Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwironkere ivyiza biva ku gutanga

Niwironkere ivyiza biva ku gutanga

“IBISI nigende, mugabo uwo Mushinwa arasigara!” Ayo majambo, uwitwa Alexandra yayumvise igihe yari yicaye muri bisi ku mupaka w’igihugu kimwe co muri Amerika y’Epfo, bagira binjire mu kindi gihugu. Yaciye yururuka aja kuraba ivyo ari vyo, maze asanga umusore umwe w’Umushinwa ariko yisigura mu gisupanyoli kidafashe, asigurira umukozi wo ku mupaka ingorane yari yagize. Kubera yuko Alexandra yari mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova rikoresha igishinwa, yaciye abafasha ababera umusobanuzi.

Uwo Mushinwa yavuze ko yari afise ivyangombwa vyo kuba muri ico gihugu, mugabo ko bari babimwibanye n’amahera. Uwo mukozi ntiyashotse avyemera, akaba mbere yariketse ko Alexandra yoba akora urudandaza rw’abantu. Mu nyuma yahavuye avyemera, mugabo uwo Mushinwa yategerezwa kuriha amande kuko ata vyangombwa bikwiye yari afise. Kubera ko ata n’ifaranga yari afise, Alexandra yaciye amugurana amadolari 20. Emwe, nya musore yarabuze amajambo yo kumukengurukira, aca amwemerera ko azomuriha ayarenze ayo! Alexandra yaciye amubwira ko ata nyungu arondera, mugabo ko yitanze ngo amufashe kuko ari vyo vyari bibereye. Alexandra yaciye aha uwo musore ibitabu vyo gusoma bishingiye kuri Bibiliya, aca amusaba ko yokwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

Birakora ku mutima kwumva amakuru nk’ayo y’abantu bafasha ba kavamahanga, kandi ivyo biragirwa n’abantu bo mu madini yose, eka mbere n’abatagira idini. Woba nawe wari kwitanga muri ubwo buryo buzira ubwikunzi? Birahambaye ko twitaho ico kibazo, kuko Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Mbere n’abahinga baragize ubushakashatsi basanga umuntu atanga bimugirira akamaro. Reka turabe uburorero bumwebumwe.

“UWUTANGANA AKAMWEMWE”

Ivyagiye biraba birerekana ko akenshi gutanga bijana n’agahimbare. Intumwa Paulo yavuze ko Imana “ikunda uwutangana akamwemwe.” Ico gihe yariko avuga abakirisu batanze imfashanyo kugira ngo bagarukire kuri bagenzi babo bari mu ngorane. (2 Abakorinto 8:4; 9:7) Paulo ntiyavuze ko batanze kubera ko bari banezerewe, ahubwo yavuze ko banezerewe kubera ko bari batanze.

Nkako, icigwa kimwe cagizwe carerekanye yuko gutanga “bikabura uduce tw’ubwonko dutuma umuntu anezerwa, udutuma yipfuza kwifatanya n’abandi kandi akabizigira, ivyo bigaca bituma yumva aryohewe.” Ikindi cigwa na co, cerekanye ko igihe abantu “bahaye amahera uwundi muntu, banezerwa kuruta uko banezerwa bayakoresheje mu vyabo.”

Vyoba birashika ukabona ko ata kintu kinini wotanga bivanye n’uko ivyawe vyifashe? Ico womenya coco, ni uko uwari we wese ashobora kwironkera umunezero uva ku ‘gutangana akamwemwe.’ Ico umuntu atanga caba gito canke kinini, igihambaye ni umutima agitangana. Icabona ca Yehova umwe yararungikiye intererano abanditsi b’iki kinyamakuru, ayirungikana n’ubutumwa bugira buti: “Muri iyi myaka yose nta kintu kinini natanze atari udufaranga dukeyi gusa natanze ku Ngoro y’Ubwami.” Ariko yongeyeko ati: “Yehova Imana yarandonkeje ibiruta ivyo natanze. . . . Mwarakoze cane kubona mwaratumye ndonka akaryo ko gutanga iyi ngabire. Bituma numva nduhuriwe.”

Ariko ntiwumve, ico umuntu yotanga si amahera gusa. Hariho n’ibindi umuntu yotanga.

GUTANGA BITUMA UGIRA AMAGARA MEZA

Gutanga biratuma wewe n’abandi mumererwa neza

Bibiliya ivuga iti: “Umuntu w’ubuntu bwuzuye urukundo yigirira neza, mugabo umuntu w’imburakigongwe akwegera umubiri wiwe ugukumīrwa.” (Imigani 11:17) Umunyabuntu aratanga umwanya wiwe, inguvu ziwe, akitwararika abandi, n’ibindi n’ibindi. Uretse ko gutanga bituma yironkera ivyiza vyinshi, biranatuma agira amagara meza.

Ubushakashatsi bwagizwe bwerekana yuko umuntu akunda gufasha abandi, usanga arengerwa gake n’intuntu n’umubabaro. Muri rusangi, usanga afise amagara meza. Abantu barwaye indwara zidakira nka SIDA canke indwara ifatira mu bwonko yitwa sclérose en plaques, iyo bakunda gutanga, biratuma n’amagara yabo arushiriza kumera neza. Ubwo bushakashatsi bwerekanye kandi ko abari bariziziwe n’inzoga, iyo baza barafasha abandi, bituma batiganyira cane, bikabongereza n’amahirwe yo kutazosubira kuba abaja bazo.

Ivyo none bitumwa n’iki? Nya bushakashatsi buvuga ko umuntu w’“impuhwe, afasha abandi kandi w’umutima mwiza, atwarwa gake n’ivyiyumviro bibi.” Vyongeye, gutanga biratuma umuntu atekana mu mutima, bikanagabanya ivumbuka ry’umurindi w’amaraso. N’ikindi kandi, umuntu yabuze uwo bubakanye arasubirana ningoga igihe afasha abandi.

Si ivy’imbeshere, uwutanga aramererwa neza.

GUTANGA BIRANDUKIRA

Yezu yahanuye abayoboke biwe ati: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagererako.” (Luka 6:38) Gutanga birashobora gutuma abandi bagushimira, bikanatuma na bo baba abatanzi. Gutanga rero birakomeza ubumwe n’ubugenzi.

Gutanga birakomeza ubumwe n’ubugenzi

Abize ibijanye n’imigenderanire y’abantu, basanze “abantu bakunda kwitwararika ineza y’abandi baba bariko baremesha abandi kubigana.” Nkako, bivugwa ko “umuntu ashobora kurushiriza kuba umutanzi kubera gusa yasomye inkuru ivuga ibijanye n’ibikorwa bidasanzwe biranga ubuntu.” Ni co gituma icigwa kimwe cagizwe kigira giti: “Mu mugwi w’abantu, umwe wese arashobora kugira akosho ku bantu mirongo canke mbere amajana, naho bamwe muri bo yoba atabazi canke atarigera ababona.” Mu yandi majambo, iyo mu kibano hagize umuntu atanga ikintu, birashobora gutuma abo muri co bose baca bagenda baramwigana. Wumva none utoshima kuba mu kibano nk’ico? Emwe, ibintu biba ari agahore iyaba abantu bamana umutima wo gutanga!

Hari ikintu cabaye muri Florida muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivyerekana neza. Inyuma y’igihuhusi catemye kigatongora, umugwi umwe w’Ivyabona vya Yehova waritanze mu gikorwa co gutabara. Igihe bari barindiriye ibikoresho vyo gusanura inzu bari bagezeko, barabonye urugo rw’umubanyi rwari rwononekaye, baca bararusanura. Uwo mubanyi yahavuye yandikira Icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova ati: “Nzokwama ndabakengurukira. Sinari bwigere mbona abantu bameze neza nk’aba.” Kugira yerekane ko akenguruka, yararungitse intererano zo gushigikira ico yise igikorwa gihambaye Ivyabona barangura.

NIWIGANE WA MUTANZI ARUTA BOSE

Hari ikintu gishimishije abashakashatsi bubuye. Bavuga ko “imbere mu muntu biboneka ko hari ikintu kimusunikira gufasha abandi.” Bongerako bati: “Abana bagaragaza agatima ko gutanga, n’imbere y’uko biga kuvuga.” None biva ku ki? Mu kwishura ico kibazo, Bibiliya ivuga ko abantu baremwe “mw’ishusho y’Imana.” Ivyo bisobanura ko bagaragaza kamere nyamukuru z’Imana.Itanguriro 1:27.

Imwe muri izo kamere igitangaza ziranga Umuremyi wacu Yehova Imana, ni ugutanga cane. Yaraduhaye ubuzima be n’ibintu vyose bishobora gutuma duhimbarwa. (Ivyakozwe 14:17; 17:26-28) Twize Bibiliya, turashobora kumenya neza ivyerekeye Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru be n’imigambi myiza adufitiye. Bibiliya iratubwira kandi ko hari ivyo Imana yatunganije kugira tuzogire ubuhirwe muri kazoza. * (1 Yohani 4:9, 10) Kubera ko gutanga bikomoka kuri Yehova Imana, natwe tukaba twaremwe mw’ishusho yiwe, ntibitangaje rero kubona gutanga bitugirira neza kandi bigatuma aturaba ryiza.Abaheburayo 13:16.

Woba wibuka umwe Alexandra twavuga mu ntango y’iki kiganiro? None vyahavuye bigenda gute? Naho umwe mu bo bari kumwe yamubwiye ko ataye amahera yiwe, bashitse mu gisagara kimwe, nya Mushinwa yaciye yitura abagenzi baramufasha, maze arishura Alexandra ya madolari 20. Vyongeye, yaratanguye kwiga Bibiliya nk’uko Alexandra yari yabimusavye. Haciye amezi atatu, Alexandra yararyohewe cane asubiye guhura n’uwo Mushinwa kw’ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye muri Peru mu rurimi rw’igishinwa. Kugira ngo uwo musore ashimire Alexandra ku vyo yari yamukoreye vyose, yaramutumiye hamwe n’abo bari bafatanije urugendo kuri iryo hwaniro ngo baje gusangira akajumpu kw’iresitora yiwe.

Gutanga no gufasha abandi birazana agahimbare kenshi. Ariko rero gufasha abandi kumenya neza Yehova Imana, we Sôko ry’ingabire nziza zose, ni vyo bizana agahimbare kuruta. (Yakobo 1:17) Woba none uriko urironkera ivyiza biva ku gutanga?

^ ing. 21 Ushaka kumenya n’ibindi, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova, kikaba kiboneka no kuri www.pr418.com. Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITABU N’UDUTABU.