Ja ku birimwo

Ico bavuga ku nkomoko y’ubuzima

Umuhinga w’ubwonko asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga Rajesh Kalaria aratuyagira ibijanye n’akazi akora be n’ivyo yemera. Ni igiki catumye akunda ivy’ubuhinga bwa siyansi? Ni igiki catumye agira amakenga ku nkomoko y’ubuzima?

Irène Hof Laurenceau: Umuganga abaga ingingo z’amagufa asigura icatumye yemera Imana

Akazi akora ko kuvura abafise ingorane mu ngingo z’amaguru katumye ahindura ivyiyumviro.

Monica Richardson: Umuganga asigura icatumye yemera Imana

Yaribajije nimba kwibaruka umwana coba ari ikintu ciyadukije canke ko hariho uwabitunganije. Ni iciyumviro ikihe yashitseko afatiye ku vyo amaze kwibonera mu kazi kiwe k’ubuganga?

Umuhinga asigura icatumye yemera Imana

Yan-Der Hsuuw yahoze yemera ihindagurika, ariko amaze gutangura kugira ubushakashatsi yarahinduye ivyiyumviro.

Umuganga yanonosoye ivyo kubaga asigura igituma yemera Imana

Muganga Guillermo Perez yaramaze imyaka myinshi yemera inyigisho y’ihindagurika, ariko ubu yarajijutse ko umubiri wacu waremwe n’Imana. Ni igiki catumye ahindura ivyiyumviro?

Umuhinga w’indwara z’amafyigo asigura icatumye yemera Imana

Kubera iki umuganga yahoze atemera Imana yatanguye kwiyumvira ivyerekeye Imana be n’intumbero y’ubuzima? Ni igiki catumye ahindura ukuntu yabona ivyo bintu?

Umuhinga mu vya ordinateri asigura icatumye yemera Imana

Igihe Fan Yu yatangura kugira ubushakashatsi mu biharuro, yemera ko ubuzima bwiyadukije. Ariko ubu aremera ko bwaremwe n’Imana. Kubera iki?

Massimo Tistarelli: Umuhinga mu vy’amarobo asigura icatumye yemera Imana

Ubuhinga budasanzwe afise bwaratumye atangura gukekeranya ku vyo yemera ku bijanye n’uko ibintu vyiyadukije.

Umushakashatsi mu vya fizike asigura igituma yemera Imana

Hari ibimenyamenya bibiri vyo mu bidukikije vyajijuye Wenlong He yuko hariho Umuremyi.

Umushakashatsi asigura icatumye yemera Imana

Frédéric Dumoulin yarashegeshwe n’amadini aca areka kwemera Imana. Kwiga Bibiliya no kwihweza ingene ibinyabuzima bimeze vyamujijuye gute ko hariho Umuremyi?

Umuhinga mu vy’ibinyabuzima asigura icatumye yemera Imana

Ivyo Dogoteri Hans Kristian Kotlar yabonye mu gutohoza ivyerekeye ubushobozi umubiri ufise bwo kwirwanira vyatumye yibaza ibijanye n’inkomoko y’ubuzima. Kwiga Bibiliya vyamufashije gute kuronka inyishu z’ivyo bibazo?

Umuhinga w’utunyabuzima dutoduto asigura icatumye yemera Imana

Kuba akagingo ngengabuzima kagizwe n’ibintu bihanitse kuruta uko abahinga bahoze bavyiyumvira, vyatumye Feng-Ling Yang, umuhinga mu vya siyansi wo mu Tayiwani, ahindura ukuntu yabona inyigisho y’ihindagurika. Kubera iki?

Umuhinga w’ibinyabuzima asigura icatumye yemera Imana

Ni igiki catumye uwo mushakashatsi asubira gusuzuma ibijanye n’inkomoko y’ubuzima, kandi ni igiki camujijuye yuko Bibiliya iva ku Mana?

Umuhinga mu biharuro asigura icatumye yemera Imana

Kubera iki Gene Hwang abona ko ivyo yemera bidateye kubira n’ivyo yize kw’ishure?

Umuhinga mu kuvuza ipiyano asigura icatumye yemera Imana

Umuziki ubwawo warajijuye uwo muntu yahoze atemera Imana, arahava aremera ko Umuremyi abaho. Ni igiki catumye yemera ko Bibiliya yavuye ku Mana?

Petr Muzny: Umuhinga mu vy’amategeko asigura icatumye yemera Imana

Yavutse ku ntwaro y’abakomunisita. Kwemera Umuremyi vyabonwa ko ari ubujuju. Raba icatumye ahindura ivyo yahora yemera.

Umuhinga mu bijanye n’ibidukikije asigura igituma yemera Imana

Niwisomere icatumye umunyasiyansi umwe ahindura ingene yabona Bibiliya, ivy’ihindagurika be n’iyo ubuzima bwakomotse.