Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | GUILLERMO PEREZ

Umuganga yanonosoye ivyo kubaga asigura igituma yemera Imana

Umuganga yanonosoye ivyo kubaga asigura igituma yemera Imana

Muganga Guillermo Perez aheruka gukukuruka mw’ibanga ry’umuganga mukuru abaga ku bitaro vyo muri Afrika y’Epfo bishobora kurwariramwo abantu 700. Yaramaze imyaka myinshi yemera ko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika. Ariko yahavuye ajijuka yuko umubiri wacu waremwe n’Imana. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’ivyo yemera mu vy’Imana.

Wotubwira igituma wahora wemera ivy’ihindagurika?

Naho nakuriye muri Gatolika, nari mfise amakenga ku bijanye n’Imana. Nk’akarorero, sinashobora kwemera Imana ituririra abantu mu muriro udahera. Igihe rero abigisha bo kuri kaminuza batwigisha ko ibiriho bitaremwe n’Imana ahubwo ko vyabayeho biciye kw’ihindagurika, naravyemeye kubera nibaza ko iyo nyigisho ifise ibiyemeza. Ico womenya ni uko idini narimwo ritiyamiriza iyo nyigi- sho ahubwo ryigisha ko Imana ari yo yayoboye iryo hindagu- rika.

Ni igiki catumye usuzuma Bibiliya?

Umukenyezi wanje Susana yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, bakaba baramweretse muri Bibiliya yuko Imana itababariza abantu mu muriro udahera. * Baramweretse kandi yuko Imana yasezeranye ko izotuma isi yacu iba Iparadizo. * Emwe, twari tugiye twaronka inyigisho zumvikana! Mu 1989, hari Icabona yitwa Nick yatanguye kungendera. Igihe twariko turaganira ivyerekeye umubiri wacu n’inkomoko yawo, narakozwe ku mutima n’ikintu coroshe kandi cumvikana Bibiliya ivuga mu Baheburayo 3:4, iti: “Inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.”

Ivyo wize ku vyerekeye umubiri wacu vyoba vyaragufashije kwemera irema?

Egome. Nk’akarorero, uburyo umubiri wacu wisanasana butunganijwe mu buryo bwitondewe. Iyumvire nk’ibijanye n’igikomere. Kugira gikire bisaba intambwe zine zigenda zinjiranamwo, zose zikaba zinyibutsa yuko igikorwa nkora co kubaga cisunga ahanini ubushobozi umubiri ufise bwo kwisanasana.

Wotubwira ingene bigenda iyo umuntu akomeretse?

Mu masegonda makeyi, haca hatangura intambwe ya mbere y’urukurikirane rw’ibintu bigenewe gutuma amaraso areka kuva. Ivyo bintu birahanitse rwose kandi bikora neza cane. Ico nokwongerako ni uko imitsi itwara amaraso  mu mubiri wacu, iyireha n’ibilometero 100.000 uyiterateranije, itegerezwa kuba ituma n’abafundi karuhariwe mu vy’amazi bata amacumu kuko iyo mitsi ubwayo ishobora kuzibira ahava ikongera ikisanasana.

Ni ibiki biba ku ntambwe igira kabiri y’ukwo kwisanasana?

Inyuma y’amasaha nk’angahe, amaraso aca areka kuva maze ukuvyimba kugatangura. Ukwo kuvyimba kugizwe n’ibintu bitangaje bigenda birakurikirana. Ubwa mbere, imitsi itwara amaraso yari yabaye nk’iyihomberanya kugira amaraso atakara agabanuke, ica ikora igihushanye n’ivyo. Ica yaguka kugira amaraso atembera ahakomeretse n’iruhande yaho yongerekane. Ubukurikira, ibintu bimeze nk’amazi birimwo indemamubiri nyinshi bica bituma ahakomeretse n’iruhande yaho havyimba. Ivyo bintu bimeze nk’amazi birafasha cane kurwanya imigera, kugabanya amakari y’ubumara no gukuraho uduhimba twononekaye. Kugira ivyo vyose bibe, bisaba ko hagenda haraba ibintu bituma hahingurwa uduhimba twitwa molekile n’utugingo ngengabuzima amamiliyoni biba bikenewe. Bimwe muri ivyo bintu biba bica bicira inzira intambwe ikurikira, igikorwa cavyo kikaba kirangiye.

None haca hakurikira iki?

Inyuma y’imisi mikeyi, intambwe ya gatatu iba itanguye: Umubiri wacu uca utangura guhingura ibikoresho vyo kwisanasana. Mu ndwi nka zibiri, ico gikorwa kiba kigeze aho cihuta cane. Utugingo ngengabuzima duhingura udutsidutsi two gutambika mu gikomere duca dutangura kuja ahakomeretse no hafi yaho maze tukarwira. Vyongeye, udutsi tunzwinya dutwara amaraso turatangura kunaga no gukura twerekeza ahakomeretse, tugaca dukurayo imicafu, tukazana ibindi vya ngombwa. Ico gihe umubiri uba uriko urakuraho ibintu bitagikenewe wongera wisanasana. Haraba n’ibindi bintu bihanitse, aho utugingo ngengabuzima tudasanzwe duhingurwa kugira ngo dutume igikomere kigenda kiriyugara.

Emwe, umubiri ukora vyinshi pe! None haba hasigaye ikiringo kingana iki ngo igikomere gikire neza?

Intambwe ya nyuma ni iyo gusubirana, ikaba ishobora gufata amezi. Ku bijanye n’amagufa yavunitse, arasubira gukomera nk’uko yahora. Nayo ku bijanye n’igikomere, twa dutsidutsi twari dutambitse hagati muri co duca dusubirizwa n’utundi dukomeye kuruta. Muri make, ukuntu igikomere gikira ni akarorero gatangaje k’ingene ibigize umubiri bikorera hamwe mu buryo buhanitse kandi buri ku rutonde.

Hoba hari ikintu cabaye kikagutangaza bimwe bidasanzwe?

Ndavye ukuntu umubiri wisanasana, emwe ndajorerwa!

Egome. Ndibuka igihe navura umwigeme w’imyaka 16 yari yagize isanganya rikomeye ry’umuduga. Yari amerewe nabi cane kubera ko agahimba ko mu nda kitwa rate kari katabutse cane akaba kandi yariko avirira imbere. Mu myaka y’imbere y’aho, umuntu nk’uyo twaca tumubaga kugira dusanasane ako gahimba canke tugakureyo. Mugabo muri iki gihe, abaganga bisunga cane ubushobozi umubiri ufise bwo kwisanasana. Naciye rero ndamufasha gusa mu bijanye n’ingorane yari yagize yo gutakaza amazi menshi mu mubiri, ugukama amaraso, ububabare be n’indwara yari yanduye iterwa n’imigera. Haciye amayinga makeyi, ibipimo vya scanner vyerekanye ko ka gahimba kari kakize! Ndavye ukuntu umubiri wisanasana, emwe ndajorerwa! Biranatuma ndushiriza kujijuka ko twaremwe n’Imana.

Ni igiki catumye ushima Ivyabona vya Yehova?

Nabonye ari abantu bafata neza abandi kandi ibibazo vyanje vyose bavyishura bakoresheje Bibiliya. Narakozwe kandi ku mutima n’ukuntu bagaragaza umutima rugabo mu kubwira abandi ivyo bemera, bakabafasha kumenya ivyerekeye Imana.

Kuba Icabona ca Yehova vyoba vyaragufashije mu kazi wakora?

Ego cane. Kimwe coco vyaramfashije kwihanganira ukuruha mu mutima gukunze gushikira abaganga n’abaforoma bama bariko baravura abarwayi bamerewe nabi canke abakomeretse. Vyongeye, igihe abarwayi baba bashaka uwubayagisha, narabasigurira yuko Umuremyi wacu yadusezeraniye ko azokuraho indwara n’imibabaro * maze atume tubaho ata n’umwe avuga ati: “Ndarwaye.” *