Ja ku birimwo

‘Gukunda abansi bawe’ bisobanura iki?

‘Gukunda abansi bawe’ bisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Mu nsiguro izwi cane Yezu yatanze ari ku musozi, yavuze ati: “[Nimukunde] abansi banyu.” (Matayo 5:44; Luka 6:27, 35) Ivyo bisobanura ko dukwiye gukunda abansi bacu canke abaturenganya.

 Yezu yarerekanye ko akunda abansi biwe mu kubabarira abamufashe nabi. (Luka 23:33, 34) Ivyo yigishije ku bijanye no gukunda abansi bacu birahuye n’ibivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ibikunze kwitwa Isezerano rya kera.​—Kuvayo 23:4, 5; Imigani 24:17; 25:21.

 “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.”​—Matayo 5:43, 44.

Muri iki kiganiro turaza kubona ibi bikurikira:

 Kubera iki dukwiye gukunda abansi bacu?

  •   Imana iratanga akarorero. Imana “[i]girira ubuntu intashima n’ababisha.” (Luka 6:35) “[I]tuma izuba rirasira ababi.”​—Matayo 5:45.

  •   Gukunda umwansi birashobora kumuhindura. Bibiliya ituremesha gufatana umwansi wacu ubuntu. Ivuga kandi ko ukoze ivyo, “uzoba uriko uramurunda [amakara] ku mutwe.” (Imigani 25:22) Iyo mvugo ngereranyo yerekeza ku gushira ubutare mu muriro kugira ubuhinguremwo ikintu ciza. Muri ubwo buryo, igihe tugaragarije ubuntu umuntu atwanka, birashobora guhwamika uburake bwiwe, bigatuma ahinduka akamera neza.

 Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twokwerekana ko dukunda abansi bacu?

  •   ‘Mugirire neza ababanka.’ (Luka 6:27) Bibiliya ivuga iti: “Nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa.” (Abaroma 12:20) Urashobora kuronka ubundi buryo bwo gukunda umwansi wawe mu gukurikiza amajambo azwi cane yavuzwe na Yezu, agira ati: “Nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira.”​—Luka 6:31.

  •   ‘Muhezagire ababavuma.’ (Luka 6:28) Turahezagira abansi bacu mu kubavugisha mu buryo buranga ubuntu, mbere n’igihe boba batubwiye nabi. Bibiliya ivuga iti: “Ata kwishura . . . igitutsi ku kindi, ahubwo muhezagire.” (1 Petero 3:9) Iyi mpanuro irashobora kudufasha kwirinda urwanko.

  •   ‘Musabire ababatuka.’ (Luka 6:28) Igihe umuntu agututse, ntiwishure “ikibi ku kindi.” (Abaroma 12:17) Ahubwo, nusabe Imana ibabarire uwo muntu. (Luka 23:34; Ivyakozwe 7:59, 60) Aho kwihora, nubirekere mu maboko y’Imana kubera ari yo izoshitsa ubutungane mu buryo bugororotse.​—Abalewi 19:18; Abaroma 12:19.

 “Mubandanye gukunda abansi banyu, kugirira neza ababanka, guhezagira ababavuma, gusabira ababatuka.”​—Luka 6:27, 28.

  •   ‘Niwiyumanganye kandi ugire ubuntu.’ (1 Abakorinto 13:4) Mu majambo azwi cane intumwa Paulo yavuze mu kudondora urukundo, yakoresheje ijambo ry’ikigiriki (a·gaʹpe) dusanga muri Matayo 5:44 no muri Luka 6:27, 35. Turerekana urukundo rwa gikirisu mbere no ku bansi bacu mu kuba abantu biyumanganya, bafise ubuntu, batagira ishari, batiyemera kandi badakaza ishavu.

 “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe. Ntirunezererwa ibitagororotse, ahubwo runezeranwa n’ukuri. Rurenzako muri vyose, rwemera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.”​—1 Abakorinto 13:4-8.

 Twoba dukwiye kuja mu ntambara kugira twivune abansi bacu?

 Oya, kubera ko Yezu yigishije abayoboke biwe yuko badakwiye kurwanya abansi babo. Nk’akarorero, igihe yaburira abigishwa biwe ko Yeruzalemu yotewe, ntiyababwiye ko bakwiye kugumaho kugira bahangane n’abansi babo, ahubwo yababwiye ko bohunga. (Luka 21:20, 21) Yezu yabwiye kandi intumwa Petero ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:52) Bibiliya na kahise birerekana ko abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere bataja mu ntambara kugwanya abansi babo. a​—2 Timoteyo 2:24.

 Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye no gukunda abansi bacu

 Iciyumviro kitari co: Amategeko y’Imana yasaba Abisirayeli kwanka abansi babo.

 Ukuri: Nta bwirizwa nk’iryo ryari muri ayo Mategeko. Ahubwo, yahimiriza Abisirayeli gukunda bagenzi babo. (Abalewi 19:18) Naho ijambo “mugenzawe” ryerekeza ku bandi bantu atari Abayuda, Abayuda bamwebamwe barahinduye insobanuro mu kurisubiriza ngo Abayuda bagenzi babo gusa, kandi bakemera ko abatari Abayuda ari abansi babo eka mbere ko bakwiye kubanka. (Matayo 5:43, 44) Yezu yarabakosoye mu kubaha ikigereranyo c’Umusamariya w’imbabazi.​—Luka 10:29-37.

 Iciyumviro kitari co: Gukunda abansi bawe bisobanura gushigikira ingeso mbi zabo.

 Ukuri: Bibiliya irerekana ko ushobora gukunda umuntu udashigikiye ingeso mbi ziwe. Nk’akarorero Yezu yaranka ubukozi bw’ikibi, ariko yarasabiye abansi biwe. (Luka 23:34) Vyongeye yaranka ubugarariji canke igicumuro, ariko yaratanze ubuzima bwiwe ku bw’abacumuzi.​—Yohani 3:16; Abaroma 6:23.

a Igitabu kimwe citwa The Rise of Christianity canditswe na E. W. Barnes kivuga giti: “Wihweje witonze amakuru yose ariho, urabona ko gushika mu gihe ca Marcus Aurelius [umwami w’abami w’Umuroma yategetse kuva mu mwaka wa 161 gushika mu wa 180 N.K.], ata Mukirisu n’umwe yabaye umusoda; kandi yuko ata musoda n’umwe yagumye mu bikorwa vya gisirikare amaze gucika Umukirisu.”