Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOBA UZOKWAKIRA INGABIRE NTANGERE Y’IMANA?

Ingabire ntangere y’Imana: Kubera iki ari iy’agaciro cane?

Ingabire ntangere y’Imana: Kubera iki ari iy’agaciro cane?

Ni ibiki bituma ubona ko ingabire kanaka ari iy’agaciro? Kumbure ni ibi bintu bine: (1) uwayiguhaye, (2) icatumye ayiguha, (3) akigoro yagize kugira ngo iboneke, (4) igihe uyironse wari uyikeneye cane. Kuzirikana kuri ivyo bintu birashobora gutuma turushiriza gukenguruka incungu, ya ngabire iruta izindi zose Imana yaduhaye.

NI NDE YAYITANZE?

Hariho ingabire duha agaciro kubera ko tuba twazihawe n’umuntu afise ubukuru canke umuntu dusonera cane. Ariko rero, hari n’izindi duha agaciro naho ziba zaguzwe make, kuko tuba twazihawe n’incuti ishika canke umugenzi somambike. Aho duca twibuka ya ngabire Russell yaha Jordan, imwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki. None ivyo bijanye gute n’incungu?

Ubwa mbere, Bibiliya ivuga ko “Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we.” (1 Yohani 4:9) Ico conyene kiratuma iyo ngabire iba iy’agaciro koko. Ubundi ho, ni nde yoza aruta Imana? Ku bijanye n’Imana, umwanditsi umwe w’amazaburi yagize ati: “Wewe, uwitwa Yehova *, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” (Zaburi 83:18) None wumva hari umutanzi w’ingabire yoza aruta uwo?

Ubwa kabiri, Imana ni “Data” wa twese. (Yesaya 63:16) Uti gute? Ni yo yaduhaye ubuzima. Vyongeye, iratwitwararika cane nka kurya sebibondo yitwararika abana biwe. Nk’akarorero, igihe Imana yavugana n’abasavyi bayo ba kera, abo yise Efurayimu, yabajije iti: “Mbega Efurayimu [si] umuhungu w’agaciro kuri jewe, canke umwana afatanwa urukundo? . . . Ni co catumye amara yanje amusebagirikira. Nzomwumvira koko ikigongwe.” (Yeremiya 31:20) Ukwo nyene ni ko Imana ibona abasavyi bayo bo muri iki gihe. Uretse ko ari Umuremyi wacu akaba na Mushoboravyose, ni Data akaba n’umugenzi wacu. None ivyo ntibituma ingabire yose aduha iba iy’agaciro ntangere?

NI KUKI YAYITANZE?

Hariho ingabire duha agaciro kubera ko uwayiduhaye aba yabitumwe n’urukundo, aho kuyiduha ku gahato. Umuntu atanga abikuye ku mutima ntiyitega ko bamusubiriza mu nkoko.

Imana yatanze Umwana wayo kubera ko idukunda. Bibiliya ivuga iti: “Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege mw’isi.” Mu ntumbero iyihe? Bibiliya ibandanya iti: “Kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we.” (1 Yohani 4:9) None Imana yoba yategerezwa kubigira? Habe namba! “Incungu yarishwe na Kristu Yezu” iragaragaza “ubuntu ata wari abukwiriye” Imana itugirira.Abaroma 3:24.

Kubera iki none iyo ngabire Imana yaduhaye iranga “ubuntu ata wari abukwiriye”? Bibiliya isigura iti: “Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Abaroma 5:8) Urukundo rero ni rwo rwatumye Imana itugarukira twebwe abanyantege nke, batagira gitabara kandi b’abacumuzi. Nta vyo twari tubereye, kandi nta n’ico tworonka twishura Imana. Nta wundi yigeze akunda abantu gutyo.

VYASAVYE AKIGORO KANGANA GUTE?

Hariho ingabire duha agaciro kubera ko uwayitanze aba yaragize akigoro gakomeye. Igihe umuntu yemeye kuguhebera ikintu akunda cane, nawe uca ugiha agaciro kadasanzwe kuko biba vyamusavye akigoro.

Bibiliya ivuga ko Imana “yatanze Umwana wayo w’ikinege.” (Yohani 3:16) Urumva ko itapfuye uwo iduhaye mu bo yakunda. Yezu yarakoranye n’Imana mu myaka idaharurika yamaze iriko irarema ibiriho vyose, akaba ari co catumye ‘imukunda bimwe bidasanzwe.’ (Imigani 8:30) Yezu ni Umwana Imana ikunda cane, akaba n’“ishusho y’Imana itaboneka.” (Abakolosayi 1:13-15) Emwe, urukundo ruri hagati y’Imana na Yezu rurasiga ubwenge!

Naho ari ukwo, Imana ‘ntiyazigurije uwo Mwana wayo bwite.’ (Abaroma 8:32) Yehova yaduhaye uwo yakunda kuruta abandi bose. Nta yindi ngabire yamusavye akigoro gakomeye gutyo.

TWAYIRONSE TUYIKENEYE CANE

Hariho ingabire duha agaciro kubera ko tuba twazironse tuzikeneye cane. Nk’akarorero, ubwo ntiwokengurukira cane umuntu akurihiye amahera yo kwivuza utari gushobora kwirihira? Emwe, iyo ngabire woyiha agaciro ntangere!

Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima.” (1 Abakorinto 15:22) Twese abakomoka kuri Adamu ‘turapfa.’ Ntidushobora rero guhunga indwara n’urupfu canke kwisubiza hamwe n’Imana, ngo tubone guhagarara imbere yayo ata kitwagīra. Vyongeye, kubera ko turi abantu buntu, ntidushobora kwiha ubuzima canke kubuha uwundi muntu. Bibiliya igira iti: “Nta n’umwe muri bo ashobora na gato gucungura mwene wabo, canke ngo amutangire incungu ku Mana.” (Zaburi 49:7) Turakeneye cane uwodufasha kuko ata co tworonka turiha iyo ncungu. Iyo tutaronka uwutugarukira, twobaye twigorewe.

Urukundo rukomeye Imana idukunda rwatumye iturihira ico twogereranya na ya mahera yo kwivuza, kugira ngo biciye kuri Yezu ‘twese tugirwe bazima.’ None ivyo incungu ibishitsa gute? Bibiliya igira iti: “Amaraso ya Yezu Umwana wayo aratwoza igicumuro cose.” Egome, kwizera amaraso ya Yezu biratuma tubabarirwa ibicumuro kandi bigatuma turonka ubuzima budahera. (1 Yohani 1:7; 5:13) Mbega hoho, iyo ncungu izomarira iki abacu bapfuye? Bibiliya ivuga iti: “Kubera ko urupfu rwazananye ku muntu, n’izuka ry’abapfuye ryazananye ku muntu [Yezu].”1 Abakorinto 15:21. *

Nta ngabire yigeze gutangwa n’umuntu ahambaye canke yatanzwe bivuye ku rukundo yoza iruta incungu ya Yezu. Nta n’umwe arigera aduhebera ikintu c’agaciro kuruta ico Yehova yaduhebeye. Vyongeye, nta ngabire twaronse dukeneye cane kuruta ya ncungu idukiza igicumuro n’urupfu. Mu vy’ukuri, nta ngabire n’imwe yokwegereza agaciro ntangere k’incungu.

 

^ ing. 6 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

^ ing. 19 Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’umugambi Imana ifise wo kuzura abapfuye, raba ikigabane ca 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.pr418.com.