Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 7

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

1. Ubwami bw’Imana ni iki?

Ni igiki gituma Yezu aba Umwami abikwiriye?—MARIKO 1:40-42.

Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru. Buzosubirira izindi ntwaro zose maze butume ivyo Imana igomba bikorwa mw’ijuru no kw’isi. Ni inkuru nziza kwumva ko Imana izokoresha ubwo Bwami bwayo muri ubwo buryo. Ubwami bw’Imana bugiye kuronsa abantu intwaro nziza bari bakeneye. Buzotuma abantu bose baba kw’isi bunga ubumwe.—Soma Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10; 24:14.

Ubwami ubwo ari bwo bwose butegerezwa kuba bufise umwami. Yehova yaragenye Umwana wiwe, Yezu Kristu ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe.—Soma Ivyahishuwe 11:15.

Raba ividewo Ubwami bw’Imana ni iki?

2. Kubera iki Yezu ari we Mwami abikwiriye?

Umwana w’Imana ni we Mwami abikwiriye kuko ari umunyabuntu akaba kandi yumira ku bigororotse. (Matayo 11:28-30) N’ikindi kandi, arafise ububasha buhagije bwo gufasha abantu kuko azoganza isi ari mw’ijuru. Aho amariye kuzuka, yaraduze mw’ijuru maze yicara iburyo bwa Yehova, arindiriye ko yimikwa. (Abaheburayo 10:12, 13) Amaherezo, Imana yaramuhaye ububasha bwo gutangura kuganza.—Soma Daniyeli 7:13, 14.

3. Ni bande bazofadikanya na Yezu kuganza?

Umugwi w’abantu bitwa “aberanda” ni bo bazofadikanya na Yezu kuganza bari mw’ijuru. (Daniyeli 7:27) Aberanda ba mbere bacaguwe ni za ntumwa za Yezu z’intahemuka. Gushika muri iki gihe, Yehova yarabandanije gucagura abagabo n’abagore b’intahemuka ngo babe muri abo beranda. Nk’uko vyagenze kuri Yezu, bazuka bafise umubiri w’impwemu.—Soma Yohani 14:1-3; 1 Abakorinto 15:42-44.

Abantu baja mw’ijuru ni bangahe? Yezu yabise “ubusho buto.” (Luka 12:32) Bose hamwe bazoba ari 144.000. Bazoganza isi bafadikanije na Yezu.—Soma Ivyahishuwe 14:1.

4. Ni ibiki vyabaye igihe Yezu yatangura kuganza?

Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914. * Ikintu ca mbere Yezu yaciye akora acimikwa kwabaye ukuraririza kw’isi Shetani n’amadayimoni yiwe. Shetani yaje afise ishavu ryinshi maze aca atangura kudurumbanya isi yose. (Ivyahishuwe 12:7-10, 12) Kuva ico gihe, amagorwa ashikira abantu yarongerekanye cane. Yaba intambara, inzara, ibiza canke vya nyamugigima, vyose ni bimwe mu bigize “ikimenyetso” cerekana ko Ubwami vuba bugiye kwifatira mu minwe ibikorerwa kw’isi vyose.—Soma Luka 21:7, 10, 11, 31.

5. Ni ibiki Ubwami bw’Imana bushikako?

Biciye ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza kiriko kirakorwa kw’isi yose, Ubwami bw’Imana buramaze gutuma isinzi rinini rigizwe n’abantu bo mu mahanga yose bunga ubumwe. Abantu amamiliyoni batekereza bariko baraba abatwarwa ba Yezu. Ubwami bw’Imana buzobakingira nibwakuraho iyi si mbi. Ku bw’ivyo, abipfuza bose kwungukira ku Bwami bw’Imana bakwiye kwiga kuba abatwarwa bagamburuka ba Yezu.—Soma Ivyahishuwe 7:9, 14, 16, 17.

Mu kiringo c’imyaka 1.000, ubwo Bwami buzoshitsa umugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango. Isi yose izoba Iparadizo. Amaherezo, Yezu azosubiza Ubwami Se. (1 Abakorinto 15:24-26) Hari umuntu ubona woshima kubwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana?—Soma Zaburi 37:10, 11, 29.

 

^ ing. 6 Ushaka kumenya amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeje ku mwaka wa 1914, raba mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? ku rupapuro rwa 215-218.