Ja ku birimwo

Ni ibiki biba ku bugeni bw’Ivyabona vya Yehova?

Ni ibiki biba ku bugeni bw’Ivyabona vya Yehova?

 Ubugeni bw’Ivyabona vya Yehova akenshi bukorwa mu kugira ibirori bisanzwe ariko biteye iteka, aho usanga harimwo insiguro ngufi ishingiye kuri Bibiliya. Inyuma y’ivyo birori barashobora guhurira ahantu habera agatutu, kandi barashobora no kwihereza ibifungurwa. a Yezu yaritavye urubanza rw’ubugeni i Kana mu ntango y’ubusuku bwiwe.​—Yohani 2:1-11.

 Ibirori vy’ubugeni bigenda gute?

 Ikintu gihambaye cane muri ivyo birori ni insiguro y’ubugeni, ikaba imara nk’iminuta 30 kandi umukozi w’Imana wo mu Vyabona vya Yehova ni we ayishikiriza. Iyo nsiguro iremesha irashimika ku kuntu Bibiliya ishobora gufasha abageni kugira urugo rurama, rurangwamwo urukundo n’agahimbare.​—Abanyefeso 5:33.

 Mu bihugu vyinshi, intwaro zirarekurira Ivyabona vya Yehova kuraganisha abageni. Igihe vyifashe ukwo, insiguro iheze, abageni baragira indagano. Barashobora guca bambikana impeta. Uwashikirije iyo nsiguro aca amenyesha ko babaye umugabo n’umugore.

 Mu bindi bihugu, amategeko arasaba abagomba kwubakana kuja ku biro kanaka vya Leta kugira babaraganishe. Abagiye kwubaka babigira imbere y’uko babaha insiguro y’ubugeni. Nimba abageni batavuze indagano imbere y’amategeko, barashobora kubigira ku mpera y’insiguro y’ubugeni. Nimba na ho barazigize, barashobora guhitamwo kuzisubiramwo, bakazivuga bakoresheje umwanya wa kahise. Iyo nsiguro isozerwa n’isengesho ryo gusaba Imana ngo ihezagire urwo rugo rushasha.

 Ubugeni bw’Ivyabona vya Yehova bubera he?

 Ivyabona vya Yehova benshi bahitamwo kugirira insiguro y’ubugeni ku Ngoro y’Ubwami nimba ishobora kuboneka. b Igihe abageni baba bateguye ahabera agatutu, barahitamwo ikindi kibanza bobigiriramwo.

 Ni bande babujamwo?

 Nimba ubwo bugeni bubera ku Ngoro y’Ubwami, abantu bose baremerewe kubwitaba, baba ari Ivyabona canke atari Ivyabona. Nimba abagiye kurushinga barateguye ahabera agatutu, barahitamwo abo botumira.

 Abitavye ubwo bugeni bakwiye kwambara gute?

 Naho ata mpuzu kanaka bakwiye kuza bambaye ku bugeni bubera ku Ngoro y’Ubwami, Ivyabona vya Yehova barihatira gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya zidusaba kwambara impuzu ziranga urupfasoni n’icubahiro. Barabishima igihe n’abitavye ubugeni bwabo bisunze izo mpanuro. (1 Timoteyo 2:9) Kandi izo mpanuro nyene, zirerekeye ahabera agatutu nimba bahisemwo kukagira.

 Hoba hatangwa ingabire?

 Bibiliya ituremesha kuba abantu batanga. (Zaburi 37:21) Ivyabona vya Yehova barahimbarwa igihe bahaye abandi ingabire canke igihe bazihawe ku bugeni. (Luka 6:38) Ariko, Ivyabona vya Yehova baririnda gusaba abandi ngo babahe ingabire canke kumenyesha amazina y’abatanze ingabire. (Matayo 6:3, 4; 2 Abakorinto 9:7; 1 Petero 3:8) Ivyo biranyuranye n’ibivugwa muri Bibiliya, kandi biratuma abitavye ubwo bugeni bagira ubuyega.

 Hoba hajamwo ivyo kuduza ibirahuri hejuru?

 Oya. Ivyabona vya Yehova ntibaduza ibirahuri hejuru, kubera ko uwo mugirwa ukomoka mu migenzo y’idini ry’ikinyoma. c Ivyabona baripfuriza imihezagiro abarushinze mu bundi buryo.

 Hoba hajamwo ivyo gutera abageni umuceri canke amashurwe?

 Oya. Mu burere bumwebumwe, abantu baratera abageni umuceri canke amashurwe canke ibindi bintu bifitaniye isano. Bemera ko ivyo bituma abageni bagira imigisha, bagahimbarwa kandi bakaramba. Ariko Ivyabona vya Yehova baririnda ibintu bifitaniye isano n’amageza. Muri ivyo harimwo kwipfuriza abandi amahirwe, ivyo bikaba binyuranye n’ivyo Bibiliya yigisha.​—Yesaya 65:11.

 Boba bazimana abashitsi ibifungurwa n’ibinyobwa?

 Ibirori vy’ubugeni bibera ku Ngoro y’Ubwami ntibijamwo gufungura no kunywa. Hari abahitamwo kugira agatutu inyuma y’aho, maze bakazimana abashitsi ibifungurwa canke ibinyobwa. (Umusiguzi 9:7) Nimba na ho bahisemwo gutanga inzoga, baririnda gutanga inzoga nyinshi ku buryo abatumire baborerwa kandi baha inzoga abakwije imyaka isabwa n’amategeko gusa.​—Luka 21:34; Abaroma 13:1, 13.

 Boba bavuza umuziki canke bagatamba?

 Igihe abagiye kurushinga bateguye kugira agatutu, barashobora guhitamwo kuvuza umuziki kandi bagatamba. (Umusiguzi 3:4) Bahitamwo imiziki bakunda kandi ihuye n’imico yabo, ariko bakaraba neza ko ibereye kandi ituma abashitsi bahimbarwa. Ibirori bibera ku Ngoro y’Ubwami akenshi biba birimwo umuziki ushingiye ku Vyanditswe.

 Ivyabona vya Yehova boba bahimbaza isabukuru y’ubugeni bwabo?

 Kubera ko Bibiliya itemera canke ngo ibuze isabukuru y’ubugeni, umugabo n’umugore b’Ivyabona ni bo bifatira ingingo nimba bohimbaza isabukuru y’ubugeni bwabo canke nimba batobigira. Iyo bahisemwo kuyihimbaza, barashobora kubigira bonyene canke bagatumira incuti n’abagenzi.

a Imigenzo kanaka ijanye n’ubugeni hamwe n’ibindi bintu bakora muri urwo rubanza canke ibisabwa n’amategeko birashobora gutandukana bivanye n’ahantu.

b Uwushikiriza insiguro y’ubugeni nta mahera asaba kugira ayishikirize, kandi nta mahera atozwa kugira bakoreshe Ingoro y’Ubwami.

c Kugira ubone ikiganiro cerekana ko ivyo kuduza ibirahuri vyakomotse mu madini y’ikinyoma, raba «Ibibazo vy’abasomyi» biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2007.