Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Ivyakozwe 1:8: «Muzohabga ubushobozi»

Ivyakozwe 1:8: «Muzohabga ubushobozi»

 «Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.»​—Ivyakozwe 1:8, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.»​—Ivyakozwe 1:8, Bibiliya Yera.

Ico mu Vyakozwe 1:8 hasobanura

 Yezu yasezeraniye abigishwa biwe ko impwemu y’Imana yobaronkeje inkomezi zo kwigisha Ijambo ry’Imana mu turere turi kure tw’isi.

 «Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako.» Yezu yarasubiyemwo isezerano yagiriye abigishwa biwe yuko amaze gusubira mw’ijuru, boronse ububasha buvuye ku mpwemu nyeranda y’Imana. a (Yohani 14:16, 26) Haciye imisi cumi Yezu aduze mw’ijuru, mu 33 inyuma ya Kristu, abigishwa biwe bararonse impwemu nyeranda bari barasezeraniwe. (Ivyakozwe 2:1-4) Impwemu nyeranda y’Imana yarabafashije kuvuga mu zindi ndimi no gukora ibitangaro, ariko kandi yarabahaye ububasha bwo kuvuga inkuru nziza yerekeye Yezu ata bwoba.​—Ivyakozwe 3:1-8; 4:33; 6:8-10; 14:3, 8-10.

 «Muzombera ivyabona.» Ijambo rihindurwa ngo «icabona» risobanura «umuntu ashinga intahe» canke «umuntu yemeza ikintu» afatiye ku vyo yiboneye canke ivyo asanzwe azi. Kubera ko abigishwa ba Yezu bari baramwiboneye igihe yari kw’isi, bari bashoboye gushinga intahe y’ibintu vyabaye, harimwo urupfu rwiwe n’izuka ryiwe. (Ivyakozwe 2:32; 3:15; 5:32; 10:39) Ibimenyamenya ntaharirizwa abo bigishwa batanga vyarajijuye abandi benshi ko Yezu yari Kristu, ari we Mesiya yari yarasezeranywe. (Ivyakozwe 2:32-36, 41) Abizeye ivyo intumwa zavuga baracitse ivyabona vya Yezu, mu nyuma na bo barigisha abandi ivyerekeye ubuzima bwa Yezu, urupfu rwiwe be n’izuka ryiwe.​—Ivyakozwe 17:2, 3; 18:5.

 «Gushika mu karere ka kure rwose k’isi.» Iyi mvugo ishobora kandi gusobanura ngo «gushika ku mpera y’isi» canke ngo «no mu bindi bihugu.» Ayo majambo Yezu yavuze arerekana iyo abigishwa biwe bogarukiye bariko baramushingira intahe. Borenze i Yudaya n’i Samariya bariko barabwira abandi ivyo bemera. Mu bisanzwe, bovuze inkuru nziza mu karere kanini kandi bagashikira abantu benshi kuruta uko Yezu yabigize. (Matayo 28:19; Yohani 14:12) Mu myaka idashika 30 inyuma y’aho Yezu avugiye ayo majambo, intumwa Pawulo yanditse ko inkuru nziza yerekeye Yezu yari imaze «[kwamamazwa] mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru», harimwo uturere turi kure nk’i Roma, Paritiya (Ubumanuko bushira Ubuseruko bw’Ikiyaga Kasupiyene) no mu Buraruko bwa Afrika.​—Abakolosayi 1:23; Ivyakozwe 2:5, 9-11.

Amakikuro y’Ivyakozwe 1:8

 Igitabu c’Ivyakozwe gitangura kivuga ivyo Injili ya Luka iherezako. (Luka 24:44-49; Ivyakozwe 1:4, 5) Umwigishwa Luka, ari na we yacanditse, atangura inkuru yiwe adondora ingene Yezu yiyeretse abigishwa biwe amaze kuzuka. (Ivyakozwe 1:1-3) Aca avuga ingene ishengero rya gikirisu ryatanguye hamwe n’ukuntu ryateye imbere mu kiringo kiri hagati yo mu 33 inyuma ya Kristu gushika nko mu 61 inyuma ya Kristu.​—Ivyakozwe 11:26.

 Amakikuro y’Ivyakozwe 1:8 arerekana ko abigishwa ba Yezu bariko bibaza nimba Yezu yari agiye gutangura kuganza mu Bwami bw’Imana mu gihe bobaye bakiriho. (Ivyakozwe 1:8, 6) Mu kubishura, Yezu yababwiye ko batorazwa ishinga cane no kumenya igihe Ubwami bw’Imana bwotanguriye kuganza. (Ivyakozwe 1:7) Ahubwo riho, bari bakwiye gushira imbere igikorwa co gushinga intahe yerekeye Yezu «gushika mu karere ka kure rwose k’isi.» (Ivyakozwe 1:8) Muri ubwo buryo nyene, abakirisu muri iki gihe baramamaza n’umwete inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana.​—Matayo 24:14.

 Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’ibivugwa mu gitabu c’Ivyakozwe.

a Impwemu nyeranda y’Imana ni inguvu zikora z’Imana. (Itanguriro 1:2) Kugira umenye n’ibindi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Impwemu nyeranda ni iki?»