Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | WENLONG HE

Umushakashatsi mu vya fizike asigura igituma yemera Imana

Umushakashatsi mu vya fizike asigura igituma yemera Imana

WENLONG HE yatanguye kwiga ivy’ubuhinga bwitwa fizike i Suzhou mu ntara ya Jiangsu, mu Bushinwa. Arafasha mu gutegura ikinyamakuru mpuzamakungu c’ivy’ubuhinga bwa none, akaba kandi amaze gusohora ibiganiro bitari bike mu bitabu bivuga ivya siyansi. Muri iki gihe, Wenlong He akorera kuri kaminuza ya Strathclyde muri Ekose. Akiri muto, yaremera inyigisho y’ihindagurika ariko yahavuye atahura ko ubuzima bwaremwe. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’ivyo yemera mu vy’Imana.

Wotubwira kahise kawe?

Navutse mu 1963, nkurira mu Bushinwa mu kigwati kiri mu bumanuko bw’Uruzi Yangzi mu ntara ya Jiangsu. Ni akarere kari hafi y’intara zishushe kazwi cane ko kimbuka rwose, kakaba gakunda kwitwa akarere k’umuceri n’amafi. Nkiri umwana narakunda kwibaza nti: ‘Kubera iki mu bidukikije hari ibifungurwa vyinshi binovera? Vyoba vyariyadukije? Hagati y’inkokokazi canke irigi, ni igiki catanguye kubaho?’ Kubera ko benshi mu Bushinwa batemera Imana, kw’ishure twarigishijwe ivy’uko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika.

Bite ho ku bijanye n’umuryango ukomokamwo?

Abavyeyi banje ntibemera Imana. Mawe yari umurimyi. Dawe yari umuhinga mu vyo kwubaka, akaba yarashinze ishirahamwe rikora ivy’ubwubatsi. Ndi imfura mu bahungu babo batanu. Ariko babiri mu bo tuvukana bapfuye bakiri bato. Vyarambabaje cane, bituma nibaza nti: ‘Kubera iki abantu bapfa? Noba nzosubira kubona barumunanje?’

Kubera iki wize ivya siyansi?

Nipfuje kwiga ivy’ubuhinga bwa fizike kubera ko nagomba gutahura ibijanye n’ibidukikije. Niyumvira ko ubwo buhinga bwotumye ndonka inyishu z’ibibazo nahora nibaza kuva nkiri umwana.

None ugira ubushakashatsi bwoko ki?

Ndiga uburyo bwo gufata uduhimba inzatsa tw’ibintu dufise umuyagankuba, ngatuma tunyaruka  ku muvuduko uhakwa kungana n’uw’umuco. Ivyo ndabikora kugira ntohoze ibigize uduhimba dutoduto cane tw’ibintu twitwa atome. Ndiga n’uburyo bwo gutuma ibintu bishobora kurekura imishwarara ikomeye cane. Naho ubwo bushakashatsi ngira burimwo inyungu y’amahera, ndabugira mfise n’intumbero yo gutahura ukuntu ibiriho vyose vyabayeho.

Ni igiki catumye ushima gutohoza Bibiliya?

Mu 1998, hari umugabo n’umugore b’Ivyabona vya Yehova bangendeye muhira. Bambwiye ko bashobora kunyereka inyishu Bibiliya itanga ku bibazo nibaza. Umukenyezi wanje, na we nyene akaba ari umushakashatsi mu vya siyansi, yaciye atwiyungako. Ntitwari bwigere tubona Bibiliya, ariko impanuro ngirakamaro itanga zaradukoze ku mutima. Twariboneye ukuntu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyagirira akamaro uwo mugabo n’umugore batugendera. Bari bahimbawe kandi bari bifitiye ubuzima busanzwe. Mugabo ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’Imana vyatumye nsubira kwibaza nimba ibiriho bitoba vyararemwe. Bwa muhinga mu vya fizike, akazi kanje ni ako gutahura ibidukikije. Ni co gituma nafashe ingingo yo kwihweza nitonze ibimenyamenya vyerekana ko hariho Umuremyi.

Bwa muhinga mu vya fizike, akazi kanje ni ako gutahura ibidukikije. Ni co gituma nafashe ingingo yo kwihweza nitonze ibimenyamenya vyerekana ko hariho Umuremyi

Ni ibimenyamenya ibihe wasuzumye?

Ica mbere co, nari nzi neza ko umugwi w’ibintu udashobora kuguma utunganije neza canke ngo ube uwutunganije neza gusumba, bidaturutse ku kintu kitari muri uwo mugwi. Ivyo bihuye n’itegeko rigira kabiri rigenga ivy’ubushuhe n’izindi nguvu. Kubera ko ivyo mu kirere n’ibinyabuzima vyo kw’isi birimwo urutonde ruhanitse, naciye mbona yuko bitegerezwa kuba vyashizweho n’ikintu kitari muri vyo, ni ukuvuga Umuremyi. Ikimenyamenya ca kabiri ni uko ivyo mu kirere be n’isi bisa n’ivyatunganijwe kugira ngo ubuzima bushoboke kw’isi.

Ni ibiki vyakwemeje ko hari uwabitunganije?

Ibinyabuzima vyo kw’isi nka vyose birakenera inguvu ziva ku zuba. Izo nguvu zica mu kirere ari imishwarara. Zishika kw’isi ari imishwarara y’uburebure butandukanye, harimwo n’iyitwa ultraviolets. Igitangaje ni uko ikirere gikikuje isi yacu kizibira myinshi mu mishwarara yotugirira nabi, mugabo kikareka imishwarara ikenewe igashikira isi.

Kubera iki ivyo vyagutangaje?

Narakozwe ku mutima n’amajambo ya mbere y’inkuru yo muri Bibiliya yerekeye irema n’ukuntu ivuga ibijanye n’umuco. Iyo nkuru igira iti: “Imana ivuga iti: ‘Nihabeho umuco.’ Nuko habaho umuco.” * Naho igice gitoyi cane c’imishwarara y’izuba ari co kigize umuco dushobora kubona n’amaso, uwo muco ni ntahara kugira ubuzima bushoboke. Ibiterwa birawukenera kugira bituronse ibifungurwa, kandi natwe turawukenera kugira dushobore kubona. Kuba ikirere gikikuje isi kireka umuco ukarengana, si ikintu capfuye kwiyadukiza. N’igitangaje kuruta ni imishwarara mikeyi cane yitwa ultraviolets ishikira isi.

Kubera iki ivyo bihambaye?

Imishwarara mikeyi y’uwo muco irakenewe cane. Urukoba rwacu rurakenera mikeyi muri iyo mishwarara kugira ngo umubiri wacu uhingure vitamine D. Iyo vitamine ituma amagufa yacu amera neza, kandi biboneka yuko ikingira kanseri n’izindi ndwara. Ariko iyo mishwarara ibaye myinshi, iratera indwara ya kanseri y’urukoba na ya ndwara y’amaso yitwa cataracte. Ikirere gikikuje isi kirareka mikeyi cane muri iyo mishwarara igashikira isi, iyo mikeyi ikaba ari yo nyene ikenewe. Jewe mbona ko ico ari icemeza ko hari uwatunganije isi kugira ubuzima bushoboke.

Twe na Huabi twahavuye tujijuka yuko hariho Umuremyi be n’uko ari we yahumekeye Bibiliya. Mu 2005, twarabaye Ivyabona vya Yehova, ubu tukaba tugira uruhara mu gikorwa co kwigisha abandi Bibiliya.