Ja ku birimwo

Abamarayika ni bande?

Abamarayika ni bande?

Inyishu Bibiliya itanga

 Abamarayika ni ibiremwa bifise ububasha burengeye ubw’abantu. (2 Petero 2:​11) Abamarayika baba mw’ijuru, hakaba ari ahantu kure cane ata muntu ashobora kubona. (1 Abami 8:​27; Yohani 6:​38) Ni co gituma abamarayika bitwa kandi ibiremwa vy’impwemu.​—1 Abami 22:21; Zaburi 18:10.

Abamarayika bavuye hehe?

 Yezu ni we Imana yakoresheje mu kurema abamarayika, Bibiliya ikaba imwita “imfura mu biremwa vyose.” Mu kwerekana ingene Imana yakoresheje Yezu mu kurema, Bibiliya ivuga iti: “Biciye kuri [Yezu ni] ho ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka,” harimwo n’abamarayika. (Abakolosayi 1:13-17) Abamarayika ntibarongora kandi ntibarondoka. (Mariko 12:25) Ahubwo riho, umwumwe wese muri abo “bana b’Imana y’ukuri” yararemwe.​—Yobu 1:6.

 Abamarayika baremwe kera cane, imbere y’uko isi ibaho. Igihe Imana yarema isi, abamarayika baciye “[batangura] gusamiriza impundu.”​—Yobu 38:4-7.

Abamarayika ni bangahe?

 Bibiliya ntivuga igitigiri nyezina, ariko irerekana ko ari benshi cane. Nk’akarorero, mu bintu intumwa Yohani yeretswe, hariho aho yabonye amamiliyoni amajana n’amajana y’abamarayika.—Ivyahishuwe 5:11.

Umumarayika umwumwe wese, yoba afise izina na kameremere?

 Egome. Bibiliya iravuga amazina y’abamarayika babiri: Mikayeli na Gaburiyeli. (Daniyeli 12:1; Luka 1:26) a Hari abandi bamarayika biyemereye ko bafise amazina, mugabo ntibayahishuye.​—Itanguriro 32:29; Abacamanza 13:17, 18.

 Abamarayika bafise kameremere zitandukanye. Barashobora kuyaga hagati yabo. (1 Abakorinto 13:1) Barashobora kwiyumvira kandi barashobora guhimbaza Imana. (Luka 2:13, 14) Kandi barafise uburenganzira bwo kwihitiramwo gukora iciza canke ikibi, mbere hariho abahisemwo ikibi mu kwiyunga kuri Shetani baragarariza Imana.​ —Matayo 25:41; 2 Petero 2:4.

Hoba hariho inzego mu bamarayika?

 Egome. Umumarayika afise ububasha n’ubushobozi bukomeye kuruta abandi bose ni Mikayeli, umumarayika mukuru. (Yuda 9; Ivyahishuwe 12:7) Abaserafi ni bo bamarayika bo ku rwego rwo hejuru bakorera hafi y’intebe y’ubwami ya Yehova. (Yesaya 6:2, 6) Abakerubi na bo nyene ni abamarayika bo ku rwego rwo hejuru barangura ibikorwa bidasanzwe. Nk’akarorero, igihe Adamu na Eva birukanwa mu murima wa Edeni, abakerubi ni bo bagumye bacungereye inzira ija muri uwo murima.​—Itanguriro 3:23, 24.

Abamarayika boba bafasha abantu?

 Egome, muri iki gihe Imana irakoresha abamarayika bayo b’abizigirwa kugira ifashe abantu.

Buri muntu wese yoba afise umumarayika amujejwe?

 Naho abamarayika bitwararika ko abasavyi b’Imana baguma bafitaniye ubucuti bwiza na yo, ivyo ntibisigura ko Imana yahaye buri muntu wese umumarayika amujejwe. b (Matayo 18:10) Abamarayika ntibakingira abasavyi b’Imana mu ngorane zose canke mu bigeragezo vyose. Bibiliya yerekana ko akenshi Imana izoza ‘iracira icanzo’ abantu bari mu bigeragezo mu kubaha ubwenge be n’inkomezi bibafasha kuvyihanganira.​—1 Abakorinto 10:12, 13; Yakobo 1:2-5.

Ivyiyumviro bitari vyo vyerekeye abamarayika

 Iciyumviro kitari co: Abamarayika bose ni beza.

 Ukuri: Bibiliya iravuga ibijanye n’“ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha” hamwe n’‘abamarayika bacumuye.’ (Abanyefeso 6:12; 2 Petero 2:4) Abo bamarayika babi ni amadayimoni, bakaba bariyunze kuri Shetani mu mugambi wo kugarariza Imana.

 Iciyumviro kitari co: Abamarayika ntibapfa.

 Ukuri: Abamarayika babi, tutibagiye na Shetani wa Mubesheranyi, bazorandurwa.​—Yuda 6.

 Iciyumviro kitari co: Iyo abantu bapfuye baca bahinduka abamarayika.

 Ukuri: Abamarayika baremwe n’Imana, si abantu bazutse. (Abakolosayi 1:16) Abantu bazukira kuba mw’ijuru bararonka ingabirano iva ku Mana y’ubuzima budashobora gupfa. (1 Abakorinto 15:53, 54) Abo bantu bazoba bafise igikorwa kiruta ic’abamarayika.​—1 Abakorinto 6:3.

 Iciyumviro kitari co: Abamarayika bariho kugira bakorere abantu.

 Ukuri: Abamarayika bisunga amategeko ya Yehova, si amategeko yacu. (Zaburi 103:20, 21) Mbere na Yezu yariyemereye ko igihe akeneye ko abamarayika bamufasha abisaba Imana, ntabisaba nya bamarayika.​—Matayo 26:53.

 Iciyumviro kitari co: Turashobora gusenga abamarayika ngo badufashe.

 Ukuri: Yehova Imana ni we wenyene dukwiye gusenga. (Ivyahishuwe 19:10) Dukwiye gusenga Imana yonyene, tukabicisha mw’izina rya Yezu.​—Yohani 14:6.

a Hari Bibiliya zimwezimwe zikoresha ijambo “Lusiferi” muri Yesaya 14:12, abantu bamwe bakaba bibaza ko ari izina ry’umumarayika yahavuye ahinduka Shetani. Ariko rero, ijambo rikoreshwa kuri uwo murongo mu giheburayo Bibiliya yatanguye kwandikwamwo, risigura ngo “wewe ukayangana.” Iyindi mirongo yo muri ico kigabane irerekana ko iryo jambo riterekeza kuri Shetani, ariko ko ryerekeza ku bami ba Babiloni, Imana ikaba yagira ibacishe bugufi kubera bishira hejuru. (Yesaya 14:4, 13-20) Akajambo ngo “wewe ukayangana” kakoreshejwe mu gutwenga ubwo butegetsi aho bumariye gusenyurwa.

b Hari abiyumvira ko inkuru ivuga ingene umumarayika yakuye Petero mw’ibohero ari ikimenyamenya c’uko Petero yari afise umumarayika amujejwe. (Ivyakozwe 12:6-16) Ariko rero, igihe abigishwa bavuga ngo “Ni umumarayika [wa Petero],” bishoboka ko biyumvira bihenda yuko ari umumarayika aserukira Petero aje muri bo , ko atari Petero ubwiwe.