Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe wabuze uwawe

Igihe wabuze uwawe

“Igihe mukuru wanje yapfa giturumbuka, narabuze ayo ncira n’ayo mira. Inyuma y’amezi n’ayandi, vyariyadukiza nkamwibuka ngaca numva biranse, ukamengo bansogose mu mutima. Vyarashika kandi nkicwa n’ishavu, nkibwira nti: ‘None nk’ubu musazanje yazize iki?’ Vyongeye, nariyagiriza kubona ntamaranye na we umwanya ukwiye.”​—Vyavuzwe na Vanessa wo muri Ostraliya.

NIMBA warabuze uwawe, na wewe woshobora kuba waragize inyiyumvo zitandukanye, nk’intuntu canke irungu be n’umwiheburo. Kumbure kandi waragize ishavu, uriyagiriza, uragira n’ubwoba. Woshobora mbere kuba waribajije uti: ‘None kubaho bimaze iki?’

Numenye ko gutuntura biterekana ko ugoyagoya. Ahubwo vyerekana ko wakunda cane uwo wabuze. Ariko none, woba ushobora kuronka icotuma intuntu ufise igabanuka?

IVYAFASHIJE BAMWEBAMWE

Naho wobona umengo umubabaro urimwo ntuzokwigera uhera, ivyiyumviro bikurikira vyoshobora kugufasha:

NTIWITEGE KO UMUBABARO UCA UHERA UBWO NYENE

Abantu bose ntibatuntura cokimwe canke mu mwanya ungana. Ariko rero, kurira birashobora kugabanya umubabaro ufise. Umwe Vanessa twavuga, agira ati: “Nararira nkikura. Naca numva umubabaro ugabanutse.” Uwitwa Sofía na we yarabuze mutoyi wiwe giturumbuka. Avuga ati: “Kwibuka ivy’uwo muntu birababaza. Bimeze nko gukanya igisebe kugira ucoze. Ariko naho ubabara cane, biratuma nya gisebe gikira.”

NUBWIRE ABANDI IVYO WIYUMVIRA BE N’INGENE UMEREWE

Vyoshobora gushika ukumva woshima kuba uri wenyene kandi ivyo ni ibisanzwe. Mugabo intuntu ni umutwaro uremereye cane udakwiye kwikorera wenyene. Uwitwa Jared w’imyaka 17, akaba yarabuze se, yigana ati: “Narabwira abandi ingene niyumva. Sinzi ko navuga ivyumvikana, ariko kuba gusa naraserura akari ku mutima vyaramfasha.” Umwe Janice twavuga mu kiganiro gitangura, yongerako ati: “Kuyagira abandi vyaranduhurira bidasanzwe. Naca numva ko abandi bantahura be n’uko ntari jenyene.”

NIWEMERE GUFASHWA

Umuganga umwe avuga ati: “Uwabuze maze akareka abagenzi n’incuti bakamufasha mu ntango y’ikiringo [c’umubabaro], usanga arushiriza kuvyifatamwo neza mu bindi biringo vy’uwo mubabaro.” Nubwire abagenzi bawe ico woshima ko bagufasha. Boshobora kuba bavyipfuza mugabo ntibamenye ico bokora.​—Imigani 17:17.

NIWIYEGEREZE IMANA

Uwitwa Tina avuga ati: “Igihe nabura umugabo wanje bukwi na bukwi ahitanywe na kanseri, sinari ngishobora kumubwira ibindaje ishinga. Vyose rero naca ndabibwira Imana! Buri gitondo narayisaba ngo imfashe gusubirana. Imana yaramfashije mu mice myinshi cane ntoshobora no kuvuga.” Tarsha na we, akaba yari afise imyaka 22 igihe yabura nyina, avuga ati: “Gusoma Bibiliya buri musi vyarankomeza cane. Vyarandonsa ivyiyumviro biremesha vyo kuzirikanako.”

NUSE N’UWUBONA UWAWE YAZUTSE

Tina abandanya ati: “Mu ntango, icizigiro c’izuka nta co camfasha kuko nari nkeneye umugabo wanje ubwo nyene, uduhungu twanje na two tukaba twari dukeneye se watwo. Ariko ubu inyuma y’imyaka ine, ico cizigiro ni co ngenderako.” Tina avuga ko kimufasha kuguma abona kazoza keza no kwihangana. Avuga ati: “Nguma mbona twasubiye kubonana, bigatuma ngira amahoro n’umunezero!”

Woshobora kudaca ukira ubwo nyene intuntu urimwo. Yamara ivyashikiye Vanessa birahumuriza. Avuga ati: “Naho wiyumvira ko ata kizopfa kiguhumurije, umubabaro ugenda uragabanuka buhorobuhoro.”

Naho intuntu ufise itoca ihera yose, kubaho biguma biri n’ico bimaze. Kubera ko Imana ikwitwararika, izogufasha kuronka abagenzi bakuremesha be n’ubuzima buri n’intumbero. Vyongeye, vuba Imana izozura abapfuye. Yipfuza ko usubira kubonana n’uwawe. Ico gihe intuntu ufise uzoca uyikira ibihe vyose!