Gufasha abantu

GUFASHA ABANTU

Barahumuriza abarwayi bakabafasha no mu vyo bakeneye

Ivyabona vya Yehova bagaragariza gute urukundo abo basangiye ukwemera barwaye cane?

GUFASHA ABANTU

Barahumuriza abarwayi bakabafasha no mu vyo bakeneye

Ivyabona vya Yehova bagaragariza gute urukundo abo basangiye ukwemera barwaye cane?

Abarezi bo muri Filipine barabonye akamaro ka JW.ORG

Ni ibiki abigisha n’abarezi barenga 1.000 bamenye ku bijanye n’uru rubuga?

Ingoro y’Ubwami imaze iki mu karere irimwo?

Raba ico abantu bavuze ku bijanye no kuba hariho Ingoro y’Ubwami mu karere iwabo.

Ivyabona bo mu Butaliyano barafashije ababanyi babo

Bari bakeneye gufashwa mu biki? Ivyabona babafashije gute?

Ivyabona vya Yehova barafashije gusukura ikibira kiri hafi y’i Lviv

Kubera iki bafasha gutyo abantu bo muri ako karere?

Barahumuriza abageze mu zabukuru

Ivyabona vya Yehova baragendera ibigo vyo muri Ostraliya vyitaho abageze mu zabukuru.

Isekeza ryarokoye abantu

Kubera iki Ivyabona vya Yehova batunganije isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza ryamaze amezi abiri muri leta ya Tabasco muri Megizike? Ryavuyemwo iki?

Ivyabona barahumurije abantu igihe haba isiganwa ry’amakinga

Kugira Ivyabona babwire abantu ubutumwa buhumuriza, barashize twa tuntu tw’amapine mu bibanza bitandukanye abariko barasiganwa muri Tour de France bacamwo.

Iyo ivyago biteye, urukundo ruratuma dutabara

Mu bihugu bitari bike, Ivyabona vya Yehova barafasha abari mu ngorane.

Bafasha impunzi ziri i Buraya

Impunzi zirakeneye n’ibindi uretse imfashanyo. Ivyabona barabahumuriza bakongera bakababwira icizigiro Bibiliya itanga.

Barafashije gusukura igisagara ca Rostov-on-Don

Igisagara ca Rostov-on-Don co mu Burusiya carasohoye urwandiko rwo gukengurukira Ivyabona vya Yehova mu kuba barafashije gusukura ico gisagara.

Videwo ifasha urwaruka guhangana n’ikibazo co gutotezwa kw’ishure

Uwitwa Hugo w’imyaka cumi, yararonse agashimwe kitiriwe Diana kubera yafashije abandi guhangana n’ikibazo co gutotezwa. Ni igiki cafashije uwo mwana kurwanya ugutotezwa?

Bafasha abanyeshure gukora neza muri Tayilande

Ivyabona vya Yehova bo muri Tayilande baragize isekeza ridasanzwe ryo gufasha abanyeshure gukora neza. None abayobozi, abigisha n’abavyeyi babivugako iki?

Barakejwe ku bw’igikorwa co gukinga imyuzurira muri Hongiriya

Muri Hongiriya, Uruzi Danube rwaruzuye bimwe vy’akataraboneka. Ivyabona vya Yehova barafashije mu bikorwa vyo gukinga imyuzurira vyatunganijwe n’abategetsi.

Umuzimyamiriro yari mw’ikonji yararokoye abantu

Umukozi w’ishirahamwe ryo kuzimya imiriro yitwa Serge Gerardin, akaba ari Icabona ca Yehova wo mu Bufaransa, yarahaserutse n’ingoga igihe haba isanganya maze ararokora abantu.

Ivyabona vya Yehova barashimiwe kubera ko bafasha abanyororo

Ni igikorwa ciza ikihe Ivyabona vya Yehova icenda bakoreye abanyororo bapfungiwe muri rimwe mu mabohero manini kuruta ayandi yo muri Ostraliya bapfungiramwo abaje muri ico gihugu mu buryo butemewe n’amategeko?

Umuhora JW.ORG uratuma abantu barushiriza kumera neza

Abantu b’uburyo bwose baravuga ukuntu impanuro kanaka zishingiye kuri Bibiliya basanga kuri jw.org zibafasha kumera neza.

Ivyabona vya Yehova barigisha abavyeyi ingene bokingira abana babo abagomba kubahumbisha

Haraheze imyaka mirongo Ivyabona vya Yehova basohora amakuru afasha abagize imiryango kugiranira ubucuti bwiza.

Igihuhusi muri Filipine: Barihanganye biciye ku kwizera

Abarokotse ca gihuhusi gikomeye ciswe Haiyan baratwiganira ingene vyagenze.

Umwuzure wateye mu ntara ya Alberta

Ivyabona vya Yehova bafashije gute abari bashikiwe n’umwuzure wabaye mu ntara ya Alberta muri Kanada?

Igitabu Inkuru za Bibiliya gishika kw’ishure

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya kiriko kirafasha abanyeshure bakiri abana ibihumbi bo muri Filipine, abo ururimi bonse ari urwitwa pangasinan. Uti gute?

Aronkera icizigiro mw’ibohero

David, uwahoze ari imbohe, arasigura ingene Bibiliya yamufashije kumenya Imana, guhindura ubuzima bwiwe no kuba umunega mwiza.