Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe hateye icago c’icaduka

Igihe hateye icago c’icaduka

“Twasigaye twifumbereje. Hari hateye umwuzure n’umusozi urasenyuka, bihitana ivyo twari dutunze vyose.”​—Vyavuzwe na Andrew wo muri Sierra Leone.

“Igihuhusi kimaze guhera, twarasubiye muhira. Twasanze ata na kimwe gisigaye. Twarajorewe. Umukobwa wanje yaciye agwa ku mavi, ararira.”​—Vyavuzwe na David wo mu mazinga yitwa Vierges.

ABANTU bashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka bararengerwa n’umubabaro, bakazazanirwa, bakagira amaganya, bakaza bararota ibintu biteye ubwoba. Nimba nawe umaze gushikirwa n’icago c’icaduka, woshobora kubatahura. Kubera ko benshi baba bavunitse umutima kandi bihebuye, usanga batipfuza kubandanya kubaho.

Nimba uherutse gushikirwa n’icago c’icaduka, hari aho na wewe woba ubona ko utagishoboye kwihangana. Hari igihe mbere woba ubona ko ubuzima ata co bukimaze. Naho ari ukwo, Bibiliya yerekana ko ubuzima bwawe buri n’ico bumaze be n’uko ushobora kwizigira udakeka kazoza keza.

KUMENYA UKURI KWO MURI BIBILIYA BIRATUMA UBONA KO KUBAHO BIRI N’ICO BIMAZE

Mu Musiguzi 7:8 havuga hati: “Iherezo ry’ikintu mu nyuma, riraruta intango yaco.” Igihe ushikiwe n’icago c’icaduka, mu ntango woshobora kubona umengo karabaye. Ariko igihe wihanganye ugakora n’umwete, ibintu birashobora kugenda neza.

Bibiliya iravuga ko hazogera igihe “[ntihasubire] kwumvikana urwamo rw’amarira canke urwamo rw’akaruru k’amaborogo.” (Yesaya 65:19) Ivyo bizoba isi niyahindurwa iparadizo, igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza. (Zaburi 37:11, 29) Ivyago vy’ivyaduka bizoba ari umugani. Ibintu vyose bibabaza twoba twibuka be n’umubabaro wose twoba dufise, bizogenda amazimayongo kubera ko Imana Mushoboravyose isezerana iti: “Ivya kera ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.”​—Yesaya 65:17.

Iyumvire nawe: Umuremyi yaraguteguriye “kazoza n’icizigiro,” ni ukuvuga ubuzima butekanye igihe tuzoba dutwarwa n’intwaro itunganye y’Imana. (Yeremiya 29:11) Kumenya ukwo kuri vyoba none bishobora gutuma ubona ko kubaho biri n’ico bimaze? Umwe Sally twavuga mu kiganiro ca mbere agira ati: “Kwiyibutsa ibintu vyiza vyose Ubwami bw’Imana buzodukorera muri kazoza, birashobora kugufasha kurengera ivyabaye no kwihanganira ibiriko biragushikira.”

Ubona gute wize n’ibindi Ubwami bw’Imana bugiye gukorera abantu? Ubigize woshobora guhera amazinda ko kubaho biri n’ico bimaze naho woba warashikiwe n’icago c’icaduka, magingo urindiranye umushasharo igihe ata vyago bizoba bikiriho.