Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova babona gute ibijanye no kwiga amashure?

Ivyabona vya Yehova babona gute ibijanye no kwiga amashure?

 Bibiliya ni yo ituyobora mu kuntu tubona amashure. Icabona wese arisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya kugira amenye ingene yoshira mu ngiro impanuro Imana itanga. Izo na zo ni nk’izi: a

 Kwiga biri n’akamaro

 Kwiga biratuma umuntu agira “ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira,” ivyo bikaba ari ibintu Bibiliya ivuga neza. (Imigani 2:10, 11; 3:21, 22) N’ikindi kandi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ngo bigishe abandi ibintu yabategetse. (Matayo 28:19, 20) Ku bw’ivyo, turaremesha Ivyabona kuronka inyigisho ibereye, aho hakaba harimwo kumenya gusoma, kwandika no kuganira n’abantu, b eka mbere no kumenya ibijanye n’ayandi madini be n’iyindi mico kama.​—1 Abakorinto 9:20-22; 1 Timoteyo 4:13.

 Leta na yo nyene iratahura akamaro ko kuja kw’ishure, akaba ari co gituma isaba urwaruka kuja mu mashure y’intango n’ayisumbuye. Turakurikiza ivyo leta isaba kuko Bibiliya idutegeka iti: “Umuntu wese nayobokere abakuru bari hejuru,” ni ukuvuga abategetsi. (Abaroma 13:1) Bisubiye, turaremesha abana bacu kwiga bivuye inyuma kugira baronke amanota meza, ntibige vyo guheza umwuga. c Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ivyo mukora vyose mubikore bivuye ku mutima nk’abakorera Umukama, ntimube nk’abakorera abantu.”​—Abakolosayi 3:23, Bibiliya Nyeranda.

 Kwiga biradufasha gutunga imiryango yacu. Bibiliya ivuga iti: “Nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye, na canecane abo mu rugo rwiwe, aba yihakanye ukwizera kandi aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.” (1 Timoteyo 5:8) Kwiga birashobora kudufasha gushitsa ibanga Imana yatujeje ryo gutunga imiryango yacu. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga (The World Book Encyclopedia), intumbero nyamukuru yo kwiga ni “ugufasha abantu kugira ico bamaze mu kibano . . . bakagira ico baterereye mu butunzi bw’igihugu.” Umuntu yaciye ku ntebe y’ishure, akaronka ubuhanga kanaka, biramworohera kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye kurusha uwutaciye kw’ishure.​—Imigani 22:29.

 N’ikindi kandi, abavyeyi babwirizwa gufasha abana babo kugira bazoshobore kwibeshaho nibakura. Kubarungika kw’ishure rero birashobora kubafasha gushika kuri iyo ntumbero. (2 Abakorinto 12:14) Turaremesha abavyeyi kujana abana babo kw’ishure naho boba batiga ku buntu canke ugasanga biragoye kuronka ishure, canke na ho ugasanga ntibihuye n’imico yabo. d Turatanga kandi impanuro nziza zerekana ukuntu abavyeyi bokurikirana ingene abana babo biga. e

 Kwiga dukwiye kubibona mu buryo bubereye

 Turitonda mu guhitamwo ibisata twokurikirana. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” (Imigani 14:15) Turashira mu ngiro iyo mpanuro mu guhitamwo neza ibisata tuzokurikirana tugeze mu mashure yisumbuye, tukaraba amahera bizodutwara n’ico bizotumarira. Nk’akarorero, kwiga imyuga birashobora kuronsa umuntu ubumenyi ngirakamaro atiriwe aramara imyaka myinshi mu mashure.

 Inyigisho ishingiye kw’Ijambo ry’Imana iri n’akarusho. Inyigisho ishingiye kw’Ijambo ry’Imana iraturonsa ikintu tutoronkera mu mashure asanzwe, ni ukuvuga ubumenyi bwerekeye Imana buzotuma turonka ubuzima budahera. (Yohani 17:3) Iratwigisha kandi kwigenza runtu, tugatahura ubugororotsi n’ubutungane. (Imigani 2:9) Intumwa Paulo yari yarize mu mashure twogereranya na kaminuza y’ubu, ariko yariboneye “agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu.” (Abafilipi 3:8; Ivyakozwe 22:3) No muri iki gihe, hari abatari bake mu Vyabona vya Yehova bize amashure ya kaminuza ariko baribonera ko inyigisho ishingiye kw’Ijambo ry’Imana baronka ari yo ifise agaciro kanini. f

Inyigisho ishingiye kw’Ijambo ry’Imana iratuma abantu bagira imico runtu

 Amashure ya kaminuza arashobora kugeramira ukwizera n’inyifato runtu

 Umugani umwe wa Bibiliya uvuga uti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Ivyabona vya Yehova babona ko hariho amakaminuza amwamwe canke ibigo bitangirwamwo inyigisho za kaminuza bishobora kugeramira ukwizera n’inyifato runtu. Ku bw’ivyo, Ivyabona benshi bahitamwo kutaja muri mwene ayo mashure canke kutarungikayo abana babo. Babona ko muri ayo mashure ya kaminuza hakwiragizwa ivyiyumviro bitari vyo nk’ibi:

  •   Iciyumviro kitari co: Amahera atuma umuntu agira agahimbare kandi agatekanirwa

     Bikunda kuvugwa ko kwiga kaminuza ari bwo buryo nyabwo butuma umuntu aronka akazi k’umushahara munini. Rero imvo nyamukuru ituma abanyeshure benshi baja mu makaminuza ni ukugira ngo bazoronke amahera menshi. Bamwe biyumvira ko amahera azotuma bagira agahimbare n’ugutekanirwa, ariko Bibiliya yerekana ko kwiyumvira gutyo ari ukwihenda. (Umusiguzi 5:10) N’igihambaye kuruta, Bibiliya yigisha ko “urukundo rw’amahera ari umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose” kandi akenshi bituma umuntu atakaza ukwizera. (1 Timoteyo 6:10) Ivyabona vya Yehova barakora uko bashoboye ngo ntibatwarwe “n’ububasha buhendana bw’ubutunzi.”​—Matayo 13:22.

  •   Iciyumviro kitari co: Umuntu akwiye kurondera icubahiro canke igiti bizanwa no kuba yarize kaminuza

     Nk’akarorero, Nika Gilauri uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Jeworojiya yaranditse ibijanye n’ingene abantu bo muri ico gihugu babona ivyo kwiga kaminuza. Yanditse ati: “Muri Jeworojiya, kugira uboneke ko ufise icubahiro ni ngombwa ko wiga kaminuza. . . . [Kera] urwaruka rutize kaminuza rwari agaterasoni ku miryango yabo.” g Ariko Bibiliya iratugabisha ku bijanye no kwironderera ivyubahiro vyo muri iyi si. Yezu yabwiye indongozi z’idini zo mu gihe ciwe zironderera ubuninahazwa ati: “Mwokwizera mute kandi mwemera ubuninahazwa muhana?” (Yohani 5:44) Ibigo vya kaminuza vyoshobora gukorereza agatima ko kwishira hejuru, ariko Imana iranka mwene ako gatima.​—Imigani 6:16, 17; 1 Petero 5:5.

  •   Iciyumviro kitari co: Umuntu ni we akwiye kwishingira ingingo zigenga iciza n’ikibi

     Ivyabona vya Yehova baremera ingingo ngenderwako z’Imana zigenga iciza n’ikibi. (Yesaya 5:20) Ariko rero, twisunze ikiganiro casohowe mu gitabu kimwe (Journal of Alcohol and Drug Education), akosho k’urunganwe mu makaminuza karatuma abanyeshure benshi “bafata ingingo ziteye kubiri n’ivyo basanzwe bazi ko ari vyiza canke bibi.” h Ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ivuga. Igira iti: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:33) Mu bigo vya kaminuza ingeso Imana yanka nk’akaborerwe, kunywa ibiyayuramutwe, ubusambanyi ni zo ziraye mbere zikanaremeshwa.​—1 Abakorinto 6:9, 10; 2 Abakorinto 7:1.

  •   Iciyumviro kitari co: Kwiga kaminuza ni bwo buryo bwiza bwo guteza imbere isi

     Turemera ko hariho abantu benshi biga kaminuza atari kugira baronke ubutunzi canke icubahiro canke kugira baje mu ngeso mbi, ahubwo kugira biteze imbere no kugira ngo batume isi imera neza. Iyo migambi ni myiza. Ariko rero Ivyabona vya Yehova bahisemwo ikintu gitandukanye n’ivyo. Nka kumwe kwa Yezu, twizigiye ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene buzotuma isi imera neza. (Matayo 6:9, 10) Mugabo mu kurindira ko Ubwami bw’Imana butorera umuti ingorane zo muri iyi si, ntituguma tureze amaboko. Ahubwo turigana Yezu mu kubwira abantu bo hirya no hino kw’isi “inkuru nziza y’Ubwami,” kandi buri mwaka turafasha abantu ibihumbi n’ibihumbi guhindura ubuzima bwabo bukaba bwiza. i​—Matayo 24:14.

a Abana b’Ivyabona bakibana n’abavyeyi barisunga impanuro abavyeyi babo babaha ku bijanye n’amashure, igihe cose zidateye kubiri n’amategeko y’Imana.​—Abakolosayi 3:20.

b Muri iyo ntumbero, twarasohoye ibitabu birenga imiliyoni 11 bifasha kwiga gusoma no kwandika, nk’agatabu Niwijukire gusoma no kwandika. Turatanga kandi ivyigwa vyo gusoma no kwandika ku buntu mu ndimi 120 hirya no hino kw’isi. Kuva mu 2003 gushika mu 2017, twigishije abantu 70.000 gusoma no kwandika.

c Raba ikiganiro kivuga ngo “Noba nkwiye guheba ishure?

d Nk’akarorero, turaremesha abavyeyi kurungika abana babo b’abahungu n’abakobwa kw’ishure. Raba ikiganiro kivuga ngo “Umwana wanje yoba akwiye kuja mw’ishure?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2003.

f Raba igice co kuri jw.org kivuga ngo “Ico bavuga ku nkomoko y’ubuzima.

g Vyavuye mu gitabu citwa Practical Economics: Economic Transformation and Government Reform in Georgia 2004​—2012, urupapuro rwa 170.

h Igitabu ca 61, No. 1, Ndamukiza 2017, urupapuro rwa 72.

i Raba igice co kuri jw.org kivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima” kugira wibonere uburorero bwerekana ingene Ijambo ry’Imana n’ubutumwa bw’Ubwami bigira ububasha ku buzima bw’abantu.