Ja ku birimwo

Ni ikimenyetso ikihe c’“imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?

Ni ikimenyetso ikihe c’“imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya iravuga ibintu vyoranze igihe “c’insozero y’ivy’isi” canke “c’umuhero w’isi” hamwe n’inyifato z’abantu bo muri ico gihe. (Matayo 24:3; Bibiliya Yera) Bibiliya yita ico kiringo “imisi ya nyuma,” ‘igihe c’iherezo’ canke “imisi y’iherezo.”​—2 Timoteyo 3:1; Daniyeli 8:19; Bibiliya Yera.

Ni ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Bibiliya ubuhe bwerekeye “imisi ya nyuma”?

 Bibiliya yari yaravuze ibintu vyinshi vyobereye rimwe kandi vyobaye ari “ikimenyetso” kiranga imisi ya nyuma. (Luka 21:7) Raba uburorero bumwebumwe:

 Intambara hirya no hino kw’isi. Yezu yari yaravuze ko “ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami.” (Matayo 24:7) Vyongeye, mu Vyahishuwe 6:4 hari haravuze ko hari uwugendera kw’ifarasi agereranywa n’intambara “[yokuye] amahoro kw’isi.”

 Amapfa. Yezu yari yaravuze ati: “Hazoba amapfa.” (Matayo 24:7) Igitabu c’Ivyahishuwe cari caravuze ko hari uwundi muntu agendera kw’ifarasi mu buryo bw’ikigereranyo, uwuyigenderako akaba ateza amapfa akomeye mu mihingo myinshi itandukanye.​—Ivyahishuwe 6:5, 6.

 Vya nyamugigima bikomakomeye. Yezu yaravuze ko hazobaho “vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.” (Matayo 24:7; Luka 21:11) Ivyo vya nyamugigima bikomakomeye vyoteje imibabaro n’abantu bakahasiga ubuzima kuruta uko vyigeze kubaho.

 Ibiza. Twisunze ivyo Yezu yavuze, hobayeho indwara z’ibiza ‘ziteye ubwoba.’​—Luka 21:11.

 Ubukozi bw’ikibi. Naho abantu bamaze imyaka amajana bakora ububisha, Yezu yari yaravuze ko mu misi ya nyuma hobaye “ukwongerekana kw’ubugarariji.”​—Matayo 24:12.

 Ukwononekara kw’iyi si. Mu Vyahishuwe 11:18 hari haravuze ko hobaye abantu “bahonya isi.” Bokwononye isi mu buryo bwinshi harimwo gukora ibintu bibi be no kwonona ibidukikije.

 Inyifato z’abantu zirushiriza kwononera. Muri 2 Timoteyo 3:1-4, Bibiliya yari yaravuze ko abantu muri rusangi bobaye “intashima, ibihemu, . . . badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya.” Abantu borushirije kuba babi cane ku buryo ico kiringo babayemwo cokwiswe “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.”

 Ukutiyumvanamwo mu bagize imiryango. Muri 2 Timoteyo 3:2, 3, Bibiliya yari yaravuze ko abantu benshi bobaye “batiyumvamwo” abagize imiryango yabo be n’uko abana ‘bogambarariye abavyeyi.’

 Urukundo abantu bakunda Imana rwogabanutse. Yezu yavuze ati: “Urukundo rwa benshi ruzokanya.” (Matayo 24:12) Yezu yashaka kuvuga ko abantu benshi batobaye bagikunda Imana. Vyongeye, muri 2 Timoteyo 3:4 havuga ko mu misi ya nyuma abantu nk’abo bobaye “abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.”

 Uburyarya bw’amadini. Muri 2 Timoteyo 3:5, Bibiliya yari yaravuze ko abantu bovuze ko basenga Imana ariko bakabaho vy’ukuri badakurikiza amategeko yayo.

 Kurushiriza gutahura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Igitabu ca Daniyeli cari caravuze ko “mu gihe c’iherezo” abantu benshi bomenye ukuri kwo muri Bibiliya harimwo gutahura neza ubwo buhanuzi.​—Daniyeli 12:4.

 Igikorwa co kwamamaza kw’isi yose. Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.”​—Matayo 24:14.

 Ukwongerekana kw’abantu batitaho ibintu kandi b’agasuzuguro. Yezu yari yaravuze ko abantu muri rusangi bokwirengagije ibimenyamenya vyerekana ko iherezo ryegereje. (Matayo 24:37-39) Vyongeye, muri 2 Petero 3:3, 4 haravuze ko abantu bamwe botyoje ivyo bimenyamenya bakerekana ko ataco bivuze.

 Ubwo buhanuzi bwose bwararangutse. Yezu yavuze ko mu misi ya nyuma ubwo buhanuzi bwose bworangukiye rimwe.​—Matayo 24:33.

Twoba tubayeho mu “misi ya nyuma”?

 Ego. Ukuntu ibintu vyifashe kw’isi be n’ibihe bivugwa muri Bibiliya vyerekana ko imisi ya nyuma yatanguye mu 1914, muri uyo mwaka akaba ari ho intambara ya mbere y’isi yose yatangura. Ukuntu ibintu vyifashe kw’isi vyerekana ko tubaye mu misi ya nyuma. Kugira ivyo uvyibonere, raba iyi videwo:

 Mu 1914, Ubwami bw’Imana bwaratanguye kuganza mw’ijuru. Kimwe mu bintu vya mbere bwakoze, kwabaye ukwirukana wa mubisha Shetani n’amadayimoni yiwe mw’ijuru no gutuma bakorera ibikorwa vyabo kw’isi gusa. (Ivyahishuwe 12:7-12) Ingene Shetani yosha abantu bigaragarira ku nyifato mbi zabo be n’ibintu bibi bakora bituma mu misi ya nyuma habaho “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.”​—2 Timoteyo 3:1.

 Abantu benshi bararuhijwe n’ivyo bintu bitoroshe. Barahagaritswe umutima no kubona ingene abantu batakimenya kubana neza n’abandi. Hari n’abatinya ko abantu bazohava bamarana.

 Mu kurindira, hari abandi barajwe ishinga n’ukuntu ibintu vyo kw’isi vyifashe ariko bafise icizigiro c’uko muri kazoza bizogenda neza. Barajijutse ko Ubwami bw’Imana buzokuraho ingorane zo kw’isi. (Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 21:3, 4) Bararindiriye bihanganye igihe Imana izoshitsa ivyo yasezeranye, kandi barahozwa n’amajambo ya Yezu agira ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”​—Matayo 24:13; Mika 7:7.