Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Abafilipi 4:13​—“Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi”

Abafilipi 4:13​—“Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi”

 “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.”​—Abafilipi 4:13, Bibiliya Yera.

Ico mu Bafilipi 4:13 hasobanura

 Ayo majambo yanditswe na Paulo araremesha abasavyi b’Imana yuko izobaha ububasha bwo gukora ivyo igomba.

 Bibiliya zimwezimwe zivuga ko Kristu ari we yahaye Paulo inkomezi. Ariko, ijambo “Kristu” ntiriboneka mu vyandiko vya kera vy’iminwe vy’ikigiriki. Rero Bibiliya nyinshi za vuba zikoresha imvugo ngo “umwe ampa ububasha” (Bibiliya y’isi nshasha), “n’ūmpa inkomezi” (Bibiliya Yera) hamwe na “mu wunkomeza” (Ubwuzure Bushasha). None igihe Paulo yavuga ayo majambo, ni nde yari afise mu bwenge?

 Amakikuro y’ico canditswe yerekana ko Paulo yariko avuga ivyerekeye Imana. (Abafilipi 4:6, 7, 10) Imbere y’aho, Paulo yandikiye Abafilipi ati: “Imana [ni] yo iriko ikorera muri mwebwe . . . kugira ngo . . . mukore.” (Abafilipi 2:13) Mu 2 Abakorinto 4:7 na ho yanditse ko Imana ari yo yamuhaye ububasha bwo gukora igikorwa yamushinze. (Gereranya na 2 Timoteyo 1:8) Rero hari imvo nyinshi nziza zotuma dushika ku ciyumviro c’uko Paulo yariko avuga ko Imana ‘ari yo yamuha ububasha.’

 Paulo yashaka kuvuga iki igihe yandika yuko yoronse inkomezi “muri vyose”? Ivyo bintu Paulo yerekezako bishobora kuba ari ibihe bigoye yaciyemwo mu gikorwa yakorera Imana. Haba igihe yaba afise vyinshi canke bike mu vy’umubiri, yariheka ku Mana kugira imufashe. Paulo yarize kubumbwa n’ivyo afise uko ibintu vyaba vyifashe kwose.​—2 Abakorinto 11:23-27; Abafilipi 4:11.

 Ayo majambo Paulo yavuze arashobora guhumuriza abasavyi b’Imana muri iki gihe. Imana izobaronsa inkomezi bakeneye kugira bihanganire ibigeragezo bongere bakore ivyo igomba. Imana irashobora kubaronsa ububasha biciye ku mpwemu yayo nyeranda, ni ukuvuga inguvu Imana ikoresha. Irashobora kandi gukoresha abakirisu bagenzi babo hamwe n’Ijambo ryayo Bibiliya.​—Luka 11:13; Ivyakozwe 14:21, 22; Abaheburayo 4:12.

Amakikuro y’Abafilipi 4:13

 Aya ni amwe mu majambo Paulo yasozereyeko mw’ikete yandikiye Abakirisu b’i Filipi. Yanditse iryo kete nko mu 60-61 inyuma ya Kristu, igihe yapfungwa ari bwo bwa mbere i Roma. Abakirisu b’i Filipi baramaze igihe kanaka badashobora kuronsa intumwa Paulo ibintu vy’umubiri yari akeneye. Ariko ubu hoho bariko bararungikira Paulo ingabire kugira aronke ivyo yari akeneye.​—Abafilipi 4:10, 14.

 Paulo yarakeje abakirisu b’i Filipi abikuye ku mutima kubera ugutanga kwabo maze arabahumuriza yuko yari yaronse ivyo akeneye. (Abafilipi 4:18) Yaciye akoresha ako karyo mu kubabwira ikintu gituma umukirisu aroranirwa: Abakirisu bose baba batunze canke bakenye, barashobora kubumbwa n’ivyo bafise bihetse ku Mana.​—Abafilipi 4:12.