Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Ni igiki cotuma umubano w’ababiranye ubamwo agahimbare?

Impanuro Bibiliya itanga ku kuntu umubano w’ababiranye wobamwo agahimbare zirafasha kubera ko ziva kuri Umwe yatanguza umubano, ari we Yehova Imana. Ziradufasha gutsimbataza kamere zishobora gutuma umubano ubamwo agahimbare, zikongera zikatugabisha ku nyifato zishobora kwonona umubano. Ziratwereka kandi uburyo bwo guseruriranira akari ku mutima butuma umubano urushiriza kugira agahimbare.Soma Abakolosayi 3:8-10, 12-14.

Abagabo n’abagore bakwiye guterana iteka kandi bakubahana. Igihe umwe wese yemeye kurangura uruhara Imana yamushinze mu mubano, barashobora kugira agahimbare.Soma Abakolosayi 3:18, 19.

Ni igiki gituma umubano uramba?

Igihe abubakanye bakundana, umubano wabo uraramba. Imana iratwigisha gukundana. Imana be n’Umwana wayo Yezu ni uburorero butagira agahaze bw’ingene twokwerekana urukundo rwo kwitanga.Soma 1 Yohani 4:7, 8, 19.

Igihe umugabo n’umugore bubaha umubano w’ababiranye bakabona ko ari intunganyo yashizweho n’Imana, umubano wabo uraramba. Imana yashinze umubano kugira ngo umugabo n’umugore babane ibihe vyose, gutyo imiryango itekanirwe. Umubano urashobora kuramba kubera ko Imana yaremye umugabo n’umugore ngo umwe wese afashe mugenziwe kumererwa neza ku mubiri no mu mutima. Vyongeye, yabaremye mw’ishusho yayo, ibaremana ubushobozi bwo kwigana urukundo rwayo.Soma Itanguriro 1:27; 2:18, 24.