Ja ku birimwo

Shetani yoba abaho?

Shetani yoba abaho?

Inyishu Bibiliya itanga

 Egome, Shetani arabaho. Ni “umutware w’isi,” ikiremwa c’impwemu cabaye ikibisha hanyuma kigarariza Imana. (Yohani 14:30; Abanyefeso 6:11, 12) Bibiliya irahishura ingene Shetani ameze biciye kuri aya mazina atandukanye.

Si ikibi ubwaco

 Hari ababona yuko Shetani wa Mubesheranyi ari ikibi kiri mu bantu gusa. Ariko rero, Bibiliya irimwo ikiyago Imana yagiraniye na Shetani. Kubera ko Imana itagira akanenge, ntiyavuganye n’ikibi kiri muri yo. (Gusubira mu vyagezwe 32:4; Yobu 2:1-6) Mbere Shetani yaragerageje Yezu, uno akaba ata gicumuro kiri muri we. (Matayo4:8-10; 1 Yohani 3:5)Bibiliya irerekana rero ko Shetani abaho be n’uko atagereranya ikibi.

 Twoba dukwiye gutangazwa n’uko abantu benshi batemera ko Shetani abaho? Oya, kuko Bibiliya ivuga ko Shetani ahenda abantu kugira ngo ashitse imigambi yiwe. (2 Abatesalonika 2:9, 10) Amwe mu mayeri akomeye cane akoresha ni uguhuma abantu benshi kugira ntibemere ko abaho.—2 Abakorinto 4:4.

Ibindi vyiyumviro bitari vyo vyerekeye Shetani

  Iciyumviro kitari co: Lusiferi ni irindi zina rya Shetani.

 Ukuri: Ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo “Lusiferi” muri Bibiliya zimwezimwe risobanura ngo ‘uwukayangana.’ (Yesaya 14:12) Amajambo akikije iryo jambo yerekana ko rikoreshwa ku muryango wa cami wa Babiloni, ni ukuvuga abami ba Babiloni bagiye barakurikirana, Imana ikaba yabacishije bugufi kubera ubwibone bwabo. (Yesaya 14:4, 13-20) Iryo jambo ‘uwukayangana’ ryakoreshejwe mu guhema uwo muryango wa cami wa Babiloni aho umariye gutemba.

  Iciyumviro kitari co: Shetani akorera imana nk’“umushikirizamanza.”

 Ukuri: Shetani ni umwansi w’Imana, si umukozi wayo. Shetani wa Mubesheranyi ararwanya akongera akagiriza ibinyoma abantu bakorera Imana.—1 Petero 5:8; Ivyahishuwe 12:10.