Ja ku birimwo

Yezu yoba yarubatse urwiwe? Yoba yari afise abo bavukana?

Yezu yoba yarubatse urwiwe? Yoba yari afise abo bavukana?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya irerekana neza ko Yezu atubatse urwiwe, naho itabivuga mu buryo budomako. a Rimbura ibintu bikurikira:

  1.   Bibiliya iravuga incuro nyinshi ivyerekeye umuryango wa Yezu n’abagore bamuherekeza mu gikorwa co kuvuga ubutumwa bari bahagaze hafi yiwe igihe yicwa, ariko nta na hamwe ivuga ko yari afise umugore. (Matayo 12:46, 47; Mariko 3:​31, 32; 15:40; Luka 8:​2, 3, 19, 20; Yohani 19:25) Imvo nyamukuru ishobora kuba ituma Bibiliya ata co ivuga kuri ico kibazo n’uko atigeze yubaka urwiwe.

  2.   Ku bijanye n’abatubaka izabo kugira bakore vyinshi mu gikorwa c’Imana, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Uwushoboye kuvyemera navyemere.” (Matayo 19:10-​12) Yarasigiye akarorero abahitamwo kutubaka izabo kugira bihebere Imana bimwe bishitse.​—Yohani 13:15; 1 Abakorinto 7:​32-​38.

  3.   Imbere gato y’uko Yezu apfa, yarategekanije ukuntu nyina wiwe yokwitwararitswe. (Yohani 19:25-​27) Iyo Yezu aza kuba afise umugore canke abana, ntiyari kubura kwiyemeza ko izo ncuti za hafi na zo nyene zitwararikwa.

  4.   Bibiliya irerekana ko Yezu ari akarorero ku banega, ariko ntiba iriko yerekeza ku kuntu yafata umukenyezi w’umwana w’umuntu. Ahubwo igira iti: “Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura.” (Abanyefeso 5:​25) Iyo Yezu aza kuba yari afise umugore igihe yari kw’isi, none akarorero kiwe k’umunega atagira agasembwa si ko kari gukoreshwa muri uyu murongo?

Yezu yoba yari afise abo bavukana?

 Egome, Yezu yari afise n’imiburiburi bene wabo batandatu. Harimwo Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda hamwe na bashikiwe batari munsi ya babiri. (Matayo 13:54-​56; Mariko 6:3) Abo ni abana Mariya nyina wa Yezu yavyaranye na Yozefu umugabo wiwe. (Matayo 1:​25) Bibiliya yita Yezu “imfura” ya Mariya, ivyo bikaba vyerekana ko yari afise abandi bana.​—Luka 2:7.

Ivyiyumviro bitari vyo vyerekeye bene wabo na Yezu

 Kugira bashigikire iciyumviro c’uko Mariya yagumye ari isugi ubuzima bwiwe bwose, bamwebamwe barakoresheje insobanuro zitandukanye z’ijambo “bene wabo.” Nk’akarorero, bamwebamwe babona ko bene wabo na Yezu boba ari abahungu Yozefu yavyaranye n’uwundi mugore imbere y’uko abana na Mariya. Ariko rero, Bibiliya irerekana ko Yezu yarazwe uburenganzira bwemewe n’amategeko bwo guhabwa ubwami bwasezeraniwe Dawidi. (2 Samweli 7:​12, 13; Luka 1:​32) Iyo Yozefu aba afise abana yavyaye imbere ya Yezu, imfura muri bo ni we yobaye samuragwa yemewe n’amategeko wa Yozefu.

 Iyo mvugo yoba yerekeza ku bigishwa ba Yezu? Ico ciyumviro kirahushanye n’Ivyanditswe kuko Bibiliya ivuga ko ‘bene wabo bigeze kuba batamwizera.’ (Yohani 7:5) Bibiliya iratandukanya bene wabo na Yezu n’abigishwa biwe.​—Yohani 2:​12.

 Iyindi nyigisho na yo ivuga ko bene wabo na Yezu bari bene nyinabo. Yamara rero, Ivyanditswe vy’ikigiriki bikoresha amajambo atandukanye mu kuvuga ‘mwene wanyu,’ “incuti,” na “mwene sewabo.” (Luka 21:16; Abakolosayi 4:​10, Ubwuzure Bushasha) Abahinga benshi mu vya Bibiliya baremera ko bene wabo na Yezu na bashikiwe bari abo bavukana vy’ukuri. Nk’akarorero, igitabu kimwe (The Expositor’s Bible Commentary) kigira giti: “Uburyo bwumvikana bwo gutahura imvugo ‘bene wabo’ . . . ni uko iyo mvugo yerekeza ubwa mbere ku bana ba Mariya na Yozefu, gutyo bakaba ari bene wabo na Yezu basangiye nyina.” b

a Bibiliya iravuga ko Yezu ari umukwe, mugabo iba ari imvugo ngereranyo.​—Yohani 3:​28, 29; 2 Abakorinto 11:2.

b Raba kandi igitabu The Gospel According to St. Mark, integuro ya kabiri, canditswe na Vincent Taylor, urupapuro 249, hamwe na A Marginal Jew​—Rethinking the Historical Jesus, canditswe na John P. Meier, igitabu ca  1, urupapuro 331-​332.