Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYOTUMA UHIMBARWA

Urukundo

Urukundo

ABANTU BARANYOTEWE URUKUNDO. Umubano, umuryango canke ubugenzi bitagiramwo urukundo ntibishobora kurama. Uca wumva rero ko urukundo ari ntahara kugira ngo umuntu yumve ko atekaniwe kandi ahimbawe. None urwo “rukundo” ni nyabaki?

Urwo rukundo si rumwe ruba hagati y’abadasangiye igitsina, naho na rwo nyene rukenewe. Ahubwo ni urukundo ruhambaye cane, rutuma umuntu yitwararika abandi bivuye ku mutima, mbere akitaho ivyabo gusumba ivyiwe. Naho rwisunga ingingo ngenderwako z’Imana, rurimwo igishika n’ikibabarwe.

Ehe raba uko rudondorwa: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe. Ntirunezererwa ibitagororotse, ahubwo runezeranwa n’ukuri. Rurenzako muri vyose, . . . rwizigira vyose, rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.”​—1 Abakorinto 13:4-8.

Urwo rukundo “ntirwigera runanirwa” kubera ko rutigera ruhera. Nkako, uko igihe kirengana rurushiriza gukomera. Vyongeye, urwo rukundo ni “umugozi utagira akanenge wunga ubumwe” kuko rwihangana, rukagira ubuntu, kandi rugaharira. (Abakolosayi 3:14) Abafitaniye urwo rukundo rero, barumva ko batekaniwe kandi bahimbawe, ata kuraba ivyo umwe wese ahajije. Reka dufate nk’akarorero umubano w’abubatse.

BAHUZWA N’“UMUGOZI UTAGIRA AKANENGE WUNGA UBUMWE”

Yezu Kristu yarigishije ibintu bihambaye ku bijanye n’umubano. Nk’akarorero, yavuze ati: “‘Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’ . . . Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Matayo 19:5, 6) Muri ayo majambo harimwo n’imiburiburi ibintu bibiri bihambaye.

“ABO BABIRI BAZOBA UMUBIRI UMWE.” Mu bucuti abantu bagiranira, nta bwoza buruta uburi hagati y’umugabo n’umugore. Urukundo rurashobora gutuma badahemukiranira, ni ukuvuga umugabo canke umugore ntarondere kuba “umubiri umwe” n’uwo batubakanye. (1 Abakorinto 6:16; Abaheburayo 13:4) Guhemukira uwo mwubakanye bituma mutaba mucizigirana kandi birashobora gusambura umubano. Igihe mufise abana hoho, barashobora gukomereka ku mutima, bakumva ko badakundwa kandi ko batagira gitabara, canke mbere bakagira inzigo.

“ICO IMANA YABOHEYE KU NGǑGO IMWE.” Umubano kandi ni mweranda. Abubakanye bubahiriza ico kintu barihatira gukomeza umubano wabo. Iyo hadutse ingorane ntibarondera amayeri yo kuvana n’abo bubakanye. Urwo bakundana rurakomeye kandi rurigumya. “Rurenzako muri vyose,” gutyo rukabafasha gutorera umuti ingorane kugira ngo mu rugo rwabo hagume harangwa amahoro n’umwumvikano.

Igihe abavyeyi bakundana urukundo ruzira ubwikunzi, abana babo barahungukira cane. Umwigeme yitwa Jessica yavuze ati: “Dawe na mawe barakundana vy’ukuri kandi barubahana. Iyo mbonye ingene mawe yubaha dawe, na canecane imbere ya twebwe abana, nca nipfuza kumera nka we.”

Urukundo ni rwo ruza kw’isonga mu biranga Imana. Nkako, Bibiliya ivuga ko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Ntibitangaje rero kubona Yehova yitwa kandi “Imana ihimbawe.” (1 Timoteyo 1:11) Na twebwe nitwihatira kwigana Umuremyi wacu, na canecane urukundo rwiwe, tuzohimbarwa. Mu Banyefeso 5:1, 2 hagira hati: “Nimwigane Imana rero nk’abana ikunda, kandi mubandanye kugendera mu rukundo.”