehova ntibivuza.

  4. Ivyabona vya Yehova baremera Bibiliya yose.

  5. Ivyabona vya Yehova bakoresha Bibiliya yabo gusa.

  6. Ivyabona vya Yehova barahinduye Bibiliya kugira bayihuze n’ivyo bemera.

  7. Ivyabona vya Yehova nta co bafasha mu kibano.

  8. Ivyabona vya Yehova babona ko barengeye abo mu yandi madini.

Inyishu ziri ku rupapuro rukurikira.

  1. 1 NI VYO. Turihatira gukurikiza cane inyigisho za Yezu Kristu no kwigana inyifato yiwe. (1 Petero 2:21) Ariko rero, hariho ibintu bitari bike bidutandukanya n’ayandi madini y’abitwa abakirisu. Nk’akarorero, twaratahuye ko Bibiliya yigisha ko Yezu ari Umwana w’Imana. Si umwe mu bagize Ubutatu. (Mariko 12:29) Ntitwemera ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa canke ko hari aho Bibiliya ivuga ko Imana ibabariza abantu mu muriro udahera. Eka kandi ntitwemera ko abaja imbere abandi mw’idini bakwiye guhabwa amazina y’icubahiro abashira hejuru y’abandi.Umusiguzi 9:5; Ezekiyeli 18:4; Matayo 23:8-10.

  2. 2 SI VYO. Turemera ko Imana ari yo yaremye ibiriho vyose. Ariko ntidushigikira abavuga ko ibintu vyose vyaremwe mu misi 7 y’amasaha 24. Uti kubera iki? Kubera ko Bibiliya atari vyo ivuga. Muri Bibiliya ijambo “umusi” rirashobora kwerekeza ku kiringo kirekire. (Itanguriro 2:4; Zaburi 90:4) Ikindi na co, mu bemera iyo nyigisho hari abavuga ko isi imaze imyaka ibihumbi bikeyi gusa. Ariko Bibiliya ivuga ko isi n’ibindi bisyo vyo mu kirere vyabayeho imbere cane yuko ya misi itandatu y’irema itangura. 1Itanguriro 1:1.

  3. 3 SI VYO. Iyo tugwaye turaja kwa muganga. Mbere bamwe muri twebwe ni abaganga, nka wa mukirisu Luka wo mu kinjana ca mbere. (Abakolosayi 4:14) Ariko rero ntitwemera kuvurwa mu buryo na bumwe buteye kubiri na Bibiliya. Nk’akarorero, ntitwemera guterwa amaraso kubera ko Bibiliya ibibuza.Ivyakozwe 15:20, 28, 29.

    Naho ari ukwo turarondera ko twe n’imiryango yacu tuvurwa mu buryo bwiza bushoboka. Mbere uburyo bwo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso bwatangujwe mu kuvura abarwayi b’Ivyabona ubu buriko burafasha n’abandi bantu. Mu bihugu vyinshi, ubu umurwayi abishatse arashobora kwirinda ingaruka zo guterwa amaraso harimwo indwara zimwezimwe n’izindi ngorane zijanye n’amagara, tutibagiye ko abaganga bashobora kwihenda.

  4. 4 NI VYO. Turemera ko Bibiliya yose ‘yahumetswe n’Imana kandi ari ngirakamaro.’ (2 Timoteyo 3:16) Aho rero harimwo Isezerano rya kera n’Isezerano rishasha. Ivyo bice dukunze kuvyita Ivyanditswe vy’igiheburayo n’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Gutyo tuba twirinze kwerekana ko hari igice ca Bibiliya cataye igihe canke kidahambaye cane.

  5. 5 SI VYO. Igihe twiga Bibiliya turakoresha Bibiliya zitandukanye. Ariko mu ndimi ibonekamwo, turakunda cane Bibiliya y’isi nshasha kubera yuko irimwo izina ry’Imana kandi ikaba ihinduye mu buryo butagira amahinyu kandi butomoye. Dufate nk’akarorero ibijanye n’ugukoresha izina ry’Imana, ari ryo Yehova. Mu ntangamarara ya Bibiliya imwe, harimwo urutonde rw’amazina 79 y’abantu bafashije kugira iboneke. Ariko ntirimwo izina ry’uwo Bibiliya ikomokako ari we Yehova Imana! Bibiliya y’isi nshasha yoyo, yarasubije izina ry’Imana mu bibanza ibihumbi ryabonekamwo mu gisomwa co mu ntango. 2

  6. 6 SI VYO. Igihe vyaba bishitse tukabona ko ivyo twemera bidahuye neza na neza n’ivyo Bibiliya yigisha, twaca duhindura ivyo twari dusanzwe twemera. N’imbere y’uko Bibiliya y’isi nshasha isohoka mu 1950, twakoresha izindi Bibiliya zariho ico gihe kandi tukazisunga mu vyo twemera.

  7. 7 SI VYO. Igikorwa cacu co kwamamaza carafashije abantu benshi guheba ibintu bibi vyari vyarabiziziye, nko kunywa ibiyayuramutwe n’inzoga zirenze urugero. Turigisha gusoma no kwandika abantu ibihumbi n’ibihumbi hirya no hino kw’isi. Kandi iyo hateye ivyago dutabara Ivyabona n’abatari Ivyabona. Mu bihe nk’ivyo turahumuriza abantu tukongera tukabafasha kwiyegereza Imana narirya ico gihe baba babikeneye cane. 3

  8. 8 SI VYO. Turakurikiza impanuro yo muri Bibiliya idusaba ‘kwubaha abantu bose’ tutaravye idini barimwo. (1 Petero 2:17, Bibiliya Yera) Nk’akarorero, naho mu bihugu bimwebimwe usanga hariyo Ivyabona ibihumbi amajana, ntitwosha abanyapolitike canke abashinga amategeko ngo babuze ayandi madini gukora. Eka ntiduharanira ivy’uko hotorwa amategeko asaba ayandi madini kwisunga ivyo twemera. Ahubwo turubahiriza abandi nk’uko na bo twipfuza ko batwubahiriza.Matayo 7:12.

Muri iki kiganiro harimwo amakuru yakuwe kuri wa muhora wacu wa jw.org. Ushaka kumenya ibindi raba ahavuga ngo IBITWEREKEYE > IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA.

^ 1. Ni co gituma tudaharira ibimenyamenya bishingiye ku buhinga vyerekana ko isi yoba imaze imyaka amamiliyaridi.

^ 2. Bibiliya y’isi nshasha irafise ikindi kintu yisangije: itangwa ku buntu. Ivyo bituma abantu amamiliyoni bashobora gusoma Bibiliya mu rurimi rwabo kavukire. Ubu Bibiliya y’isi nshasha iboneka mu ndimi zishika 130. Urashobora no kuyisoma kuri internet kuri www.pr418.com.

^ 3. Uburyo bumwe dukoresha intererano turonka ni mu gufasha abashikiwe n’ivyago. (Ivyakozwe 11:27-30) Kubera yuko ico gikorwa kirangurwa n’abakora badahembwa, amahera abigenewe akoreshwa gusa mu gutabara abo bantu.