Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yesaya 40:31​—“Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha”

Yesaya 40:31​—“Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha”

 “Mugabo abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha. Bazodugisha amababa nk’inkona. Bazokwiruka ntibarambirwe; bazogenda ntibaruhe.”​—Yesaya 40:31, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Ariko abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha. Bazodugisha amababa nk’inkukuma biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.”​—Yesaya 40:31, Bibiliya Yera.

Ico muri Yesaya 40:31 hasobanura

 Yehova a Imana arahumuriza abamusenga ko azobaha inkomezi zo kwihanganira ingorane izo ari zo zose zibashikira.

 “Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha.” Abizigira ko Imana ifise ububasha bwo gufasha abasavyi bayo kandi ko ishashaye kubigira, barashobora kwemera badakeka yuko izobashigikira. (Imigani 3:5, 6) Uburyo bumwe Imana ironsa inkomezi abayisenga ni mu kubaha impwemu yiwe nyeranda, ni ukuvuga inguvu Imana ikoresha.​—Luka 11:13.

 “Bazodugisha amababa nk’inkona.” Iyo mvugo y’ikigereranyo irerekana ingene ububasha bw’Imana bushobora gufasha umuntu. Inkona ziduga mu kirere zisunze ubushuhe buduga buvuye kw’isi. Igihe inkona ishitse ahari mwene ubwo bushuhe ica isanza amababa, ikaguma izunguruka muri uwo muyaga ushushe bigatuma iduga hejuru cane. Uko ica muri uwo muyaga ushushe, iramara amasaha menshi iguruka kandi igashika iyo igiye itarushe cane.

 “Bazokwiruka ntibarambirwe.” Ingorane zidushikira zirashobora gutuma tugoyagoya ku mubiri no ku mutima. Ariko turashobora kuzihanganira tubifashijwemwo n’ububasha Imana iduha. Ubwo bubasha burashobora kuduha inkomezi zo gukora ikibereye naho twohura n’ibigeragezo bikomeye. Intumwa Paulo, uwashikiwe n’ibigeragezo bikomeye, yanditse ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13.

Amakikuro ya Yesaya 40:31

 Imana yahumekeye umuhanuzi Yesaya kwandika ayo majambo mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu. Naho ico canditswe cerekeye abasavyi b’Imana bose b’abizigirwa, Yehova ashobora kuba yavuze ayo majambo kugira aremeshe abayuda bohavuye bamara imyaka 70 mu bunyagano i Babiloni. Igihe abayuda basubira iwabo bavuye mu bunyagano, bariboneye iranguka ry’ayo majambo Imana yavuze. (Yesaya 40:1-3) Mu 537 imbere ya Kristu, Imana yarabahaye ububasha bwo kugira urugendo b rurerure kandi rugoye rwo kuva i Babiloni baja i Yeruzalemu.​—Yesaya 40:29.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​— Zaburi 83:18.

b Abo bagizwe inyagano bagize urugendo rw’ibirometero hafi 1.600.