Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku kwubakana n’uwo mudahuje ubwoko canke ibara ry’urukoba?

Bibiliya ivuga iki ku kwubakana n’uwo mudahuje ubwoko canke ibara ry’urukoba?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imana iremera ko umugabo n’umugore badahuje ubwoko canke ibara ry’urukoba bubakana kubera ko ibona ko amoko yose angana. Bibiliya ivuga iti: “Imana ifata bose kumwe . . . , itaravye ubwoko.”—Ivyakozwe 10:34, 35, Good News Translation.

 Ehe izindi ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’umubano w’ababiranye be n’ukungana kw’amoko.

Amoko yose akomoka hamwe

 Abantu bose bakomoka kuri wa mugabo wa mbere Adamu n’umugore wiwe Eva, uwo Bibiliya yita “nyina w’abazima bose.” (Itanguriro 3:20) Ni co gituma Bibiliya ivuga ku bijanye n’Imana iti: “Yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe.” (Ivyakozwe 17:26) Abantu bose, ata kuraba ibara ry’urukoba canke ubwoko, ni umuryango umwe. Wokora iki none nimba aho ubaye hari ukwinubana gushingiye ku moko canke kw’ibara ry’urukoba kibure hari ugutandukanya abantu hishimikijwe ikibanza bafise mu kibano?

Abantu b’inkerebutsi ‘baraja inama’

 Imana iremera rwose ko abadasangiye ubwoko canke ibara ry’urukoba babana naho atari bose babibona gutyo. (Yesaya 55:8, 9) Nimba utegekanya kwubakana n’uwo mudasangiye ubwoko canke ibara ry’urukoba, mwe n’uwo muzokwubakana mukwiye kuganira kuri ibi bikurikira:

  •   Muzokora iki abo mu karere iwanyu canke mu muryango nibabaremera?

  •   Muzofasha gute abana banyu kwihanganira ukubinuba?

 ‘Kuja inama’ muri ubwo buryo birashobora gutuma umubano wanyu w’abubatse umera neza.—Imigani 13:10; 21:5.