Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ikimamara

Ikimamara

INZUKI zubaka ibimamara vyazo zikoresheje ishashara riva mu dusaho turihingura turi ku nda yazo. Ikimamara c’inzuki kibonwa ko ari ikintu gikozwe ku buhinga bukomeye. Kubera iki?

Rimbura ibi: Kuva kera, abahinga mu biharuro bamye barondera kumenya uburyo bwo kugabura ahantu bwotuma hatagira ikibanza gipfa ubusa kandi hagakoreshwa ibikoresho bike. Bamye biyumvira ko ubwo buryo ari ukuhagabura mu bicebice vy’impande zitandatu zingana, aho kuhagabura mu bicebice bimeze nk’inyabutatu z’impande zingana, ikwadarato canke ibifise iyindi mero. Ariko ntibari bashoboye gusigura igituma biyumvira gutyo. Mu 1999, umuhinga yitwa Thomas C. Hales yaratanze ibimenyamenya bishingiye ku biharuro vyerekana ko udutoboro tw’ikimamara ari agahebuza. Yarerekanye ko kugabura ahantu mu bicebice vy’impande zitandatu zingana ari bwo buryo bwiza bwo kugabura ahantu mu buryo bungana kandi busaba ibikoresho bike.

Kuba inzuki zikoresha udutoboro tw’impande zitandatu, bituma zikoresha neza ikibanza cose zifise. Ivyo bituma zubaka ikimamara gihwahutse yamara gikomeye, zidakoresheje ishashara ryinshi. Bituma kandi zishobora gushira ubuki bwinshi mu dutoboro tw’ico kimamara. Ntibitangaje kubona ikimamara citwa ko ari “ikintu gikozwe ku buhinga buhanitse.”

Muri iki gihe, abahinga bararabira ku kimamara kugira bakore ibintu bikomeye kandi bitwara ikibanza gito. Nk’akarorero, abahingura indege barigana ikimamara mu guhingura ibihimba bimwebimwe vy’indege. Indege ica irushiriza gukomera no guhwahuka, bigatuma ikoresha igitoro gike.

None uvyibazako iki? Kuba ikimamara gikozwe mu buryo buhanitse, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwabikoze?