Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | CÉLINE GRANOLLERAS

Umuhinga w’indwara z’amafyigo asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga w’indwara z’amafyigo asigura icatumye yemera Imana

Muganga Céline Granolleras ni umuganga wo mu Bufaransa yanonosoye ivyerekeye indwara z’amafyigo. Inyuma y’imyaka irenga 20 ari umuganga, yarashitse ku ciyumviro c’uko hariho Umuremyi atwitwararika. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’akazi akora be n’ivyo yemera.

Wotwiganira ivyerekeye ubwana bwawe?

Umuryango wacu wavuye mu Bufaransa wimukira muri Espanye igihe nari mfise imyaka icenda. Abavyeyi banje bari abagatolika, ariko igihe nari mfise imyaka 16 narahagaritse kwemera Imana. Jewe nabona ko idini ata co ryungura umuntu mu buzima. Hagize uwumbaza ati: ‘Nimba Imana itabaho ubuzima bwavuye hehe?’, namwishura nti: “Gushika ubu abanyasiyansi ntibashobora kubisigura, mugabo hazogera igihe babidusigurire.”

Ni igiki catumye wiga ivyerekeye indwara z’amafyigo?

Nize kw’ishure ry’ubuvuzi ry’i Montpellier mu Bufaransa. Hari umwigisha waho yambwiye ivyerekeye gukora mu gisata c’ubuvuzi kijanye n’amafyigo. Ico gikorwa cari cerekeye ukugira ubushakashatsi no kuvura abarwaye indwara z’amafyigo. Ivyo nyene ni vyo nipfuza gukurikirana. Mu 1990, naratanguye kugira ubushakashatsi bujanye no kuvura hakoreshejwe inkabuzo yitwa érythropoïétine recombinante kugira ngo amagufa yacu ahingure utugingo ngengabuzima dutukura. Ico gihe vyabonwa ko ico ari ikintu gishasha co kugirako ubushakashatsi.

Ni igiki catumye utangura kwiyumvira ivyerekeye Imana?

Mu 1979, umugabo wanje Floréal yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ariko jewe sinavyitaho. Nkiri umwana, nari narahaze ivy’idini. Ariko umugabo wanje n’abana barabaye Ivyabona vya Yehova, maze bidatevye abagenzi bacu nka bose basigara ari Ivyabona vya Yehova. Umwe muri abo bagenzi, uwitwa Patricia, yarangiriye inama ngo ngerageze gusenga. Yambwiye ati: “Nimba Imana itabaho, nta co uzoba uhomvye. Mugabo nimba ibaho, uzobona  ingene bizoca bigenda.” Haciye imyaka, naratanguye kwiyumvira intumbero y’ubuzima, nca ndibuka ivyo Patricia yari yarambwiye. Naciye ntangura gusaba Imana ngo imfashe gutahura.

Ni igiki catumye wibaza intumbero y’ubuzima?

Ca gitero ca ba gaterabwoba caba kuri za nyubakwa z’Icicaro gikuru c’ubucuruzi z’i New York (World Trade Center) caratumye nibaza igituma abantu basigaye ari ibikoko. Nariyumviriye nti: ‘Intagondwa mu vy’idini zirageramiye kazoza kacu. Mugabo ng’aha nibanira n’Ivyabona vya Yehova b’abanyamahoro. Bobo si intagondwa. Barakurikiza ivyo Bibiliya ivuga. Nari nkwiye kuraba ivyo ivuga.’ Naciye rero ntangura gusoma Bibiliya jenyene.

Bwa muganga, vyoba vyarakugoye kwemera ko Umuremyi abaho?

Habe namba. Naratangazwa cane n’ukuntu umubiri wacu ukozwe mu buryo buhanitse. Nk’akarorero, uburyo amafyigo acungera urugero rw’utugingo ngengabuzima dutukura mu maraso yacu ni ikintu giteye akoba ntiworaba!

Kubera iki uvuze gutyo?

Naratahuye ko Imana ari yo yonyene ishoboye gushiraho ikintu nk’ico gihanitse

Nk’uko ushobora kuba ubizi, utugingo ngengabuzima dutukura turatwara mu mubiri umwuka duhema witwa ogisijeni. Iyo umuntu atakaje amaraso menshi canke akaja ahantu hakirurutse cane, umubiri wiwe uca ubura ogisijeni. Amafyigo yacu arafise utuntu tumenya urugero rw’umwuka wa ogisijeni mu mubiri. Iyo utwo tuntu tubonye ko ogisijeni yagabanutse mu maraso, duca dukabura umubiri kugira ngo urekure ya nkabuzo érythropoïétine, kandi urugero rw’iyo nkabuzo rurashobora kwiyongera mu maraso incuro igihumbi. Iyo nkabuzo ituma umusokoro uhingura utundi tugingo ngengabuzima dutukura twinshi, na two tugaca tujana mu mubiri ogisijeni yiyongereye. Ni akaroruhore ntiworaba! Igitangaje, nagiye gutahura ko Imana ari yo yonyene ishoboye gushiraho ikintu nk’ico gihanitse maze imyaka cumi ndiko ndiga ivyo bintu.

Bibiliya wayibonye gute?

Nari maze gusoma ibitabu vyinshi vyerekeye kahise be n’ibindi bitabu bizwi cane, ariko igihe nasoma Bibiliya naciye mbona ko itandukanye na vyo. Impanuro itanga ni ngirakamaro cane ku buryo zitegerezwa kuba zavuye ku wurengeye abantu. Kumenya ingene Yezu yari ameze vyarankoze ku mutima cane. Narabonye ko yabayeho koko. Yari afise inyiyumvo, akagira n’abagenzi. Kubera ko ico gihe ntipfuza gukoresha ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova, igihe haba havyutse ikibazo nagira ubushakashatsi nkoresheje ibitabu vy’inkoranyabumenyi be n’ibindi bitabu.

Ni igiki wagiriye ubushakashatsi?

Naciye ngira ubushakashatsi mu bitabu vya kahise . . . Nahavuye mbona ko ivyo Bibiliya yari yaravuze vyarangutse ku gihe cavyo

Kimwe mu vyantangaje, ni ukuntu Bibiliya yari yaravuze umwaka Yezu yobatirijwemwo. Irerekana ata kwihenda igihe cohaciye kuva mu mwaka ugira 20 Aritazeruzi umwami w’Ubuperesi ari ku ngoma gushika igihe Yezu yoserukiyeko ari Mesiya. * Ndakunda cane kugira ubushakashatsi, kuko biri mu bigize akazi nsanzwe nkora. Naciye rero ngira ubushakashatsi mu bitabu vya kahise kugira ngo nsuzume igihe c’ingoma ya Aritazeruzi be n’igihe Yezu yatanguriyeko igikorwa ciwe. Nahavuye mbona ko ivyo Bibiliya yari yaravuze vyarangutse ku gihe cavyo, be n’uko itegerezwa kuba yahumetswe n’Imana.

^ par. 19 Raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ku rupapuro rwa 197-199.