Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?

Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?

Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga basaba ko Ubwami bw’Imana bwoza. Yari azi yuko ibintu bibi biriko biraba kw’isi bitari mu mugambi w’Imana, be n’uko ubwo Bwami bw’Imana ari yo ntwaro yonyene yobitoreye umuti. None Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?

IVYO UBWAMI BW’IMANA BUMAZE GUKORA

Mu kiganiro giheze, twabonye ibigize ikimenyetso Yezu yavuze. Ico kimenyetso ni ikimenyamenya cibonekeza c’uko Ubwami bw’Imana bwashinzwe mw’ijuru, bukaba butwarwa na Yezu Kristu.

Bibiliya ivuga ko Yezu atanguye kuganza yociye yirukana mw’ijuru Shetani n’amadayimoni yiwe. Ubu bakorera kw’isi gusa, akaba ari co gituma ibintu vyunyutse kuva mu mwaka wa 1914.​—Ivyahishuwe 12:7, 9.

Naho ivy’isi vyagiye birunyuka, hari ibintu Yezu wa Mwami w’Ubwami bw’Imana yagiye arakorera abantu bo hirya no hino kw’isi. Biciye ku gikorwa co kwigisha Bibiliya Yezu yavuze ko cokozwe kw’isi yose, abenshi bariko bariga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bongera bazishira mu ngiro mu buzima bwabo bwa misi yose. (Yesaya 2:2-4) Abantu amamiliyoni barize kuryohora ubuzima bwo mu rugo be no kutareka ngo akazi k’umubiri canke ubutunzi bibigarurire. Ivyo biga birabagirira akamaro ubu, kandi bituma baba abantu Imana yipfuza ko bazoba abatwarwa b’Ubwami bwayo.

UBWAMI BW’IMANA BWIMIRIJE GUKORA IBIKI?

Naho Yezu yamaze kuganza mw’ijuru, intwaro z’abantu ni zo zikiganza isi. Ariko rero Imana yategetse Yezu iti: “Genda uganze hagati y’abansi bawe.” (Zaburi 110:2) Vuba, Yezu agiye guhonya burundu abamurwanya bose, maze aruhurire abayobokera Imana n’umutima ukunze.

Ico gihe, Ubwami bw’Imana buzokora ibi bintu:

  • Buzokuraho amadini y’ikinyoma. Amadini yigishije ibinyoma ku vyerekeye Imana kandi agatuma ubuzima bw’abantu buba amananiza, azokurwaho. Amadini y’ikinyoma Bibiliya iyita maraya. Ayo madini niyasangangurwa, abantu benshi bazokwumirwa.​—Ivyahishuwe 17:15, 16.

  • Buzokuraho intwaro z’abantu. Ubwami bw’Imana buzokuraho intwaro z’abantu zose.​—Ivyahishuwe 19:15, 17, 18.

  • Buzokuraho inkozi z’ikibi. Bizogendera gute abakora ikibi bivuye inyuma, bakanka kugamburukira Imana? Bibiliya ivuga iti: “Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi.”​—Imigani 2:22.

  • Buzokuraho Shetani n’amadayimoni. Shetani be n’amadayimoni ‘ntibazokwongera kuzimiza amahanga.’​—Ivyahishuwe 20:3, 10.

None ivyo bizomarira iki abantu bose bayobokera Ubwami bw’Imana?

IVYO UBWAMI BW’IMANA BUZOKORERA ABANTU

Igihe Yezu azoganza ari Umwami mw’ijuru, azokora ibintu vyinshi kuruta ivyakozwe n’umutegetsi uwo ari we wese. Azofadikanya kuganza n’abantu 144.000 batowe mu bantu. (Ivyahishuwe 5:9, 10; 14:1, 3) Azokwitwararika ko ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi. None Ubwami bw’Imana buzokorera iki abazoba baba kw’isi?

  • Buzokuraho indwara n’urupfu. Bibiliya ivuga yuko ‘ata wuhaba azovuga ngo: “Ndarwaye,”’ kandi ko ‘urupfu rutazoba rukiriho.’​—Yesaya 33:24; Ivyahishuwe 21:4.

  • Buzotuma haba ubumwe n’amahoro nyakuri. Bibiliya igira iti:“Amahoro y’abana bawe azoba menshi,” ikongera kandi iti: “Bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni, kandi nta n’umwe azobajugumiza.”​—Yesaya 54:13; Mika 4:4.

  • Buzoronsa abantu igikorwa kimara akanyota. Bibiliya igira iti: “Abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo. Ntibazocumukurira ubusa.”​—Yesaya 65:22, 23.

  • Buzotorera umuti ingorane z’ibidukikije. Bibiliya igira iti: “Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani.”​—Yesaya 35:1.

  • Buzokwigisha abantu ivyo bokora kugira babeho ibihe bidahera. Bibiliya ivuga iti: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Imana yipfuza ko na wewe woba mu bazokwinovora iyo mihezagiro. (Yesaya 48:18) Ikiganiro gikurikira kirakwereka ivyo wokora kugira nawe uzokwinovore ivyo vyiza vy’agatangaza.