Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 9

Mworonka gute agahimbare mu rugo rwanyu?

Mworonka gute agahimbare mu rugo rwanyu?

1. Kubera iki umubano w’ababiranye wemewe n’amategeko ukenewe cane kugira habe agahimbare mu rugo?

Inkuru nziza iva kuri Yehova, ya Mana ihimbawe, we ashaka ko imiryango ihimbarwa. (1 Timoteyo 1:11) Ni we yatanguje umubano w’ababiranye. Umubano w’ababiranye wemewe n’amategeko urakenewe cane kugira habe agahimbare mu rugo, kubera ko utuma abavyeyi n’abana bumva batekaniwe. Abakirisu bakwiye kwubahiriza amategeko y’aho baba ajanye n’ivyo kwandikisha umubano w’ababiranye.—Luka 2:1, 4, 5.

None Imana ishaka ko umubano uba umeze gute? Ishaka ko umugabo n’umugore babana ubuzima bwabo bwose. Yehova ashaka ko abagabo n’abagore badahemukiranira. (Abaheburayo 13:4) Aranka ukwahukana. (Malaki 2:16) Mugabo ararekurira umukirisu kwahukana akubakana n’uwundi mu gihe gusa uwo bubakanye arenze ibigo.—Soma Matayo 19:3-6, 9.

2. Umwe wese mu bubakanye akwiye gufata gute mugenziwe?

Yehova yaremye umugabo n’umugore kugira bunganirane mu mubano. (Itanguriro 2:18) Kubera ko umugabo ari we serugo, ni we akwiye kuja imbere mu kurondera ibitunga umuryango wiwe no mu kuwigisha ivyerekeye Imana. Akwiye gukunda umugore urukundo rwo kumwitangira. Umugore n’umugabo bakwiye gukundana no kwubahana. Kubera ko umugabo n’umugore bompi badatunganye, kwiga kubabarirana biratuma bagira agahimbare mu mubano wabo.—Soma Abanyefeso 4:31, 32; 5:22-25, 33; 1 Petero 3:7.

3. Bitifashe neza mu mubano wanyu mwoca muvana?

Nimba mufise ingorane mu mubano wanyu, mwempi mukwiye kwihatira kugaragarizanya urukundo. (1 Abakorinto 13:4, 5) Ijambo ry’Imana ntiryerekana ko gutandukana ari wo muti w’ingorane zikunze gushika mu mibano.—Soma 1 Abakorinto 7:10-13.

4. Bana, ni igiki Imana ibipfuriza?

Yehova yipfuza ko muhimbarwa. Arabaha impanuro nziza kuruta izindi zibereka ukuntu mwonezerwa mu buto bwanyu. Yipfuza ko mwungukira ku bukerebutsi bw’abavyeyi banyu no ku tuntu n’utundi bazi. (Abakolosayi 3:20) Yehova yipfuza kandi ko mugira umunezero uva ku gukorera Umuremyi wanyu be n’Umwana wiwe.—Soma Umusiguzi 11:9–12:1; Matayo 19:13-15; 21:15, 16.

5. Bavyeyi, ni igiki cotuma abana banyu bagira agahimbare?

Mukwiye gukora uko mushoboye kugira mubaronse ibifungurwa, uburaro n’ivyambarwa. (1 Timoteyo 5:8) Ariko kugira ngo bagire agahimbare, mukwiye kandi kubigisha gukunda Imana no kuyigirako. (Abanyefeso 6:4) Mwerekanye ko mukunda Imana birashobora kugira ikintu gikomeye bikoze ku mutima w’umwana wanyu. Igihe inyigisho muha umwana wanyu iba ishingiye kw’Ijambo ry’Imana, irashobora kuyobora neza ivyiyumviro vyiwe.—Soma Gusubira mu vyagezwe 6:4-7; Imigani 22:6.

Igihe muremesha abana banyu mukongera mukabakeza birabagirira akamaro. Barakeneye kandi gukosorwa no gutozwa indero. Indero nk’iyo irabakingira inyifato yoshobora kubanyaga agahimbare. (Imigani 22:15) Ariko rero, ntimukwiye kwigera mubatoza indero mu buryo bukaze.—Soma Abakolosayi 3:21.

Ivyabona vya Yehova barasohora ibitabu vyinshi bigenewe canecane gufasha abavyeyi n’abana. Ivyo bitabu bishingiye kuri Bibiliya.—Soma Zaburi 19:7, 11.