Ja ku birimwo

Bibiliya y’isi nshasha yoba itagiramwo amakosa?

Bibiliya y’isi nshasha yoba itagiramwo amakosa?

 Igihimba ca mbere ca Bibiliya y’isi nshasha mu congereza casohotse mu 1950. Kuva ico gihe, hariho abagize amakenga nimba Bibiliya y’isi nshasha a yoba itagiramwo amakosa kubera yuko imirongo imwimwe usanga itandukanye n’ukuntu izindi Bibiliya ziyivuga. Ubwo budasa akenshi usanga buterwa na kimwe mu bintu bikurikira.

  •   Ukwizigirwa. Bibiliya y’isi nshasha yatunganijwe hisunzwe ubushakashatsi bw’abahinga bugezweho be n’ivyandiko vy’iminwe vya kera vyizigirwa kuruta ibindi. Ariko rero, Bibiliya yitwa King James Version yasohotse mu 1611 yatunganijwe hisunzwe ivyandiko vy’iminwe wasanga rimwe na rimwe birimwo amakosa kandi vya vuba ugereranije n’ivyakoreshejwe mu gutunganya Bibiliya y’isi nshasha.

  •   Guserura neza ubutumwa. Bibiliya y’isi nshasha irihatira guserura neza ubutumwa bwo mu ntango bwahumetswe n’Imana. (2 Timoteyo 3:​16) Bibiliya nyinshi usanga zidaserura neza ubutumwa bw’Imana kubera yuko zisunga imigenzo y’abantu, nk’akarorero mu gufata izina ry’Imana ry’uruharo ari ryo Yehova zikarisubiriza amazina y’icubahiro nk’Umukama canke Imana.

  •   Guhindura ijambo ku rindi. Mu buryo butandukanye na Bibiliya ziserura gusa iciyumviro, Bibiliya y’isi nshasha ihindura ijambo ku rindi igihe cose kubigira bidatuma iciyumviro co mu gisomwa co mu ntango kigorana gutahura canke kidaseruka. Bibiliya ziserura gusa iciyumviro co mu gisomwa co mu ntango zoshobora gusobekamwo ivyiyumviro vy’abantu canke zigakuramwo amakuru ahambaye.

Ubudasa hagati ya Bibiliya y’isi nshasha n’izindi Bibiliya

 Ibitabu bitarimwo. Bibiliya zasohowe na Ekleziya Gatolika be n’amadini y’Aborotodogisi yo muri Aziya yo mu buseruko usanga zirimwo ibitabu bitemewe ko biri mu bigize Bibiliya. Ivyo bitabu ntivyari mu rutonde rw’ibitabu Abayuda bemera ko bigize Bibiliya, kandi biri n’ico bivuze kubona Bibiliya ivuga ko Abayuda ari bo ‘bajejwe amajambo meranda y’Imana.’ (Abaroma 3:​1, 2) Ni co gituma Bibiliya y’isi nshasha n’izindi Bibiliya nyinshi zo muri kino gihe zitarimwo ivyo bitabu.

 Imirongo itarimwo. Bibiliya zimwezimwe zirongeramwo imirongo n’amajambo bitaboneka mu vyandiko vy’iminwe vya Bibiliya vya kera kuruta ibindi dufise ubu, ariko Bibiliya y’isi nshasha ntivyongeramwo. Bibiliya nyinshi zo muri iki gihe ntizongeramwo ivyo bintu canke na ho zikerekana ko bitaboneka mu bisomwa vya kera vyemerwa kuruta ibindi. b

 Imvugo zitandukanye. Rimwe na rimwe Bibiliya zihinduye ijambo ku rindi usanga zitumvikana canke zigatanga iciyumviro kitari co. Nk’akarorero, amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 5:3 akunze guhindurwa ngo: “Hahirwa aboro mu mitima yabo.” (Bibiliya Yera) Iyo mvugo “aboro mu mitima” benshi babona ko itumvikana, abandi na bo bakiyumvira ko Yezu yariko ashimika ku gaciro ko kwicisha bugufi canke kwifata rworo. Ariko rero, Yezu yashaka kwerekana ko agahimbare nyakuri kava ku gutahura yuko dukeneye kuyoborwa n’Imana. Bibiliya y’isi nshasha iraserura neza ico yashatse kuvuga mu kuhahindura ngo “abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​—Matayo 5:3. c

Amajambo meza abahinga batari Ivyabona bavuze kuri Bibiliya y’isi nshasha

  •   Mw’ikete ryo ku wa 8 Kigarama 1950, Edgar J. Goodspeed umuhinduzi azwi cane akaba n’umuhinga mu vya Bibiliya yanditse ku bijanye n’Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki ati: “Ndashima igikorwa canyu n’ukuntu mukirangura kw’isi yose, kandi ndahimbarwa cane na Bibiliya yanyu isomeka neza kandi yumvikana. Mu mice myinshi iraboneka yuko ari igikorwa c’abahinga bakanongoreye, ivyo noshobora kuvyemeza.”

    Edgar J. Goodspeed

  •   Allen Wikgren umwigisha kuri kaminuza y’i Chicago yavuze ko Bibiliya y’isi nshasha ari akarorero ka Bibiliya ihinduwe mu mvugo yo mu gihe ca none iserura ivyiyumviro yisunze ivyandiko vyo mu ntango aho gusubiramwo gusa amajambo yo mu zindi Bibiliya.”​—The Interpreter’s Bible, Igitabu ca 1, urupapuro 99.

  •   Ku bijanye n’Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki, umusesanguzi w’ivya Bibiliya w’Umwongereza Alexander Thomson yanditse ati: “Biraboneka ko iyo mpinduro ari igikorwa c’abahinga baciye ubwenge bagerageje uko bishoboka kwose guserura mu congereza ivyiyumviro biri mu gisomwa c’ikigiriki.”​—The Differentiator, Ndamukiza 1952, urupapuro 52.

  •   Naho umwanditsi Charles Francis Potter yavuze ko hari ivyahinduwe mu mvugo itamenyerewe, avuga ati: “Abo bahinduzi batashatse kumenyekana, bahinduye igisomwa c’ikigiriki n’ic’igiheburayo mu buryo bwiza kuruta kandi bwerekana ko bafise ubuhanga n’ugutahura kugera kure.”​—The Faiths Men Live By, urupapuro rwa 300.

  •   Naho yasanze Bibiliya y’isi nshasha ifise utuntu anegura be n’ivyo ashima cane, Robert M. McCoy yasozereye umwihwezo yagize ku biyerekeye ati: “Ukuntu Isezerano rishasha rihinduwe birerekana ko muri uwo mugwi [Ivyabona vya Yehova] harimwo abahinga bashoboye gutorera umuti neza ingorane nyinshi zijanye no guhindura Bibiliya.”​—Andover Newton Quarterly, Nzero 1963, urupapuro 31.

  •   Naho atemera ukuntu amajambo amwamwe yahinduwe muri Bibiliya y’isi nshasha, Porofeseri S. MacLean Gilmour aremeza ko abahinduye iyo Bibiliya “bari bafise ubumenyi budasanzwe mu kigiriki.”​—Andover Newton Quarterly, Nyakanga 1966, urupapuro 26.

  •   Mu mwihwezo yagize ku vyerekeye igihimba ca Bibiliya y’isi nshasha kiri muri Bibiliya yitwa Kingdom Interlinear Translation of the Greek Scriptres, Porofeseri Thomas N. Winter yanditse ati: “Igisomwa c’iyo komite itashimye kumenyekana kirahuye n’amakuru agezweho kandi hose ntikigiramwo amakosa.”​—The Classical Journal, Ndamukiza-Rusama 1974, urupapuro 376.

  •   Mu 1989, Profeseri Benjamin Kedar-Kopfstein, umuhinga mu giheburayo wo muri Israël, yavuze ati: “Mu bushakashatsi ngira mu vy’ururimi bujanye na Bibiliya y’igiheburayo na Bibiliya zitandukanye zihindurwa, nama nikora kuri Bibiliya y’icongereza yitwa Bibiliya y’isi nshasha. Igihe cose ndabigize, nama nsanga ivyo niyumvira ari vyo: abateguye iyo Bibiliya nta ko batagize kugira ngo batahure igisomwa ata makosa uko bishoboka kwose.”

  •   Afatiye ku cigwa yagize ku vyerekeye Bibiliya icenda z’icongereza zemewe kuruta izindi, Jason David BeDuhn, umwigisha w’ivyigwa bijanye n’amadini muri kaminuza, yanditse ati: “Bibiliya y’isi nshasha ni yo irushirije kutagiramwo amakosa kuruta izindi Bibiliya zagereranijwe na yo.” Naho abantu muri rusangi hamwe n’abahinga benshi mu vya Bibiliya biyumvira ko Bibiliya y’isi nshasha itandukanye n’izindi kubera yuko abayihinduye bahengamiye ku nyigisho z’idini, BeDuhn avuga ati: “Ubwo budasa akenshi buterwa n’uko Bibiliya y’isi nshasha irushirije kuba iyitagiramwo amakosa uravye ukuntu yahinduwe ijambo ku rindi, ikaba kandi igumana imvugo zo mu ntango zakoreshejwe n’abanditsi b’Isezerano rishasha.”​—Truth in Translation, urupapuro 163, 165.

a Ibi vyerekeye integuro za Bibiliya y’isi nshasha zasohotse imbere y’uko isubirwamwo mu 2013.

b Nk’akarorero, raba Bibiliya Yera hamwe na Bible de Jérusalem. Iyo mirongo yongewemwo iboneka muri Matayo 17:21; 18:11; 23:14; Mariko 7:​16; 9:​44, 46; 11:26; 15:28; Luka 17:36; 23:17; Yohani 5:4; Ivyakozwe 8:​37; 15:34; 24:7; 28:29; n’Abaroma 16:24. Bibiliya Yera yo mu giswahili irimwo amajambo ashigikira inyigisho y’Ubutatu muri 1 Yohani 5:​7, 8, akaba yongewemwo haciye imyaka amajana Bibiliya yanditswe.

c Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya y’uwitwa J. B. Phillips ihindura ayo majambo ya Yezu ngo “abazi ko bakeneye Imana,” Bibiliya yitwa The Translator’s New Testament na yo ikavuga ngo “abazi ko bakeneye ivy’Imana.”