Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene Bibiliya yodufasha kwubahiriza abandi

Ingene Bibiliya yodufasha kwubahiriza abandi

 «Kugira haboneke amahoro, abantu barakwiye kwubahiriza abandi.»​—Vyavuzwe mu 1995, mu mategeko ajanye n’ivyo kwubahiriza abandi yasohowe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho ivy’indero, Ubuhinga n’Imico Kama (UNESCO Declaration of Principles on Tolerance).

 Ku rundi ruhande, igihe abantu batubahiriza abandi birashobora gutuma batubahana kandi bakankana. Igihe na ho abantu bameze ukwo, akenshi bituma batukana, bakinubana kandi bagakora ububisha.

 Ariko, abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye no kwubahiriza abandi. Bamwe bibaza ko umuntu yubahiriza abandi ategerezwa gushigikira ibintu vyose bakora canke uko bigenza. Abandi na bo barashigikira iciyumviro co muri Bibiliya cerekana ko abantu bubahiriza abandi ari abubahiriza uburenganzira umwe wese afise bwo kwihitiramwo uko yigenza n’ivyo yemera, mbere n’igihe bo ubwabo bataba bashigikiye ivyo bintu.

 None Bibiliya yoba yodufasha kwubahiriza abandi muri iki gihe tubayemwo?

Imvo zo muri Bibiliya zotuma twubahiriza abandi

 Bibiliya idusaba kwubahiriza abandi. Ivuga iti: «Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose.» (Abafilipi 4:5) Bibiliya iduhimiriza kugaragariza abandi ubuntu, kububaha no kutabarenganya. Abakurikiza iyi mpanuro boshobora kudashigikira canke ngo bigane ivyo uwundi muntu yemera, ariko baramwubahiriza, bakareka akigenza nk’uko ashaka.

 Ariko rero, Bibiliya iratubwira ukuntu Imana ishaka ko abantu bigenza. Ivuga iti: «[Imana] yaraguhishuriye iciza ico ari co, ewe muntu.» (Mika 6:8) Bibiliya iratubwira ivyo Imana isaba abantu kugira bagire ubuzima bwiza.​—Yesaya 48:17, 18.

 Imana ntiyaduhaye uburenganzira bwo gucira abandi urubanza. Bibiliya itubwira iti: «Uwushinga amategeko akaba n’umucamanza ahari ni umwe . . . uri nde ngo ucire urubanza mugenzawe?» (Yakobo 4:12) Imana iraha umwe wese umwidegemvyo wo kwihitiramwo ivyo ashaka, kandi umwe wese azobazwa ivyo akora.​—Gusubira mu vyagezwe 30:19.

Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no kwubaha abandi

 Bibiliya ivuga ko dukwiye “kwubaha abantu bose.” (1 Petero 2:17, Bibiliya Yera) Rero, abahitamwo kubaho bisunga ivyo Bibiliya ivuga, barubaha abantu bose badafatiye ku vyo bemera canke ku kuntu bigenza. (Luka 6:31) Ivyo ntibisobanura ko abakurikiza ibiri muri Bibiliya bemera ivyiyumviro vyose vy’abantu canke ngo bashigikire ingingo zose abantu bafata. Yamara aho kubasuzugura, baragerageza kwigana ukuntu Yezu yafata abandi.

 Nk’akarorero, Yezu yarigeze guhura n’umugore yasenga mw’idini atemera. Vyongeye, uwo mugore yari abanye n’umugabo bidaciye mu mategeko, n’ivyo nyene Yezu akaba atabishigikira. Naho ari ukwo, yaramuganirije kandi aramugaragariza icubahiro.​—Yohani 4:9, 17-24.

 Cokimwe na Yezu, abakirisu bariteguriye gusigurira ivyo bemera abipfuza kubumviriza, ariko ivyo babigira «n’icubahiro kigera kure.» (1 Petero 3:15) Bibiliya isaba abakirisu kudahata abandi bantu ngo bemere ivyiyumviro vyabo. Ivuga ko umukirisu «[a]tabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose», harimwo abo batemera bimwe.​—2 Timoteyo 2:24.

Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no kwanka abandi

 Bibiliya itubwira iti: «Mukurikirane ukugiranira amahoro n’abantu bose.» (Abaheburayo 12:14) Umuntu yipfuza kubana amahoro n’abandi ariyamiriza urwanko. Naho adaca akora ibitandukanye n’ivyo yemera, arihatira kubana n’abandi mu mahoro. (Matayo 5:9) Vyongeye, Bibiliya ihimiriza abakirisu gukunda abansi babo mu kubagaragariza ubuntu naho boba babafashe nabi.​—Matayo 5:44.

 Mu vy’ukuri, Bibiliya ivuga ko Imana «yanka» canke “iterwa ishishi” n’ibintu abantu bakora bituma abandi bumva ko bashizwe hasi canke bigirira nabi abandi. (Imigani 6:16-19) Ariko ng’aha Bibiliya ikoresha ijambo “kwanka” mu kwerekana ukuntu Imana yiyamiriza cane ibintu bibi. Bibiliya yerekana ko Imana yiteguriye kubabarira abantu bipfuza guhindura ingendo no kubaho bisunga ivyo isaba kandi ibasezeranira kubafasha.​—Yesaya 55:7.

Ivyanditswe vyo muri Bibiliya bivuga ivyerekeye kwubahiriza abandi no kububaha

 Tito 3:2: “Mube abagira ibitegereka, mwerekane ubwitonzi bwose ku bantu bose.”

 Umuntu akora ibitegereka ntasuzugura ivyiyumviro vy’abandi; ivyo bituma abubaha na bo bakamwubaha.

 Matayo 7:12: «Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.»

 Igihe abandi batwubashe kandi ntibasuzugure ivyiyumviro vyacu biraturyohera. Kugira ubone ubundi buryo bwo gushira mu ngiro iyo mpanuro izwi cane Yezu yigishije, nurabe ikiganiro kivuga ngo «Rya Tegeko ry’agakura ni iki?» (mu gifaransa)

 Yosuwa 24:15: «Nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera.»

 Igihe twubashe uburenganzira abandi bafise bwo kwihitiramwo ivyo bashaka, bituma tubana mu mahoro.

 Ivyakozwe 10:34: “Imana ntigira nkunzi.”

 Imana nticagura umuntu n’umwe ifatiye ku mico kama, igitsina, ubwenegihugu, ibara ry’urukoba canke ivyo yaciyemwo mu buzima. Abipfuza kwigana Imana barubaha abantu bose.

 Habakuki 1:12, 13: “Imana ntishobora kwitegereza ivyago.”

 Naho Imana yubahiriza abandi, ntirekerana ibintu. Ntizoreka ngo abantu babandanye kwigenza nabi ibihe vyose. Kugira umenye n’ibindi, nurabe ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane?

 Abaroma 12:19: «[Ni]muhe akaryo uburake [bw’Imana]; kuko vyanditswe ngo: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko,” ni ko Yehova a avuga.»

 Nta n’umwe Yehova Imana yahaye uburenganzira bwo kwihora. Ni we ubwiwe azozana ubutungane igihe yashinze nicagera. Kugira umenye n’ibindi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Akarenganyo koba kazokwigera gahera?» (mu gifaransa)

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»