Ja ku birimwo

Bibiliya yoba yigisha ko umuntu apfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa?

Bibiliya yoba yigisha ko umuntu apfuye yongera kuvukira mu kindi kiremwa?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya. Mbere n’ico ciyumviro nta na hamwe kiboneka muri Bibiliya. Ukwo kwemera gushingiye ku nyigisho y’ubugingo budapfa. a Ariko Bibiliya yigisha ko iyo nyigisho atari yo. (Itanguriro 2:7; Ezekiyeli 18:4) Umuntu apfuye aba aretse kubaho.—Itanguriro 3:19; Umusiguzi 9:5, 6.

Itandukaniro riri hagati y’ukuzuka n’ukwongera kuvukira mu kindi kiremwa

 Izuka Bibiliya yigisha ntirishingiye ku nyigisho y’ubugingo budapfa. Mu gihe c’izuka, abapfuye bazosubira kubaho biciye ku bubasha bw’Imana. (Matayo 22:23, 29; Ivyakozwe 24:15) Izuka riduha icizigiro co kwongera kubaho mw’isi nshasha tuzi neza ko tutazokwongera gupfa.—2 Petero 3:13; Ivyahishuwe 21:3, 4.

Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye Bibiliya n’inyigisho y’ukwongera kuvukira mu kindi kiremwa

 Iciyumviro kitari co: Bibiliya ivuga ko umuhanuzi Eliya yongeye kuvuka aca aba Yohani Umubatizi.

 Ukuri: Imana yari yaravuze iti: “Ntumye kuri mwebwe Eliya umuhanuzi,” kandi Yezu yavuze ko Yohani yashikije ayo majambo. (Malaki 4:5, 6; Matayo 11:13, 14) Ariko rero, ivyo ntibisigura ko Eliya yongeye kuvuka ngo abe Yohani Umubatizi. Yohani ubwiwe yarivugiye ko atari Eliya. (Yohani 1:21) Ahubwo riho, Yohani yakoze igikorwa nk’ica Eliya, co gutangaza ubutumwa bw’Imana bwo kwigaya ibicumuro. (1 Abami 18:36, 37; Matayo 3:1) N’ikindi kandi, Yohani yari “uwukomeye n’umunyabubasha nk’umuhanuzi Eliya.”—Luka 1:13-17, Good News Translation.

 Iciyumviro kitari co: Bibiliya ivuze “ukwongera kuvuka” iba iriko ivuga ukuvukira mu kindi kiremwa.

 Ukuri: Bibiliya yerekana ko ukwongera kuvuka ari ukuvuka kwo mu buryo bw’impwemu kuba mu gihe umuntu akiriho. (Yohani 1:12, 13) Kwongera kuvuka rero, si ingaruka zitegerezwa gushikira umuntu kubera ivyo yakoze muri kahise, ahubwo ni umuhezagiro uva ku Mana, utuma abawuronse bagira icizigiro kidasanzwe ca kazoza.—Yohani 3:3; 1 Petero 1:3, 4.

a Inyigisho y’ubugingo budapfa be n’iy’ukwongera kuvukira mu kindi kiremwa zakomotse muri Babiloni ha kera. Mu nyuma, abafilozofe b’Abahindi baratanguje inyigisho ya Karma. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga; Karma ni “itegeko rigenga ikintu n’ingaruka yaco, rikaba rivuga ko ico umuntu akoze ubu kizogira ingaruka mu buzima buzokurikira.”—Igitabu Britannica Encyclopedia of World Religions, urupapuro rwa 913.