Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 5

Ni ibiki uzokwungukira ku makoraniro yacu ya gikirisu?

Ni ibiki uzokwungukira ku makoraniro yacu ya gikirisu?

Muri Arjantine

Muri Sierra Léone

Mu Bubiligi

Muri Maleziya

Abantu benshi barahevye kuja gusenga kubera ko bataharonkera impumurizo canke inyishu z’ibibazo bihambaye vyo mu buzima. Ni kubera iki none wokwitaba amakoraniro ya gikirisu atunganywa n’Ivyabona vya Yehova? Ni ibiki uzohungukira?

Akanyamuneza kava ku kuba uri mu bantu bakundana kandi bitwararikana. Mu kinjana ca mbere, abakirisu bari bagabaguwe mu mashengero, kandi baragira amakoraniro kugira ngo basenge Imana, bige Ivyanditswe bongere baremeshanye. (Abaheburayo 10:24, 25) Kubera ko baba bakoraniye ahantu harangwa urukundo, barumva ko bari kumwe n’abagenzi nyakuri, ni ukuvuga abavukanyi na bashiki babo basangiye ukwizera. (2 Abatesalonika 1:3; 3 Yohani 14) Na twebwe dukurikiza akarorero k’abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere, kandi turagira akanyamuneza nk’ako bagira.

Urungukira ku kumenya ingene woshira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya. Muri iki gihe abagabo, abagore n’abana bose barahurira hamwe, nk’uko vyagirwa no mu bihe vya Bibiliya. Abigisha babishoboye barakoresha Bibiliya kugira ngo badufashe gutahura ingene twoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zayo mu buzima bwacu bwa misi yose. (Gusubira mu vyagezwe 31:12; Nehemiya 8:8) Ababa bari ng’aho bose barashobora kugira uruhara mu biganiro vyo guhana ijambo n’abumviriza no mu kuririmba, ivyo bikaba bituronsa akaryo ko guserura icizigiro twebwe abakirisu dufise.—Abaheburayo 10:23.

Birakomeza ukwizera Imana kwawe. Intumwa Paulo yabwiye rimwe mu mashengero yo mu gihe ciwe ati: “[Nda]cambirwa kubabona, . . . kugira habe uguhanahana indemesho muri mwebwe, umwe wese akaremeshwa biciye ku kwizera kw’uwundi, ukwanyu n’ukwanje.” (Abaroma 1:11, 12) Kwama duhurira hamwe ku makoraniro n’abo dusangiye ukwemera birakomeza ukwizera kwacu be n’umwiyemezo wacu wo kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

Ubona gute witavye ikoraniro ryacu ryimirije kugira ngo wibonere ivyo bintu? Bazokwakirana igishika cinshi. Kwinjira ni ku buntu, ni ukuvuga ko ata mahera atozwa kuri ayo makoraniro.

  • Ni akarorero akahe dukurikiza mu kugira amakoraniro yacu y’ishengero?

  • Twebwe ubwacu dushobora gute kwungukira ku kwitaba amakoraniro ya gikirisu?