Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yemwe bagabo, nimutume abagore banyu bamererwa neza!

Yemwe bagabo, nimutume abagore banyu bamererwa neza!

NI IGIKI umugabo yokora kugira ngo atume umugore wiwe yumva amerewe neza? Abantu benshi bakura bazi yuko ikintu nyamukuru umugabo yokora ari ugutuma umuryango wiwe umererwa neza mu vy’ubutunzi. Ariko rero, abagore bamwebamwe batunze barumva badafise amahoro mu mutima, mbere bakagira n’ubwoba bwinshi. Nk’akarorero, Rosa wo muri Esupanye avuga ku bijanye n’umugabo wiwe ati: “Ari mu bandi ni intore, ariko amaze kugera muhira aca akara.” Joy wo muri Nijeriya na we avuga ati: “Igihe haba hari ico jewe n’umugabo wanje tutahurijeko, yaca ambwira ngo ‘Ni je ndi umugabo ngaha; utegerezwa gukora ivyo mvuze vyose.’”

Umugabo ashobora gute gushitsa uruhara ajejwe mu buryo burimwo urukundo? Yokora iki kugira ngo urugo rwiwe rube “ahantu h’ukuruhukira,” aho umugore wiwe yumva ko amerewe neza?Rusi 1:9.

ICO BIBILIYA IVUGA KU BIJANYE N’UBUKURU ABAGABO BAFISE

Naho umugabo n’umugore bangana imbere y’Imana, Bibiliya irerekana ko umwe wese afise uruhara ajejwe mu muryango. Mu Baroma 7:2 havuga yuko umugore yubatse agengwa n’“itegeko ry’umugabo wiwe.” Nk’uko amashirahamwe menshi agena abahagarikizi kugira ngo bahagarikire ibikorwa, Imana yagenye umugabo kugira abe umutwe w’umugore wiwe. (1 Abakorinto 11:3) Abagabo ni bo bakwiye kuyobora urugo.

Bagabo, mwokoresha gute ubwo bukuru Imana yabahaye? Bibiliya ivuga iti: “Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero.” (Abanyefeso 5:25) Naho Yezu Kristu atigeze yubaka urwiwe, akarorero yatanze karashobora kugufasha kuba umugabo mwiza. Reka tubirabe.

UKUNTU YEZU YAFATA ABANTU NI AKARORERO NTANGERE ABAGABO BOKWIGANA

Yezu yararondera ukuntu yoruhurira abandi akongera akabaremururira imitwaro. Abantu bakandamizwa kandi baremerewe n’ingorane zabo, Yezu yababwiye ati: “Nimuze kuri jewe, . . . nanje ndabaruhurira.” (Matayo 11:28, 29) Yezu yaratuma bumva baruhuriwe ku mubiri akongera akabafasha kwiyegereza Imana. Ntibitangaje kubona abantu bariyegereza Yezu kuko bari bazi neza yuko abaremurura umutwaro!

Ukuntu abagabo bokwigana Yezu. Rondera uburyo butandukanye woremururira umugore wawe. Hari abagore bamwebamwe usanga biyumva nk’uko Rosa yiyumva, uno akaba yaridoze avuga ati: “Wamengo ndi umuyaya w’umugabo wanje.” Ariko umugabo umwe yitwa Kweku ahimbawe mu mubano wiwe, aratandukanye n’umugabo wa Rosa. Avuga ati: “Kenshi ndabaza umugore wanje ico nomufasha. Kubera ko ndamukunda, nama nibwiriza kumufasha ibikorwa vyo muhira.”

Yezu yari umuntu atahura kandi w’impuhwe. Hari umugore umwe ateye akagongwe yari amaze imyaka 12 arwaye indwara ikomeye. Amaze kwumva ibijanye n’ubushobozi Yezu afise bwo gukiza, “yaguma avuga ati: ‘Ninakora gusa ku mpuzu ziwe zo hejuru ndakira.’” Ivyo yiyumvira vyari vyo. Yaregereye Yezu maze arakora ku mpuzu ziwe zo hejuru aca arakira. Naho abantu bamwebamwe babibonye bashobora kuba bariyumviriye ko uwo mugore yita imbere, Yezu we yabonye ko uwo mugore yari yigorewe. * Yamubwiye n’umutima mwiza ati: “Mukobwa wanje, . . . ukire indwara yawe isesereza.” Yezu ntiyirinze gusa kumumaramaza canke kumuhambarira, ariko kandi yaramutahuye kubera indwara yiwe. Yezu yarerekanye ko yari umuntu w’impuhwe.Mariko 5:25-34.

Ukuntu abagabo bokwigana Yezu. Mu gihe umugore wawe atiyumva neza, nurushirize kumwitwararika no kumwihanganira. Nugerageze kubona ibintu nk’uko abibona wongere umutahure. Nk’akarorero Ricardo avuga ati: “Iyo mbonye ko umugore wanje yavyutse nabi, nca nirinda uko bishoboka kwose nsindamubwire amajambo yotuma amererwa nabi kuruta.”

Yezu yarayaga n’abigishwa biwe. Yezu yarayaga cane n’abigishwa biwe. Yavuze ati: “Ibintu vyose numvise kuri Dawe na[ra]bibamenyesheje.” (Yohani 15:15) Ego ni ko, vyarashika Yezu akipfuza kumara umwanya ari wenyene kugira azirikane yongere asenge. Ariko kenshi yarabwira abigishwa biwe akari ku mutima. Mw’ijoro buca yicwa nk’inkozi y’ikibi, yarabahishutse yuko “umutima [wiwe] uri n’intuntu nyinshi cane.” (Matayo 26:38) Mbere n’igihe vyashika bakamubabaza, ntiyareka kuyaga na bo.Matayo 26:40, 41.

Kuzirikana ku karorero Yezu yatanze birashobora gufasha umugabo kurushiriza kuba umunega mwiza na sebibondo mwiza

Ukuntu abagabo bokwigana Yezu. Nubwire umugore wawe ukuntu wiyumva n’ivyo wiyumvira. Birashobora gushika umugore akidoga avuga yuko umugabo wiwe yumva yisanze igihe aba ariko arayaga n’abandi, ariko yagera muhira akaguma yinumiye. Ana wewe aravuga ukuntu ahora yumva amerewe iyo umugabo wiwe ariko aramuyagira akari ku mutima. Avuga ati: “Ndiyumvamwo yuko ankunda vy’ukuri, bigatuma ndushiriza kumwiyumvamwo.”

Ntiwigere winumira kugira uhane umugore wawe. Umugore umwe avuga ati: “Igihe naba nashavuje umugabo wanje, yaca amara imisi atamvugisha. Ivyo vyatuma niyagiriza, nkumva kandi ko nsuzuguwe.” Ariko umugabo yitwa Edwin wewe aragerageza kwigana Yezu. Avuga ati: “Igihe umugore wanje anshavuje, sinca ngira ico nkoze ubwo nyene. Ndarindira gushika turonse umwanya mwiza wo kuyaga iyo ngorane.”

Umugabo w’umwe Joy twavuga mu ntango, yaragize amahinduka kuva aho atanguriye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Joy avuga ati: “Yarahindutse kandi arihatira cane kwigana Yezu kugira arushirize kuba umunega ankunda.” Abubakanye amamiliyoni bariko barungukira kuri iyo nyigisho yo muri Bibiliya. Woba nawe ushaka kuronka iyo nyigisho? Urashobora gusaba Icabona ca Yehova akwigishe Bibiliya ku buntu.

^ par. 10 Twisunze ya Mategeko Imana yahaye Musa, uwo mugore yari ahumanye kandi uwo yakorako wese na we nyene yaca abonwa yuko ahumanye.Abalewi 15:19, 25.