Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyotuma mu rugo harangwa agahimbare

Ivyotuma mu rugo harangwa agahimbare

Kwubaka urwawe no kwibaruka ibibondo ni ingabire z’agaciro ziva ku Muremyi wacu. Yipfuza ko turonka agahimbare mu muryango. Biciye rero ku gitabu ceranda canditswe kera, yaratubwiye ivyotuma turushiriza kuroranirwa no guhimbarwa mu rugo. Raba impanuro nziza zikurikira.

Bagabo, nimukunde abagore banyu

“Abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo.”​—ABANYEFESO 5:28, 29.

Umugabo ni umutwe w’urugo. (Abanyefeso 5:23) Ariko umugabo mwiza si umuntu w’inkazi canke aguma atanga amategeko. Araha agaciro umugore wiwe kandi akitwararika ivyo akeneye ku mubiri no ku mutima. Arakora ivyo ashoboye vyose kugira anezereze umugore wiwe, kandi ntiyama ashaka ko ibintu bikorwa nk’uko we yipfuza. (Abafilipi 2:4) Aramwugurukira akamubwira uko yiyumva n’uko abona ibintu, kandi akamutega ugutwi igihe na we avuga. Ntamugirira “ishavu ry’umururazi,” ntamukubita canke ngo amubwire amajambo yo kumutuntuza.​—Abakolosayi 3:19.

Bagore, nimwubahe abagabo banyu

“Umugore . . . ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.”​—ABANYEFESO 5:33.

Igihe umugore yubaha umugabo wiwe kandi agashigikira ingingo afata, biratuma mu rugo haba amahoro. Bishitse umugabo agakora ikosa, umugore ntamusuzugura ahubwo aguma atekereje kandi amwubaha. (1 Petero 3:4) Iyo hari ingorane yipfuza kumubwira arahitamwo umwanya mwiza wo kuyimubwira kandi akabigirana icubahiro.​—Umusiguzi 3:7.

Ntuhemukire uwo mwubakanye

‘Umugabo azifatanya n’umugore wiwe maze babe umubiri umwe.’​—ITANGURIRO 2:24.

Igihe umusore n’inkumi bubakanye, baca bagiranira ubucuti budasanzwe. Ku bw’ivyo, abubakanye barakwiye kwihata kugira ngo umubano wabo ugume ukomeye mu kuza baraseruriranira akari ku mutima no mu gukoreranira utuntu turanga urukundo. Bakwiye kandi kudahemukiranira mu kwirinda kurenga ibigo. Igihe umuntu ahemukiye uwo bubakanye, buba ari ububisha budasanzwe. Biratuma badasubira kwizigirana kandi birasambura urugo.​—Abaheburayo 13:4.

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu

“Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”​—IMIGANI 22:6.

Imana yarahaye abavyeyi ibanga ryo kurera abana babo. Aho harimwo kubigisha ingene bokwigenza no kubereka akarorero keza. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Igihe umwana akoze ikosa, umuvyeyi mwiza ntaca yihutira gushavura. ‘Aratebuka kwumva, agateba kuvuga, agateba kuraka.’ (Yakobo 1:19) Iyo umuvyeyi abonye ko umwana akeneye guhanwa, ntamuhana abigiranye ishavu ahubwo abigirana urukundo.

Bana, nimugamburukire abavyeyi banyu

“Bana, mugamburukire abavyeyi banyu . . . ‘Tera iteka so na nyoko.’”​—ABANYEFESO 6:1, 2.

Abana bakwiye kugamburukira abavyeyi babo kandi bakabubaha cane. Igihe abana bagamburukiye abavyeyi babo biratuma mu rugo harangwa umunezero, amahoro n’ubumwe. Abana bakuze baratera iteka abavyeyi babo mu kwitwararika ko baronka ivyo bakeneye vyose. Aho hashobora kujamwo kubafasha kubungabunga inzu yabo no kubafasha mu vy’amahera.​—1 Timoteyo 5:3, 4.