Ja ku birimwo

Umubano w’ababiranye

Ivyotuma muroranirwa

Nimwisunge Imana kugira muronke agahimbare mu mubano

Hariho ibibazo bibiri vyoroshe bishobora kubafasha kuryohora umubano wanyu.

Ni igiki cotuma umubano w’ababiranye ubamwo agahimbare?

Impanuro Bibiliya itanga ku kuntu umubano w’ababiranye wobamwo agahimbare zirafasha kubera ko ziva kuri Umwe yatanguza umubano, ari we Yehova Imana.

Ivyotuma mu rugo harangwa agahimbare

Abanega, abakenyezi, abavyeyi n’abana bokora iki kugira mu muryango iwabo habe agahimbare?

Ingo zirama: Gufashanya

Wewe n’uwo mwubakanye mwoba mumeze nk’abantu basangiye icumba gusa?

Ukuntu mwotsinda urugamba rwo mu mwaka wa mbere w’umubano w’ababiranye

Woba uherutse kurushinga? Bibiliya irashobora kugufasha gukomeza umubano wawe.

Ingene wotsimbataza ukwihangana

Igihe abantu babiri badatunganye bubakanye, ingorane ntizibura kwaduka. Ukwihangana kurahambaye kugira umubano uroranirwe.

Kwubaha uwo mwubakanye

Kwubahana mu rugo si ikintu wokora canke ntukore. Ni ikintu gikenewe. None wokwerekana gute ko wubaha uwo mwubakanye?

Niwereke uwo mwubakanye ko umukunda kugira mu mubano wanyu harangwe agahimbare

Akazi, amaganya n’imyitwarariko ya misi yose yo mu buzima birashobora gutuma abubakanye batagaragarizanya urukundo. Vyoba bishoboka ko musubira kugaragarizanya urukundo nka kera?

Nushimire uwo mwubakanye

Igihe umugabo n’umugore bitwararitse kubona ivyiza ku bo bubakanye no kubashimira, ubucuti bwabo burakomera. Wokora iki ngo ube umuntu ashima?

Ingene wokwereka uwo mwubakanye ko umukunda

Abubakanye bokwerekana gute ko bitwararikana vy’ukuri? Raba ivyiyumviro bine bishingiye kuri Bibiliya.

Ivyobafasha kwumira ku ndagano

Woba ubona ko indagano z’ukwabirana ari ikintu kikubuza umwidegemvyo, canke ubona ko ari ikintu kirinda umubano, nka kurya inanga igumya ubwato?

Nimwirinde guhemukiranira

Kudahemukira uwo mwubakanye vyoba birimwo n’ibindi uretse gusa kwirinda kurenga ibigo?

Ingene abasubiye kwubaka izabo bororanirwa

Umuntu asubiye kwubaka urwiwe arashobora kugira ingorane atigeze agira mu mubano wiwe wa mbere. Abubakanye bokora iki ngo baroranirwe?

Yemwe bagabo, nimutume abagore banyu bamererwa neza!

Umuryango woshobora kumererwa neza mu vy’ubutunzi, ariko umerewe nabi mu bundi buryo buhambaye kuruta.

Ivyotuma uhimbarwa​—Urukundo

Gukunda no gukundwa birahambaye cane kugira duhimbarwe.

Ico Bibiliya ibivugako

Bibiliya yoba ivuga ibijanye n’ukwabirana kw’abasangiye igitsina?

Uwatanguje umubano w’ababiranye ategerezwa kuba azi neza ukuntu hoba ubucuti burama kandi burangwa agahimbare.

Kugira abagabo benshi canke abagore benshi vyoba vyemewe?

Imana yoba ari yo yatanguje ivyo kugira abagabo benshi canke abagore benshi? Rimbura ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kugira abagabo benshi canke abagore benshi.

Bibiliya ivuga iki ku kwubakana n’uwo mudahuje ubwoko canke ibara ry’urukoba?

Raba ico Bibiliya ivuga ku kungana kw’amoko no ku mubano w’abubatse.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?

Impanuro zo muri Bibiliya zirashobora gufasha abubakanye kwirinda ingorane canke kuzitorera umuti.

Umubano w’ababiranye kwoba ari ukubana gusanzwe kw’abantu babiri?

Raba ingene uruhara Imana yahaye umwe wese mu bubakanye rufasha umugabo n’umugore kuroranirwa no guhimbarwa.

Ingorane n'umuti wazo

Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye

Aho kureka ngo utunenge tw’uwo mwubakanye dutume mudahuza, nugerageze kutubona mu buryo bwiza.

Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako

Ivyiyumviro bine vyogufasha kwirinda ko akazi kakwinjirira mu mubano wawe.

Icohagarika amabi akorerwa mu ngo

Impanuro zo muri Bibiliya zishobora gute gutuma n’abantu b’inkazi bimwe bidasanzwe bahinduka?

Sobukwe na nyokobukwe

Ibintu bitatu vyobafasha kugira ngo ikibazo kiri hagati yanyu n’abavyeyi banyu ntigihungabanye umubano wanyu.

Ingene mwoguma mwumvikana n’incuti zanyu

Urashobora gutera iteka abavyeyi bawe utarinze guhungabanya umubano wanyu.

Igihe mutabona ibintu kumwe

Abubakanye botorera umuti gute ingorane kandi bakaguma bafitaniye amahoro?

Wokora iki igihe uwo mwubakanye araba amashusho y’ibiterasoni?

Ni gute abubakanye bokorera hamwe kugira ngo uwiziziwe n’amashusho y’ibiterasoni abihebe maze bagasubira kwizerana?

Gutunganya ingorane mu mubano

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora kubafasha gutunganya ingorane mubigiranye urukundo n’icubahiro. Raba intambwe zine zofasha.

Amashusho y’ibiterasoni arasambura umubano

Ehe ivyiyumviro vyogufasha guheba iyo ngeso, ukagarukira umubano wanyu.

Kutamera kumwe

Vyoba bimaze gushika ukabona ko we n’uwo mwubakanye mutameze kumwe?

Ivyogufasha kureka kubika inzika

Guharira uwo mwubakanye, vyoba bisaba ko ufatira mu rwara ikosa yagukoreye canke ko umera nk’aho ata cabaye?

Ingo zirama: Kubabarirana

Ni ibiki vyogufasha kwirengagiza utunenge tw’uwo mwubakanye?

Igihe abana batakiba muhira

Abubakanye benshi baragira ingorane zikomeye igihe abana babo bageze mu bigero maze bakaja kuba ahandi. Ni ibiki vyobafasha kumenyera ubwo buzima bushasha?

Igihe urugo rwanyu rushikiwe n’ivyago

Nurondere imfashanyo ukeneye.

Ingene abubakanye bokwirinda kugiranira ishari

Igihe abubakanye bikekana kandi ntibizerane, umubano wabo ntushobora kurama. None wokwirinda gute ishari bidakenewe?

Igihe ubugenzi burenze urugero

Woba wibwira uti: ‘THS.15uri abagenzi gusa?’ Nimba ari ukwo biri, nusuzume ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira ngo urabe ko ivyo vyiyumviro ufise ari vyo.

Gutandukana no kwahukana

Kwahukana bigira ingaruka izihe ku bana?

Naho abantu bamwebamwe biyumvira ko kwahukana vyama bituma abana bamererwa neza, ubushakashatsi bwerekana ko kwahukana bigira ingaruka zibabaje ku bana.

Igihe ivyo wari witeze mu mubano bitarangutse

Umubano wanyu woba usigaye uwubona nk’agasho aho kuba isôko ry’umunezero? Hari ibintu bitanu bishobora kubafasha.

Kubaho vyoba biri n’ico bimaze igihe uhemukiwe n’uwo mwubakanye?

Abenshi mu bahemukiwe n’abo bubakanye barahumurijwe n’Ivyanditswe.

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukurenga ibigo?

Kurenga ibigo vyoba bituma umubano usambuka?

Bibiliya yoba yemera ukwahukana?

Numenye ico Imana yemera be n’ico yanka.

Twokwirinda gute kwahukana mu busaza?

None ni igiki gituma abantu bahukana mu busaza? Mwokingira gute umubano wanyu kugira ivyo ntibibashikire?

Kubandanya ubuzima inyuma y’ukwahukana

Inyuma y’ukwahukana, abantu benshi cane basanga ubuzima bugoye kuruta uko bavyiyumvira. Impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zirashobora kugufasha kuvyifatamwo neza.

Ivyabona vya Yehova babona gute ivy’ukwahukana?

Ivyabona vya Yehova boba bafasha imibano ifise ingorane? Abakurambere b’ishengero boba bafatira umuntu ingingo yo kwahukana?