Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku guterwa amaraso?

Bibiliya ivuga iki ku guterwa amaraso?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya idutegeka kutinjiza amaraso mu mubiri. Ku bw’ivyo ntidukwiye kwemera gufungura canke guterwa amaraso canke ibihimba nyamukuru biyagize. Ehe ivyanditswe bijanye n’ico kintu:

  •   Itanguriro 9:4. Inyuma ya wa Mwuzure, Imana yarahaye Nowa n’umuryango wiwe uburenganzira bwo kurya n’inyama z’ibikoko ariko ibabuza kurya amaraso. Yabwiye Nowa iti: “Gusa, inyama zirimwo ubuzima bwazo, ari bwo maraso yazo, ntimuze muzirye.” Iryo tegeko riraraba abantu bose kuva ico gihe gushika n’ubu, kuko bose bakomoka kuri Nowa.

  •   Abalewi 17:14. “Ntimuze murye amaraso y’ikiri n’umubiri na kimwe, kuko ubuzima bw’ikiri n’umubiri cose ari amaraso yaco. Uwo wese ayariye azorandurwa.” Imana yabona ko ubuzima buri mu maraso kandi ko ari ubwayo, ni ukuvuga ubw’Imana. Naho iryo tegeko ryahawe gusa ihanga rya Isirayeli, rirerekana ko Imana yabona yuko kurirenga cari ikintu gikomeye.

  •   Ivyakozwe 15:20. ‘Mwirinde. . . amaraso.’ Imana yahaye abakirisu rya tegeko nyene yari yarahaye Nowa. Kahise karerekana ko abakirisu bo mu ntango banka kurya amaraso canke mbere kuyakoresha mu bijanye n’ubuvuzi.

Kubera iki Imana idutegeka kwirinda amaraso?

 Hari imvo zumvikana zijanye n’ubuvuzi zituma twirinda guterwa amaraso. Ariko igihambaye kuruta, Imana idutegeka kwirinda amaraso kubera ko ibona yuko ico agereranya ari ikintu ceranda.—Abalewi 17:11; Abakolosayi 1:20.