Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wokora iki igihe uwo mwubakanye araba amashusho y’ibiterasoni?

Wokora iki igihe uwo mwubakanye araba amashusho y’ibiterasoni?
  • «Numvise umenga umugabo wanje yari yarenze ibigo incuro n’izindi.»

  • «Narumva ibimaramare, nkumva ko ntabereye kandi ko ataco maze.»

  • «Ntawe nashobora kubibwira. Nababarira mu mutima.»

  • «Numva umenga Yehova ntambabaye.»

Ayo majambo arerekana ukuntu umukenyezi ababara igihe umugabo wiwe araba amashusho y’ibiterasoni. Nimba uwo mugabo yamaze igihe abikorera mu mpisho, kumbure mu kiringo c’amezi canke imyaka, uwo mugore ashobora kwumva ko atosubira kumwizera. Umugore umwe ni we yavuze ati: «Naribajije nti “Uwu ni wa mugabo wanje nzi? Ubwo nta bindi bintu ampisha?”»

Iki kiganiro categuriwe abagore bafise abagabo baraba amashusho y’ibiterasoni. a Kiraca irya n’ino ingingo ngenderwako zihoza bene abo bagore, zikabahumuriza ko Yehova abashigikiye, zikabafasha gusubirana ku mutima no kuguma biyegereje Imana. b

WOKORA IKI?

Naho udashobora guhagarika ivyo umugabo wawe akora, urashobora gukora ibintu vyogabanya intuntu ufise maze ukarushiriza kugira amahoro yo mu mutima. Ehe ivyo wokora.

Ntiwiteko amakosa. Umugore arashobora kwumva umenga kuba umugabo wiwe araba amashusho y’ibiterasoni hari ukuntu abifisemwo uruhara. Alice c na we yibwira ko uko biri kwose atameze nk’abandi bagore. Yibaza ati: «Bigenda gute ngo umugabo wanje aryoherwe no kuraba abandi bagore nanje ndi ng’aha?» Abagore bamwebamwe baritako amakosa, bakiyumvira ko uko bavyifatamwo ari vyo bituma ibintu vyunyuka. Danielle avuga ati: «Nabona umengo ndi umugore ameze nabi yariko arasambura urugo rwiwe kubera ishavu rirenze.»

Nimba nawe ari uko wiyumva, numenye ko Yehova atakwagiriza ivyo umugabo wawe akora. Muri Yakobo 1:14 havuga hati: «Umwe wese arageragezwa iyo icipfuzo ciwe bwite kimukwegakweze, kikamuryosharyosha.» (Rom. 14:12; Flp. 2:12) Yehova ntagutako amakosa, ahubwo araha agaciro ukuntu uguma uri intahemuka.​—2 Ngo. 16:9.

Vyoba vyiza kandi utahuye ko kuba umugabo araba amashusho y’ibiterasoni bidasobanura ko umugore wiwe hariho ivyo ahajije. Abahinga muri ivyo bavuga ko kuraba amashusho y’ibiterasoni bituma umugabo agira ivyipfuzo vy’umubiri birenze ku buryo ata mugore n’umwe yomumara ipfa.

Niwirinde guhagarika umutima birenze urugero. Umugore yitwa Catherine yavuze ko umwanya wose yawumara ariko yiyumvira ukuntu umugabo wiwe araba amashusho y’ibiterasoni. Frances na we yavuze ati: «Ndahagarika umutima igihe cose ntazi iyo umugabo wanje ari. Umusi wose urinda uhera umutima uri mu kirere.» Abandi bagore baravuze ukuntu bumva isoni iyo bari kumwe n’abakirisu bagenzi babo bashobora kuba bazi ingorane abagabo babo bafise. Hari n’abandi bavuze ko bumva umengo ni banyamwigendako kubera biyumvira ko ata n’umwe atahura ibibazo barimwo.

Kwiyumva gutyo ni ibisanzwe. Mugabo kugumana izo nyiyumvo bituma urushiriza guhagarika umutima. Gerageza nyabuna kugumiza umutima ku bucuti ufitaniye na Yehova. Ivyo bizogufasha kwihangana.​—Zab. 62:2; Ef. 6:10.

Hari aho vyogufasha hamwe wosoma ukongera ukazirikana inkuru zo muri Bibiliya z’abagore bari batuntuye maze bakaronka uruhoza kubera ko bituye Yehova mw’isengesho. Bose ntiyabakuyeko ingorane bari bafise, mugabo yaratumye bagira amahoro. Nk’akarorero, Hana yari «adundumiwe rwose» kubera ingorane yari afise. Mugabo aho «[amariye] umwanya muremure asengera imbere ya Yehova», yarumvise afise amahoro naho atari azi ingene ivyiwe vyohavuye bigenda.​—1 Sam. 1:10, 12, 18; 2 Kor. 1:3, 4.

Hari aho vyokenerwa ko umugabo n’umugore bompi barondera imfashanyo mu bakurambere

Nusabe imfashanyo abakurambere bo mw’ishengero. Barashobora kukubera «nk’ahantu ho kwikinga umuyaga, nk’ahantu ho kwugama imvura y’igihuhusi.» (Yes. 32:2) Boshobora no kukubwira mushiki wacu wokwitura maze akakuremesha.​—Imig. 17:17.

WOBA USHOBORA KUMUFASHA?

Woba woshobora gufasha umugabo wawe guheba iyo ngeso yo kuraba amashusho y’ibiterasoni? Birashoboka. Bibiliya yerekana ko mu bijanye no gutorera umuti ingorane canke kunesha umwansi akomeye, «babiri baruta umwe.» (Umus. 4:9-12) Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko kenshi bigenda neza iyo abubakanye basenyeye ku mugozi umwe kugira uwiziziwe n’amashusho y’ibiterasoni ahebe iyo ngeso, basubire no kwizigirana.

Ariko ntiwumve, ahanini bizovana n’uko uwo mwubakanye yiyemeje vy’ukuri guhagarika kuraba ayo mashusho y’ibiterasoni. Yoba yaratakambiye Yehova ngo amuhe inkomezi yongera arasaba abakurambere ngo bamufashe? (2 Kor. 4:7; Yak. 5:14, 15) Hoba hari ivyo yatunganije kugira ngo yirinde kugwa muri uwo mutego? Nk’akarorero, yoba yarishingiye akarimbi mu bijanye n’ingene akoresha utwuma two mu buhinga bwa none? Yoba yirinda ibintu vyotuma agwa muri uwo mutego? (Imig. 27:12) Yoba yemera ko umufasha akanakubwiza ukuri muri vyose? Nimba ari uko, vyoshoboka ko umufasha.

Womufasha gute? Raba aka karorero. Ethan umugabo wa Felicia yari yariziziwe n’amashusho y’ibiterasoni akiri umwana. Felicia aratuma umugabo wiwe yoroherwa no kubimubwira igihe cose icipfuzo kije co gusubira kuraba ayo mashusho. Ethan avuga ati: «Ndugurukira umugore wanje nkamubwiza ukuri. Aramfasha gushiraho uturimbi abigiranye urukundo akaza arambaza uko vyifashe. Aramfasha no kwishingira uturimbi mu bijanye no gukoresha internet.» Mu bisanzwe Felicia biramubabaza kubona Ethan yipfuza kuraba ayo mashusho y’ibiterasoni. Avuga ati: «Mugabo kwumva ishavu n’umubabaro ntibimufasha guheba iyo ngeso. Tumaze kwihweza ico kibazo ciwe, na we aca amfasha gutsinda uwo mubabaro mba mfise.»

Ibiyago nk’ivyo ntibifasha gusa umugabo kwirinda amashusho y’ibiterasoni, birafasha n’umugore wiwe gusubira kumwizigira. Nakare iyo umugabo yemera kuvuga ubugoyagoye bwiwe, iyo ari n’ivyo arimwo, umugore wiwe aca abona ko ata co akimuhisha.

Woba wibaza ko ushobora gufasha umugabo wawe muri ubwo buryo? Nimba ari uko, ubona gute musomeye hamwe iki kiganiro mukakiganirako? Intumbero yiwe izoba ari iyo guheba amashusho y’ibiterasoni no gutuma usubira kumwizigira. Aho kubabazwa n’ukuntu uhagaritse umutima, akwiye nyabuna kugerageza gutahura ukuntu iyo ngorane ituma wiyumva. Intumbero yawe ni iyo kumufata mu mugongo kugira ahebe iyo ngeso no kumuha akaryo ko kugira ivyo akoze kugira usubire kumwizigira. Uko muri babiri, muzokenera kumenya igituma abantu baraba amashusho y’ibiterasoni n’ukuntu umuntu ashobora gutsinda iyo ngorane. d

Nimba wibaza ko ivyo biyago vyohava bijamwo uguhazuka, urashobora gusaba umukurambere mwese mwiyumvamwo akamara igihe aza arayobora ivyo biyago. Numenye ko naho uwo mwubakanye yoba amaze guheba ingeso yo kuraba amashusho y’ibiterasoni, bishobora gutwara igihe kirekire kugira usubire kumwizigira. Ntutane n’akabando. Za uraraba amahinduka ariko araba mu mubano wanyu naho yoba ari matomato. Niwizigire yuko nimutihebura, umubano wanyu amaherezo uzosubira gukomera.​—Umus. 7:8; 1 Kor. 13:4.

BIBANDANIJE NA HO?

Bishitse umugabo wawe agasubira kuraba ayo mashusho, vyoba bisobanura ko atigaya canke ko ata kizovamwo? Si ngombwa. Nimba yariziziwe n’ayo mashusho, arashobora kuzoguma arwana urwo rugamba ubuzima bwiwe bwose. Vyoshika akayaraba hari haciye imyaka adaherutse. Kugira yirinde kuzosubira kubirwamwo, arakeneye kwishingira uturimbi dukomeye cane, kumbure akaguma yubahiriza ingingo yishiriyeho naho yoba abona ko iyo ngorane isa n’iyaheze. (Imig. 28:14; Mat. 5:29; 1 Kor. 10:12) Azokenera guhindura “uburyo yiyumvira” akiga “kwanka ikibi”, ni ukuvuga amashusho y’ibiterasoni n’izindi ngeso zihumanye bijanye nko kwimara inambu y’umubiri ari wenyene. (Ef. 4:23; Zab. 97:10; Rom. 12:9) Yoba yiteguriye kubikora? Nimba yiteguriye kubikora, hari aho vyogenda neza. e

Gumiza umutima ku bucuti ufitaniye na Yehova

Wokora iki nimba umugabo wawe adashaka gutsinda iyo ngeso? Birumvikana ko bizoza birashika ukumva uvunitse umutima, ushavuye kandi ukumva ko uhemukiwe. Nurondere amahoro yo mu mutima mu kurekera ibintu mu maboko ya Yehova. (1 Pet. 5:7) Nubandanye kwiyegereza Yehova mu kwiyigisha, mw’isengesho no mu kuzirikana. Niwabigira, numenye neza ko na we nyene azokwiyegereza cane. Nk’uko muri Yesaya 57:15 havyerekana, abana «n’abajanjaguritse bafise umutima uciye bugufi», kugira abafashe basubire kugira umunezero. Niwihatire kuba umukirisu w’akarorero. Nurondere imfashanyo mu bakurambere. Ugume wizigiye ko hari igihe umugabo wawe azogira amahinduka avuye ku mutima.​—Rom. 2:4; 2 Pet. 3:9.

a Kugira tworoshe ibintu, tuza kuvuga ko umugabo ari we araba amashusho y’ibiterasoni. Ariko ingingo ngenderwako nyinshi zo muri iki kiganiro ziragirira akamaro n’abagabo bafise abagore baraba amashusho y’ibiterasoni.

b Kuraba amashusho y’ibiterasoni si imvo ishingiye ku vyanditswe yotuma haba ukwahukana.​—Mat. 19:9.

c Siko basanzwe bitwa.

e Kubera ko amashusho y’ibiterasoni yizizira umuntu, imiryango imwimwe ihitamwo kwitura abahinga babinonosoye naho iba iriko irafashwa n’abungere bo mw’ishengero.