Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 4

Yezu Kristu ni nde?

Yezu Kristu ni nde?

1. Intango y’ubuzima bwa Yezu ni iyihe?

Ni kamere izihe za Yezu zatuma aba umuntu yegereka?—MATAYO 11:29; MARIKO 10:13-16.

Mu buryo butandukanye n’abandi bantu bose, Yezu yarabaye mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu imbere y’uko avukira kw’isi. (Yohani 8:23) Ni we wa mbere Imana yatanguye kurema, kandi yarafashije mu kurema ibindi bintu vyose. Ni we wenyene Yehova yiremeye ubwiwe, bikaba rero bibereye ko yitwa Umwana “w’ikinege” w’Imana. (Yohani 1:14) Yezu yarabaye Umuvugizi w’Imana, akaba ari yo mpamvu yitwa kandi “Jambo.”—Soma Imigani 8:22, 23, 30; Abakolosayi 1:15, 16.

2. Kubera iki Yezu yaje kw’isi?

Imana yarungitse Umwana wayo kw’isi mu gukura ubuzima bwiwe mw’ijuru ikabwimurira mu nda y’umwigeme w’isugi w’Umuyudakazi yitwa Mariya. Yezu rero ntiyagize se w’umuntu. (Luka 1:30-35) Yezu yaje kw’isi kugira ngo (1) yigishe ukuri ku vyerekeye Imana, (2) atubere akarorero mu bijanye n’ingene twokora ivyo Imana igomba naho twoba turi mu ngorane, yongere (3) atange ubuzima bwiwe butunganye bwa “ncungu.”—Soma Matayo 20:28.

3. Kubera iki dukeneye incungu?

Incungu ni ikiguzi gitangwa kugira ngo umuntu yari gushobora kwicwa ntiyicwe. (Kuvayo 21:29, 30) Urupfu n’ubusaza ntivyari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango. Uti tubibwirwa n’iki? Imana yabwiye wa muntu wa mbere Adamu yuko aramutse akoze ico Bibiliya yita “igicumuro,” yopfuye. Rero, iyo Adamu adacumura ntiyari kwigera apfa. (Itanguriro 2:16, 17; 5:5) Nk’uko Bibiliya ivyerekana, urupfu ‘rwarinjiye’ mw’isi, ni ukuvuga mu muryango w’abantu, biciye kuri Adamu. Gutyo, Adamu yararaze abamukomotseko bose igicumuro be n’igihano kiva kuri co, ni ukuvuga urupfu. Turakeneye incungu kugira ngo dukurweko igihano c’urupfu twarazwe na Adamu.—Soma Abaroma 5:12; 6:23.

Ni nde none yari gushobora gutanga incungu kugira ngo adukize urupfu? Iyo umuntu apfuye, aba yishuye ku bw’ibicumuro vyiwe bwite. Nta muntu adatunganye yoshobora kwishura ibicumuro vy’abandi.—Soma Zaburi 49:7-9.

4. Kubera iki Yezu yapfuye?

Mu buryo butandukanye na twebwe, Yezu yari umuntu atunganye. Ku bw’ivyo ntiyapfuye ku bw’ibicumuro vyiwe, kuko we ata gicumuro na kimwe yigeze akora. Ahubwo, Yezu yapfuye ku bw’ibicumuro vy’abandi. Imana yarerekanye urukundo rudasanzwe ifitiye umuryango w’abantu mu kurungika Umwana wayo ngo adupfire. Yezu na we nyene yarerekanye ko adukunda mu kugamburukira Se maze aratanga ubuzima bwiwe ku bw’ibicumuro vyacu.—Soma Yohani 3:16; Abaroma 5:18, 19.

Raba ividewo Kubera iki Yezu yapfuye?

5. Ubu Yezu ariko akora iki?

Igihe Yezu yari kw’isi, yarakijije abarwaye, arazura abapfuye, yongera aratanga ubuzima bwiwe ngo akize abantu igicumuro n’urupfu. Gutyo yarerekanye ivyo muri kazoza azokorera abantu bose bagamburuka. (Matayo 15:30, 31; Yohani 5:28) Yezu amaze gupfa, Imana yarasubiye kumugira muzima ari ikiremwa c’impwemu. (1 Petero 3:18) Yezu yaciye arindirira iburyo bw’Imana gushika imuhaye ububasha bwo kuba Umwami aganza isi yose. (Abaheburayo 10:12, 13) Ubu Yezu araganza ari Umwami mw’ijuru, kandi abayoboke biwe bariko baratangaza iyo nkuru nziza kw’isi yose.—Soma Daniyeli 7:13, 14; Matayo 24:14.

Vuba Yezu azokoresha ububasha ahabwa no kuba ari Umwami kugira ngo akureho imibabaro yose be n’abayiteza. Abantu bose bizera Yezu mu kumugamburukira bazokwibera mw’Iparadizo kw’isi.—Soma Zaburi 37:9-11.