Ja ku birimwo

Bigenda gute iyo upfuye?

Bigenda gute iyo upfuye?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ivuga iti: “Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.” (Umusiguzi 9:5; Zaburi 146:4) Ku bw’ivyo, iyo dupfuye, tuba turetse kubaho. Abapfuye ntibashobora kwiyumvira, gukora canke kwumva ikintu na kimwe.

“Umukungugu ni wo uzosubiramwo”

 Imana yarerekanye ingene bigenda iyo dupfuye igihe yavugana na wa mugabo wa mbere Adamu. Kubera ko Adamu yari yagambaraye, Imana yamubwiye iti: “Uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) Imbere y’uko Imana irema Adamu “mu mukungugu w’ubutaka,” Adamu ntiyabaho. (Itanguriro 2:7) Muri ubwo buryo nyene, igihe Adamu yapfa, yasubiye mu mukungugu, aba aretse kubaho.

 Uko ni ko bigendera n’abapfa ubu. Mu kuvuga ivyerekeye abantu n’ibikoko, Bibiliya ivuga iti: “Vyose vyavuye mu mukungugu, kandi vyose bisubira mu mukungugu.”—Umusiguzi 3:19, 20.

Iyo umuntu apfuye, si ngombwa ngo bibe biheze

 Akenshi Bibiliya igereranya urupfu n’itiro. (Zaburi 13:3; Yohani 11:11-14; Ivyakozwe 7:60) Umuntu ari muri rinini ntashobora kumenya ibiriko birabera iruhande yiwe. Muri ubwo buryo nyene, abapfuye nta co bazi namba. Ariko, Bibiliya yigisha yuko Imana ishobora gukangura abapfuye nk’aho boba bari mw’itiro maze igasubira kubaha ubuzima. (Yobu 14:13-15) Abo Imana izozura, iyo bapfuye ntibiba biheze.