Ja ku birimwo

Mariya Magadalena yari nde?

Mariya Magadalena yari nde?

Inyishu Bibiliya itanga

 Mariya Magadalena yari umwigishwa wa Yezu Kristu w’intahemuka. Izina ryiwe Magadalena rishobora kuba ryerekeza ku gisagara citwa Magadala (igishobora kuba ari co Magadani), cari hafi y’ikiyaga ca Galilaya. Mariya ashobora kuba yarigeze kuba muri ico gisagara.

 Mariya Magadalena yari umwe mu bagore batari bake bagendana na Yezu n’abigishwa biwe, bakabafasha mu vyo bakenera. (Luka 8:1-3) Yariboneye ingene Yezu yicwa, kandi ari mu ba mbere bamubonye amaze kuzuka.​—Mariko 15:40; Yohani 20:11-18.

 Mariya Magadalena yoba yari umumaraya?

 Bibiliya ntivuga ko Mariya Magadalena yari umumaraya. Ikintu conyene ivuga kuri kahise kiwe ni uko Yezu yamukuyemwo amadayimoni indwi.​—Luka 8:2.

 None iciyumviro c’uko yahoze ari umumaraya cavuye he? Haheze imyaka amajana apfuye, haradutse iciyumviro c’uko ari we yari wa mugore atavugwa izina (uwushobora kuba yari umumaraya) yoza ibirenge vya Yezu akoresheje amosozi yiwe akabihanaguza umushatsi wiwe. (Luka 7:36-38) Ariko nta mvo n’imwe ishingiye ku Vyanditswe yotuma twemera ico ciyumviro.

 Mariya Magadalena yoba yari “intumwa ku zindi ntumwa”?

 Oya. Idini rya Gatolika ryita Mariya ngo “Mariya Magadalena mweranda” canke ngo “intumwa ku zindi ntumwa” kubera yari mu ba mbere bazaniye intumwa inkuru y’uko Yezu yazutse. (Yohani 20:18) Ariko ico ntigica gituma aba intumwa. Kandi nta na hamwe Bibiliya ivuga ko yari intumwa.​—Luka 6:12-16.

 Bibiliya yahejeje kwandikwa amaja mu mpera z’ikinjana ca mbere inyuma ya Kristu. Ariko mu kinjana ca gatandatu ni ho abakuru b’idini bafata ingingo yo guha Mariya Magadalena ikibanza kidasanzwe. Hari ivyandiko vyo mu kinjana ca kabiri n’ica gatatu bitari mu bitabu bigize Bibiliya bivuga ko intumwa zimwezimwe za Yezu zari zifitiye ishari Mariya. Izo nkuru abantu baremaremye ntizishingiye kuri Bibiliya.

 Mariya Magadalena yoba yari umugore wa Yezu Kristu?

 Oya. Bibiliya iratomora neza ko Yezu atigeze yubaka urwiwe. a