Ja ku birimwo

Kuba “Umusamariya w’imbabazi” bisobanura iki?

Kuba “Umusamariya w’imbabazi” bisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Imvugo ngo “Umusamariya w’imbabazi” ikunda gukoreshwa mu kudondora umuntu afasha abari n’ivyo bakeneye. Iyo mvugo yakuwe mu nkuru Yezu yiganye. Muri iyo nkuru, Yezu yarerekanye ko umuntu ameze nk’uwo Musamariya w’imbabazi afasha abandi ataravye igihugu bakomokamwo canke kahise kabo.

Aha musi urahasanga inyishu z’ibi bibazo:

 Ni ibiki bivugwa mu kigereranyo c’“Umusamariya w’imbabazi”?

Ng’iyi incamake y’iyo nkuru Yezu yiganye: Umugabo umwe w’Umuyuda yariko aragenda ava i Yeruzalemu aja i Yeriko. Ageze mu nzira, yaguye mu bambuzi, baramukubita, bamusiga ari intere.

Umuherezi w’Umuyuda hamwe n’Umulewi, akaba na we nyene yari Umuyuda, bompi baciye hirya y’uwo mugabo barirenganira. Naho bompi bari Abayuda cokimwe n’uwo mugabo yari yakubiswe, ntibigeze bahagarara ngo bamufashe.

Amaherezo umugabo atari Umuyuda yarahashitse. Yari Umusamariya. (Luka 10:33; 17:16-18) Yaramwumviye ikigongwe, aca atangura kuvura ibikomere vyiwe. Yaciye atwara uwo mugabo ku ndaro y’abahita. Yaramubungabunze ijoro ryose. Bukeye, yarahaye amahera uwucunga iyo ndaro kugira amwitwararike yongera amwemerera ko nihagira ikindi kintu asohora azokimwishura niyagaruka.​—Luka 10:30-35.

 Kubera iki Yezu yatanze ico kigereranyo?

Yezu yiganiye iyo nkuru umugabo yibaza ko abantu basangiye ubwoko n’idini ari bo bonyene ari abagenzi biwe. Yezu yashaka kwigisha uwo mugabo iki cigwa gihambaye: Yari akeneye gutahura ko imvugo “mugenziwe” itagarukira ku Bayuda nka we gusa. (Luka 10:36, 37) Iyo nkuru yashizwe muri Bibiliya kugira ngo ifashe uwo wese yipfuza guhimbara Imana.​—2 Timoteyo 3:16, 17.

 Ni icigwa ikihe dukura muri ico kigereranyo?

Iyo nkuru irigisha ko umugenzi mwiza agaragaza impuhwe mu vyo akora. Arafasha abantu bashikiwe n’ingorane ataravye kahise kabo, ubwoko bwabo, canke igihugu bakomokamwo. Umugenzi ameze neza akorera abandi ibintu yipfuza ko na we bamukorera.​—Matayo 7:12.

 Abasamariya bari bande?

Abasamariya baba mu gihugu cari mu buraruko bwa Yuda. Harimwo abakomoka ku Bayuda baba bubakanye n’abatari Abayuda.

Mu kinjana ca mbere, Abasamariya bari bishingiye idini ryabo. Bemera ibitabu bitanu vya mbere vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo ibindi bakavyirengagiza.

Abayuda benshi bo mu gihe ca Yezu barakengera Abasamariya bakirinda no kwifatanya na bo. (Yohani 4:9) Abayuda bamwebamwe barakoresha ijambo “Umusamariya” nk’igitutsi.​—Yohani 8:48.

 Inkuru y’“Umusamariya w’imbabazi” yoba yarabayeho koko?

Ivyanditswe ntibitomora yuko ikigereranyo c’Umusamariya cari gishingiye ku nkuru y’ivyabayeho koko. Yamara, igihe Yezu yaba ariko arigisha yarakunda gukoresha imigenzo be n’ibibanza bimenyerewe kugira afashe abamwumviriza gutahura ivyo yaba ariko arabigisha.

Kahise karemeza ko ibintu vyinshi bivugwa muri iyo nkuru ari ivy’ukuri. Nk’akarorero:

  • Ibarabara ryava i Yeruzalemu rija i Yeriko: Ryararenza ibirometero 20, rikaba ryamanuka ku musozi wareha n’ikirometero. Iyo nkuru iremeza yuko abantu bagiye i Yeriko ‘bamanuka bava i Yeruzalemu.’​—Luka 10:30.

  • Abaherezi n’Abalewi baba i Yeriko bama baca muri iryo barabara bagiye i Yeruzalemu.

  • Abambuzi akenshi binyegeza hafi y’iryo barabara kugira barabe ko hari uwo bofata canecane uwuriko agenda ari wenyene.