Ja ku birimwo

Ivyotuma mu rugo haba agahimbare

Ukuntu mwotsinda urugamba rwo mu mwaka wa mbere w’umubano w’ababiranye

Ukuntu mwotsinda urugamba rwo mu mwaka wa mbere w’umubano w’ababiranye

Umunega avuga ati: “Ndatangazwa no kubona ukuntu twe n’umukenyezi wanje dutandukanye cane! Nk’akarorero, jewe nshima kuvyuka hakiri kare, wewe agashima kuryama atevye. Ku bijanye n’ukuntu aguma ahindagurika, umwanya umwe ugasanga araryohewe, uwundi mwanya ugasanga yashavuye, vyovyo biransiga! Ikindi na co, iyo ndiko ndakinjika aguma antora amakosa, na canecane ku bijanye n’ukuntu nihanaguza iminwe agatambara ko guhanagura amasahani.”

Umukenyezi avuga ati: “Umunega wanje ni umuntu avuga make. Mugabo jewe namenyereye abo mu muryango iwacu. Baratera inkuru cane, na canecane mu bihe vyo gufungura. Igihe na ho umunega wanje aba ariko arakinjika, akoresha agatambara kamwe mu guhanagura amasahani no mu kwihanagura iminwe! Ivyo birandya mu mutwe! Jewe abagabo sindabumva! None abandi bo babigenza gute kugira baroranirwe mu mubano?”

NIMBA uherutse kurushinga, woba umaze guhura n’ingorane zisa n’izo? Woba ubona umengo uwo mwubakanye yaciye bukwi na bukwi atangura kugira udukosa n’utunenge atari afise igihe mwareshanya? Wokora iki kugira ngo ntimubangamirwe cane n’‘ingorane za buri musi abubatse bagira’?—1 Abakorinto 7:28, Today’s English Version.

Ubwa mbere, ntiwitege ko mwe n’uwo mwubakanye muca ubwo nyene muba abahanga mu bijanye n’umubano w’ababiranye ngo ni uko gusa mwagiraniye indagano z’ukwabirana. Ukiri umusore canke inkumi, ushobora kuba warize ubuhanga ngirakamaro bwo kubana n’abandi, kandi ushobora kuba waraburyohoye mu gihe c’ukureshanya. Ariko rero, umubano uzogeza ubwo buhanga mu bundi buryo utari umenyereye, kandi umubano urashobora kuzogusaba ko wiga ubuhanga bushasha. Vyoba bizoshika ugakora amakosa? Nta kabuza uzoyakora. Vyoba bishoboka ko wiga ubuhanga bwogufasha? Emwe, igishoboka co ni ico!

Uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kuryohora ubuhanga ubwo ari bwo bwose, ni uguhanuza umuhinga mu bijanye n’ico kintu maze ugaca ushira mu ngiro impanuro aguhaye. Umuhinga aruta abandi bose mu bijanye n’umubano w’ababiranye ni Yehova Imana. Nkako, ni we yaturemanye icipfuzo co kwabirana. (Itanguriro 2:22-24) Raba ukuntu Ijambo ryiwe Bibiliya rishobora kugufasha gutsinda ingorane no kuronka ubuhanga ukeneye kugira ngo utume umubano wanyu uroranirwa mu mwaka wa mbere no mu yikurikira.

UBUHANGA BWA 1. NIMWIGE KUJA INAMA

Ingorane ni izihe?

Uwitwa Keiji, * akaba ari umunega aba mu Buyapani, vyarashika akibagira yuko ingingo afata zigira ico zikoze ku mukenyezi wiwe. Avuga ati: “Naremera ubutumire ntagishije inama umukenyezi wanje. Mu nyuma nasanga bitamworohera kwitaba ubwo butumire.” Umunega wo muri Ositaraliya yitwa Allen na we avuga ati: “Nibwira ko ata mugabo wo kugisha inama umugore.” Ivyo vyaramubereye urugamba kubera aho yari yarakuriye. Ni na ko vyari biri ku witwa Dianne aba mu Bwongereza. Avuga ati: “Nari menyereye guhanuza abo mu muryango iwacu, akaba ari co gituma ari bo nabanza kugisha inama mu gufata ingingo aho kugisha inama umunega wanje.”

Umuti ni uwuhe?

Niwibuke yuko Yehova Imana abona ko abubakanye ari “umubiri umwe.” (Matayo 19:3-6) Abona ko ata bundi bucuti umuntu ashobora kugiranira n’uwundi bwoza buruta uburi hagati y’umugabo n’umugore! Kugira ngo ubwo bucuti bugume bukomeye, uguseruranira neza akari ku mutima ni ntahara.

Umugabo n’umugore barashobora kugira vyinshi bize mu kwihweza uburyo Yehova Imana yayaze na Aburahamu. Nk’akarorero, turakwinginze usome ikiyago dusanga mw’ Itanguriro 18:17-33. Urabona ko Imana yateye iteka Aburahamu mu buryo butatu. (1) Yehova yaramusiguriye ivyo yagomba gukora. (2) Yarateze amatwi igihe Aburahamu yasigura ukuntu abona ibintu. (3) Ku rugero rwose rushoboka, Yehova yarashize aho Aburahamu ashize. None wokwigana gute ako karorero igihe uja inama n’uwo mwubakanye?

GERAGEZA IKI KINTU: Igihe muriko muraganira ku bintu bishobora kugira ico bikoze ku wo mwubakanye, (1) numusigurire ukuntu wipfuza kubitunganya, ariko ushikirize ivyiyumviro vyawe nk’inama umugisha, atari nk’ingingo ntabanduka canke ikintu ategerezwa kwemera vyanka vyakunda; (2) nusabe uwo mwubakanye aserure iryo agona kandi wemere ko afise uburenganzira bwo kugira iciyumviro gitandukanye n’icawe; wongere (3) ureke “ukugira ibitegereka kwa[we] kumenyekane” mu gushira aho umugenzi wawe ashize igihe cose bishoboka.—Abafilipi 4:5.

UBUHANGA BWA 2. NIMWIGE KWIGENGESERA

Ingorane ni iyihe?

Bivanye n’umuryango canke imico kama wakuriyemwo, woshobora kuba usanzwe uri umuntu adakurwa kw’ijambo canke mbere avuga atigengesera. Nk’akarorero, uwitwa Liam aba i Buraya avuga ati: “Aho nturuka usanga abantu badakunda cane kwigengesera. Kuba naserura akari ku mutima ata kwigengesera akenshi vyarababaza umukenyezi wanje. Nabwirijwe kwiga ukuntu norushiriza kuba umuntu yitonda.”

Umuti ni uwuhe?

Ntiwibwire ko uwo mwubakanye yipfuza ko umuvugisha mu buryo wamenyereye. (Abafilipi 2:3, 4) Impanuro intumwa Paulo yahaye umumisiyonari umwe irashobora gufasha n’abaherutse kurushinga. Yanditse ati: “Umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu atekereza.” Mu kigiriki co mu ntango, ijambo ryahinduwe ngo “atekereza” rirashobora kandi guhindurwa ngo “yigengesera.” (2 Timoteyo 2:24) Ukwigengesera ni ubushobozi bwo kumenya ko ikintu kanaka gisaba ko wengenga maze ukakigenza buhoro, ata we urinze kubabaza.

GERAGEZA IKI KINTU: Igihe uriko uravugana n’uwo mwubakanye yagushavuje, nuse n’uwubona ko utariko uravugana n’umukenyezi canke umunega wawe, ahubwo ko uriko uravugana n’umugenzi somambike canke umukoresha wawe. Mbega ntiwoca uhindura ijwi canke amajambo ukoresha? Nuce wibaza igituma uwo mwubakanye abereye ko umuvugisha n’icubahiro be n’ukwigengesera kuruta mbere umugenzi canke umukoresha wawe.—Abakolosayi 4:6.

UBUHANGA BWA 3. NIMWIGE KUMENYERA AMABANGA MASHASHA MUJEJWE

Ingorane ni iyihe?

Mu ntango, umunega yoshobora gukoresha nabinabi ubukuru afise mu rugo, umukenyezi na we ugasanga ntamenyereye gushikiriza ivyiyumviro abigiranye ukwigengesera. Nk’akarorero, uwitwa Antonio, akaba ari umunega wo mu Butaliyano, avuga ati: “Dawe ni gake yagisha inama mawe ku bijanye n’ingingo zerekeye umuryango. Ni co gituma mu ntango nayobora urugo rwanje nk’aho umengo nari umwami yica agakiza.” Umukenyezi umwe wo muri Kanada yitwa Debbie na we avuga ati: “Narasaba ko umunega wanje yorushiriza kuba umunyarutonde. Ariko kuba nabimubwira nk’uwumutegeka wamengo nta kindi vyavamwo atari ugutuma arushiriza kugira akagagazo.”

Umuti ni uwuhe ku munega?

Abanega bamwebamwe usanga ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuyoboka kw’umukenyezi bavyitiranya n’ivyo ivuga ku kugamburuka umwana asabwa imbere y’umuvyeyi wiwe. (Abakolosayi 3:20; 1 Petero 3:1) Ariko rero, Bibiliya ivuga yuko umugabo abwirizwa “[kwi]fatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri ba[ka]ba umubiri umwe”; yamara ivyo si vyo ivuga ku bijanye n’umuvyeyi be n’umwana. (Matayo 19:5) Yehova avuga ko umukenyezi ari umufasha akwiranye n’umunega wiwe canke umwunganizi wiwe. (Itanguriro 2:18) Ntiyigera avuga ko umwana ari umufasha akwiranye n’umuvyeyi wiwe canke umwunganizi wiwe. Niba umunega afata umukenyezi wiwe nk’umwana, ubwo aba ariko arubahiriza intunganyo y’ukwabirana? Uvyibazako iki?

Mu bisanzwe, Ijambo ry’Imana riguhimiriza gufata umukenyezi wawe nk’uko Yezu afata ishengero rya gikirisu. Urashobora gutuma umukenyezi wawe bimworohera kubona ko uri umutwe wiwe igihe (1) utitega ko aca ubwo nyene akuyobokera ata gahaze ukongera (2) ukamukunda nk’uko ukunda umubiri wawe bwite, n’igihe nyene ingorane ziba zadutse.—Abanyefeso 5:25-29.

Umuti ni uwuhe ku mukenyezi?

Niwemere ko umunega wawe ubu ari we mutwe Imana yakugeneye. (1 Abakorinto 11:3) Igihe wubashe umunega wawe, uba wubashe Imana. Igihe uteye akagere ubukuru afise mu rugo, ntuba werekanye gusa ukuntu ubona umunega wawe, ariko kandi uba werekanye ukuntu ubona Imana be n’ivyo isaba.—Abakolosayi 3:18.

Igihe muriko muraganira ku bibazo bigoye, niwige guhangana n’iyo ngorane aho guhangana na kamere y’umunega wawe. Nk’akarorero, Umwamikazi Esiteri yaripfuje ko umunega wiwe, ari we Mwami Ahasuwerusi, yokosora ikintu c’akarenganyo cari cabaye. Aho guhangara umunega wiwe, Esiteri yaseruye akari ku mutima abigiranye ukwigengesera. Uwo munega wiwe yaremeye inama amugiriye, arahava akora ikibereye. (Esiteri 7:1-4; 8:3-8) Umunega wawe bizomushobokera rwose ko yiga kugukunda cane igihe (1) umuha umwanya ukwiye kugira ngo amenyere ibanga rishasha ajejwe ryo kuba umutwe w’urugo, ukongera (2) ukamugaragariza icubahiro, n’igihe nyene aba yakosheje.—Abanyefeso 5:33.

GERAGEZA IKI KINTU: Aho kuguma wandika ibintu wibaza ko uwo mwubakanye akwiye guhindura, nugume wandika urutonde rw’ivyo ubwawe ukeneye guhindura. Munega, bishitse ukababaza umukenyezi wawe bivanye n’ukuntu ukoresha canke ukuntu udakoresha ubukuru ufise mu rugo, numubaze ukuntu ushobora kugira ico uryohoye, maze wandike inama akugiriye. Mukenyezi, bishitse umunega wawe akiyumvamwo ko utariko uramwubaha, numubaze ukuntu wogira ico uryohoye, maze wandike inama akugiriye.

Nugume witega ibitegereka

Kwiga kuzigama umubano w’ababiranye urangwamwo agahimbare kandi utarimwo ukurenza urugero bisa no kwiga kunyonga ikinga. Witega ko bizoshika ukaza uragwa uko ugenda uramenyera kurinyonga. Muri ubwo buryo nyene, ukwiye kwitega ko bizoza birashika ugakora udukosa tubabaje uko ugenda umenyera kubana n’uwo mwubakanye.

Nugumane urweze. Nufatane uburemere ibiraje ishinga uwo mwubakanye, ariko wige kwitwenga igihe bishitse ugakora udukosa. Ntugishe uturyo two kunezereza uwo mwubakanye mu mwaka wa mbere w’umubano wanyu. (Gusubira mu vyagezwe 24:5) Ikiruta vyose, nureke Ijambo ry’Imana riyobore ubucuti mufitaniye. Niwabigenza gutyo, umubano wanyu uzogenda urushiriza gukomera umwaka ku mwaka.

^ par. 9 Bamwebamwe si ko bitwa.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Uwo twubakanye yoba ari we mujanama wanje somambike, canke noba mpitamwo kugisha inama abandi?

  • Mu masaha 24 aheze, ni igiki neza na neza noba nakoze cerekana ko nkunda kandi nubaha uwo twubakanye?