Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ishavu?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ishavu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya irerekana ko ishavu ridacungerewe rigira ingaruka mbi ku wurifise no ku bari kumwe na we. (Imigani 29:22) Naho rimwe na rimwe umuntu ashobora kuba afise imvo yumvikana yo gushavura, Bibiliya ivuga ko abantu bakaza ishavu batazotorana Ubwami bw’Imana. (Abagalatiya 5:19-21) Bibiliya irimwo impanuro zofasha umuntu gutsinda ishavu.

 Gushavura vyama ari bibi?

 Oya. Hari igihe usanga umuntu afise imvo yumvikana yo gushavura. Nk’akarorero, wa mugabo w’umwizigirwa Nehemiya ‘yarashavuye cane’ igihe yumva ko abasavyi b’Imana bagenziwe bariko baracinyizwa.​—Nehemiya 5:6.

 Na Yehova birashika agashavura. Nk’akarorero, igihe abasavyi biwe ba kera barenga kw’isezerano bari baragiraniye ryo kumusenga wenyene, bagatangura gusenga ibigirwamana, ‘ishavu ryiwe ryaciye ribarurumbira.’ (Abacamanza 2:13, 14) Naho ari ukwo, ishavu si ryo riranga Yehova. Arinze ashavura haba hariho imvo yumvikana, kandi yama acungera ishavu ryiwe.​—Kuvayo 34:6; Yesaya 48:9.

 Ni ryari ishavu riba ribi?

 Ishavu riba ribi igihe ridacungerewe canke ritagira ishingiro, iryo rikaba ari ryo shavu abantu badatunganye bakunda kugira. Nk’akarorero:

  •   Kayini “[yararunguye] n’ishavu ryinshi” igihe Imana yanka ishikanwa ryiwe. Kayini yararetse ishavu ryiwe rirakomera gushika n’aho yica mwene wabo.​—Itanguriro 4:3-8.

  •   Umuhanuzi Yona ‘yararunguye n’ishavu’ igihe Imana yagirira imbabazi Abanyaninewe. Imana yarakosoye Yona, iramwereka ko bitari “bikwiriye ko [a]rungura n’ishavu” be n’uko yari akwiye kwumvira impuhwe abo bacumuzi bari bigaye.​—Yona 3:10–4:1, 4, 11. a

 Ubwo burorero burerekana ko “uburake bw’umuntu [adatunganye] budashitsa ubugororotsi bw’Imana.”​—Yakobo 1:20.

 Ushobora gute gutsinda ishavu?

  •   Numenye ko kudacungera ishavu birimwo akaga. Hari abiyumvira ko iyo umuntu arekuye ishavu ryiwe ryose ari ho aba yerekanye ko ari umugabo. Ariko mu vy’ukuri, umuntu adashobora gucungera ishavu ryiwe nta mugabo aba arimwo. Bibiliya ivuga iti: “Nka kurya kw’igisagara kimenywe, kitagira uruhome, ni ko umuntu adatangira umutima wiwe [canke, “ishavu ryiwe”] amera.” (Imigani 25:28; 29:11) Igihe twize gucungera ishavu ryacu ni ho nyabuna tuba twerekanye ko turi abagabo be n’uko dufise ugutahura. (Imigani 14:29) Bibiliya ivuga iti: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi.”​—Imigani 16:32.

  •   Nutsinde ishavu ritaragukoresha ikintu kizotuma wicuza. Muri Zaburi 37:8 havuga hati: “Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe; nturungure kugira gusa ngo ukore ikibi.” Urabona ko dushobora guhitamwo gutsinda ishavu ritaradukoresha “ikibi.” Mu Banyefeso 4:26 havuga hati: “Murake, yamara ntimucumure.”

  •   Nimba bishoboka, nukure meza wumvise utanguye gushavura. Bibiliya ivuga iti: “Intango y’amahane ni nk’uwurekuye amazi; nuko rero imbere y’uko haduka imitongano, have.” (Imigani 17:14) Naho ari vyiza gutunganya ingorane mu maguru masha, hari aho mwe n’uyo mwagiraniye ingorane mwokenera kubanza guturura, mukabona kuganira mutekanye.

  •   Nurondere kumenya uko ibintu vyifashe. Mu Migani 19:11 havuga hati: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe.” Ni vyiza ko turondera kumenya amakuru yose imbere y’uko tugira iciyumviro dushitseko. Igihe tubanje gutohoza neza ibijanye n’ingorane yabaye, birashobora gutuma tudatwarwa n’ishavu ritagira ishingiro.​—Yakobo 1:19.

  •   Nusabe Imana ikuronse amahoro yo mu mutima. Isengesho rirashobora kugufasha kuronka “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Abafilipi 4:7) Isengesho ni kimwe mu bintu nyamukuru bituma turonka impwemu nyeranda y’Imana. Iyo mpwemu iradufasha kwama icamwa cayo nk’amahoro, ukwiyumanganya n’ukwigumya.​—Luka 11:13; Abagalatiya 5:22, 23.

  •   Nuhitemwo neza abagenzi. Ubana na suneba ugasuneba nka we. (Imigani 13:20; 1 Abakorinto 15:33) Ni co gituma Bibiliya iduhanura iti: “Ntugiranire ubugenzi n’uwukaza ishavu.” Uti kubera iki? Kugira “ntuhave umenyēra iminyuro yiwe ugatega koko umutego ubuzima bwawe.”​—Imigani 22:24, 25.

a Bishoboka ko Yona yemeye gukosorwa maze aratsinda ishavu, kuko Imana yamukoresheje mu kwandika igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe.