Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | ELDAR NEBOLSIN

Umuhinga mu kuvuza ipiyano asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga mu kuvuza ipiyano asigura icatumye yemera Imana

Eldar Nebolsin wo mu gihugu ca Uzbekistani ni umucuraranzi karuhariwe w’ipiyano azwi mu bihugu bitari bike. Naho ari umucuraranzi yigenga, yaracuraranze ari kumwe n’imigwi y’abacuraranzi mu bisagara vya Londres, Moscou, Saint-Pétersbourg, New York, Paris, Rome, Sydney, Tokyo na Vienne. Eldar yakuze atemera Imana, akurira muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Mu nyuma yaratahuye ko abantu baremwe n’Imana y’urukundo. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’igikorwa akora co gucuraranga be n’ivyo yemera.

Vyagenze gute ngo ube umucuraranzi?

Abavyeyi banje bompi ni abacuraranzi b’ipiyano. Batanguye kunyigisha gucuraranga mfise imyaka itanu. Mu nyuma, narize kw’ishure rikomeye ryigisha ivy’umuziki ry’i Tashkent.

Ni ibiki ubona bitoroshe mu bijanye no gucuraranga uri kumwe n’umugwi w’abandi bacuraranzi?

Nta migwi y’abacuraranzi ibiri imera kumwe. Buri mugwi nowugereranya n’igicurarangisho amahero twovuga ko kivuzwa n’uwuyobora umugwi w’abacuraranzi. Kumbure ikintu nyamukuru kigora umucuraranzi yigenga ni ugucuraranga ahuza neza n’uwuyobora abacuraranzi. Ni nk’ikiyago kiba hagati y’abagenzi. Aho kwiganzira ikiyago, umwe wese akwiye kuza araha ijambo mugenziwe. Akenshi usanga uwo mucuraranzi aronka ikiringo kimwe gusa canke bibiri vyo gusubiramwo ari kumwe n’uwuyobora abacuraranzi kugira ngo bige guhuza.

Umara umwanya ungana gute wimenyereza gucuraranga?

Mpora mara n’imiburiburi amasaha atatu ku musi, kandi muri uwo mwanya sinitunira gusa ku bice bigoye vy’umuziki nzocuraranga. Ndafata n’umwanya wo kwiga ingene umuziki ndiko ndategura gucuraranga utunganijwe, ntarinze kuvuza igicurarangisho. Ikindi kintu nkora ni ukwumviriza iyindi miziki yatunganijwe n’uwateguye uwo muziki nzocuraranga, ivyo bikaba bituma ndushiriza kubona ingene nowucuraranga neza.

Wovuga ko umuhinga mu gucuraranga ipiyano amenyekanira ku ki?

Amenyekanira ku buhinga afise bwo gutuma ipiyano iririmba. Reka ndabisigure. Ipiyano iharurwa mu bicurarangisho umuntu avuza akubita (instruments à percussion). Uvugije inota kanaka, ijwi rica ritera riyama. Ipiyano iratandukanye n’ibicurarangisho bavuza bahuha canke  ijwi ry’umuntu, kuko vyovyo bishobora gutuma ijwi ry’inota ritagabanuka canke mbere bikaryongereza. Uwuvuza ipiyano usanga arwana urugamba rwo gutuma urugero rw’ijwi ry’inota avugije rutamanuka. Ivyo abigira mu gukoreshanya ubuhanga intoke ziwe n’amakonyero y’igikonjo, akongera akaza arafyonda n’ukuguru kw’iburyo akantu gatuma inota avugije risamira umwanya munini, kagahindura n’ukuntu ryumvikana. Igihe abavuza ipiyano bamaze kumenya ubwo buhinga bukomeye, barashobora gutuma ipiyano ivuga nk’umwironge, inzamba canke mbere nk’ibicurarangisho vyinshi biriko bivugirizwa rimwe. Barashobora no gutuma irekura ijwi nk’iry’igicurarangisho kiruta ibindi vyose, na co kikaba ari agahogo k’umuntu.

Urakunda umuziki cane pe!

Kuri jewe, umuziki ni uburyo burashe kurusha ubundi bwose bwo guserura no gukabura inyiyumvo zigoye guserura mu majambo canke mbere zidashobora guserurwa n’amajambo.

Ni igiki catumye witaho ivyerekeye Imana?

Iwacu hamye hari ibitabu vyinshi dawe yakura i Moscou. Igitabu canezereje cane cari kirimwo inkuru zo muri Bibiliya zivuga ingene ihanga rya Isirayeli ryatanguye kubaho be n’ivyo ryaciyemwo. Ikindi gitabu naronse ni icitwa Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, casohowe n’Ivyabona vya Yehova. * Narakozwe cane ku mutima n’ukuntu gishikiriza inyigisho zo muri Bibiliya mu buryo burashe. Igihe naja muri Espanye mu 1991 kwiga ivy’umuziki, nagiye ndakijanye kandi naragisomye incuro n’izindi. Narubuye ukwizera kudashingiye ku nyiyumvo gusa, ariko gushingiye ku bintu vyumvikana no ku bimenyamenya bijijura.

Inyigisho yanshimishije cane ni umuhango Bibiliya itanga w’uko abantu bazoba kw’isi ibihe bidahera. Numvise iyo nyigisho yumvikana! Ariko ico gihe sinari bwahure n’Ivyabona vya Yehova. Mugabo nari niyemeje yuko umusi nahuye na bo nzobasaba banyigishe Bibiliya.

None wahuye gute n’Ivyabona vya Yehova?

Inyuma y’imisi mikeya ngize uwo mwiyemezo, narabonye abapfasoni babiri bari bafise Bibiliya mu maboko. Naciye niyumvira nti: ‘Aba bantu basa na ba bandi nasoma muri ca gitabu canje. Bariko baramamaza inkuru nziza nk’abakirisu bo mu bihe vya Bibiliya.’ Nta misi yahaciye ntaratangura kwiga Bibiliya n’Icabona ca Yehova. Ubu, nta kintu kintera umunezero kuruta gufasha abandi kumenya ivyerekeye Umuremyi wacu.

None ko wahoze utemera ko hariho Umuremyi, ni igiki cakujijuye ko abaho?

Umuziki wonyene waranjijuye. Abantu nka bose barakunda umuziki ku rugero ibikoko bidashikira. Umuziki urashobora gutuma umuntu aserura akanyamuneza afise, icizigiro, ikibabarwe, n’izindi nyiyumvo nka zose. Iyo twumvise umuziki, dusanga twajanye n’umudiho wawo. None umuziki woba ari ntahara kugira ngo abantu babandanye kubaho? Hoba hari ico ufasha mu gutuma ibinyabuzima bimwe bibandanya kubaho ibindi vyahonye, ari vyo abemera ivy’ihindagurika bita ngo “akaruta akandi karakamira?” Nibaza ko bidashoboka. Jewe mbona ko bitumvikana kwiyumvira ko ubwonko bw’umuntu ari ikintu ciyadukije, uravye ububasha bufise bwo kwiyumvira no kuryohererwa umuziki nk’umwe wa Mozart na Beethoven. Insiguro yumvikana cane kuruta iyo ni iy’uko ubwonko bwacu bwaremwe n’Imana y’urukundo n’ubukerebutsi.

Bibiliya ni nk’umuziki watunganijwe mu buryo buteye igomwe kandi buri ku buhinga, utanga ubutumwa bukora ku mutima bugenewe abantu bose, wacuraranzwe n’umugwi w’abacuraranzi

Ni igiki catumye wemera ko Bibiliya yavuye ku Mana?

Bibiliya igizwe n’ibitabu bitobito 66 vyanditswe n’abantu nka 40 mu kiringo c’imyaka irenga 1.600. Naribajije nti: ‘Ni nde none yatunganije iyandikwa ry’ico gitabu kidasanzwe kivuga rumwe?’ Ni Imana; iyo ni yo nyishu yonyene yumvikana. Jewe, Bibiliya ndayibona nk’umuziki watunganijwe mu buryo buteye igomwe kandi buri ku buhinga, utanga ubutumwa bukora ku mutima bugenewe abantu bose, wacuraranzwe n’umugwi w’abacuraranzi.

^ par. 15 Mu kwigisha Bibiliya, ubu Ivyabona vya Yehova bakoresha igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Urashobora kukironka kuri Internet kuri www.pr418.com.