Ja ku birimwo

Nofata gute ingingo nziza?

Nofata gute ingingo nziza?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya iraduha impanuro ngirakamaro zidufasha gufata ingingo nziza. Irashobora kudufasha kuronka “ubukerebutsi [n’]ugutegera.” (Imigani 4:5) Mu bihe bimwebimwe, iratwereka ingingo nziza twofata. Mu bindi bihe, iraduha impanuro zishobora kudufasha gufata ingingo nziza.

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Impanuro zogufasha gufata ingingo nziza

  •   Niwirinde gufata ingingo gihutihuti. Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” (Imigani 14:15) Wihutiye gufata ingingo, urashobora gusanga wirengagije amakuru ahambaye. Nufate umwanya ukwiye wo kwiyumvira neza ivyo wokora.​—1 Abatesalonika 5:21.

  •   Ntufate ingingo ufatiye ku kuntu wiyumva gusa. Bibiliya iratugabisha ko tudakwiye kwizigira umutima wacu. (Imigani 28:26; Yeremiya 17:9) Nk’akarorero, ntushobora gufata ingingo nziza igihe ushavuye, wataye umutwe, ucitse intege, udatekanye canke urushe cane.​—Imigani 24:10; 29:22.

  •   Nusenge usaba ubukerebutsi. (Yakobo 1:5) Imana irahimbarwa no kwishura mwene ayo masengesho. Ni Umuvyeyi yitwararikana, yipfuza ko abana biwe birinda ingorane zidakenewe. Bibiliya ivuga iti: “Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi; mu kanwa kiwe havamwo ubumenyi n’ugutahura.” a (Imigani 2:6) Aduha ubukerebutsi ahanini biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya.​—2 Timoteyo 3:16, 17.

  •   Nugire ubushakashatsi. Kugira ufate ingingo nziza, urakeneye amakuru yo kwizigirwa. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho yiyongereye.” (Imigani 1:5) None wokura he amakuru yogufasha kandi ushobora kwizigira?

     Ubwa mbere, nurabe ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ico kintu. Kubera ko Umuremyi wacu azi icotubera ciza, Ijambo ryiwe ririmwo impanuro twokwizigira kuruta izindi. (Zaburi 25:12) Mu bihe bimwebimwe, Bibiliya iratomora ico dukwiye gukora biciye ku mategeko. (Yesaya 48:17, 18) Ariko kenshi, Bibiliya ntitomora ivyo dukwiye gukora. Ahubwo iduha impanuro biciye ku ngingo ngenderwako. Ivyo biratuma dufata ingingo nziza naho zoba zitandukanye n’ingingo abandi bantu bafashe. Kugira uronke imirongo yo muri Bibiliya ijanye n’ivyo ukeneye, nugire ubushakashatsi mu bitabu n’ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya, nk’ivyo ushobora kuronka ku buntu kuri uru rubuga. b

     Mu bihe bimwebimwe, urashobora kurondera amakuru ahandi hantu ho kwizigirwa. Nk’akarorero, imbere y’uko ugura ikintu na canecane ikizimvye, vyoba vyiza ubanje kurondera amakuru ajanye n’ico kintu, abagikoze, harimwo n’ivyoshika kimaze kwononekara canke ushaka kugisubiza. Vyongeye, uzosuzuma kandi nimba ico kintu ushaka kugura ari co nyene wari ukeneye.

     Bibiliya ivuga iti: “Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga.” (Imigani 15:22) Rero imbere y’uko ufata ingingo, nuyage n’umuntu ushobora kwizigira. Nk’akarorero, vyoba ari vyiza kuruta ubanje kuyaga n’umuganga imbere y’uko ufata ingingo ijanye no kuvurwa. (Matayo 9:12) Rimwe na rimwe urashobora kuyaga n’abantu bashikiwe n’ibintu bisa n’ibiriko biragushikira. Niwibuke ko abo wasavye impanuro atari bo bagufatira ingingo. Ahubwo ni wewe ukwiye kuyifatira kandi ukitegurira ikizovamwo.​—Abagalatiya 6:4, 5.

  •   Niwiyumvire ivyoshika vyose. Ufatiye ku makuru umaze kwegeranya, urashobora kugira urutonde rw’ivyo wahisemwo hamwe n’ico vyovamwo kuri kimwekimwe cose. Vyongeye, nurimbure utibesha ingaruka zoshobora kuva mu ngingo wafashe. (Gusubira mu vyagezwe 32:29) Nk’akarorero, ingingo uzofata izogira ico ikoze gute kuri wewe, ku muryango wawe no ku bandi? (Imigani 22:3; Abaroma 14:19) Kwibaza ibibazo nk’ivyo no gusuzuma ico Bibiliya ibivugako bizogufasha gufata ingingo ibereye.

  •   Nufate ingingo. Rimwe na rimwe, turashobora gutinya gufata ingingo kubera gusa tutabona ico twokora. Ariko nka hamwe tutofata ingingo, turashobora gusanga hari ico twahomvye canke amaherezo tugashikirwa n’ingorane. Mu yandi majambo, kudafata ingingo bimeze cokimwe no gufata ingingo mbi. Bibiliya ikoresheje ikigereranyo c’umubivyi, igira iti: “Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto; kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura.”​—Umusiguzi 11:4.

 Niwibuke kandi ko n’ingingo nziza itama itunganye. Akenshi, kugira amahitamwo bisaba kugira ivyo uhevye. Vyongeye, turashobora gushikirwa n’ivyo tutari twiteze. (Umusiguzi 9:11) Rero, nukoreshe neza amakuru umaze kuronka kandi uhitemwo ikibereye kuruta ibindi.

 Noba noshobora guhindura ingingo namaze gufata?

 Si ingingo zose zidashobora guhinduka. Ukuntu ivyawe vyifashe birashobora guhinduka, canke haciye igihe ugasanga ingingo wafashe izanye ingaruka utari witeze. Rero, vyoba vyiza usubiye gusuzuma ukuntu ibintu vyifashe maze ugafata iyindi ngingo yoba nziza kuruta.

 Ariko ntiwumve, hariho ingingo zimwezimwe udashobora guhindura. (Zaburi 15:4) Nk’akarorero, Imana yiteze ko abubakanye bashitsa indagano y’ukwabirana. c (Malaki 2:16; Matayo 19:6) Igihe ingorane zadutse mu mubano, umwe wese akwiye kugira akigoro ko kuzitorera umuti aho kuvana.

 Bite ho igihe nafashe ingingo itabereye ntashobora guhindura?

 Mu bihe bimwebimwe, birashika twese tugafata ingingo zitabereye. (Yakobo 3:2) Turashobora mbere no kwicuza canke tukiyagiriza, kandi ivyo ni ibisanzwe. (Zaburi 69:5) Mu vy’ukuri bishitse tukiyumva nk’ukwo, ntivyoba ari bibi igihe bidufashije kudasubira kugwa muri iryo kosa. (Imigani 14:9) Naho ari ukwo, Bibiliya iraduhanura kutiyagiriza birenze kubera ko bishobora kuduca intege rwose canke bikatugora kwiyumvira neza. (2 Abakorinto 2:7) d Bibiliya ivuga ko “Yehova [ari] umunyembabazi n’umunyempuhwe.” (Zaburi 103:8-13) Nugerageze gukura ivyigwa ku ngingo mbi wafashe udashobora guhindura kandi ukore ivyo ushoboye ngo ugire ivyo uryohoye.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.​—Zaburi 83:18.

b Urashobora kandi kurondera kuri jw.org ukoresheje ijambo canke iryungane rihuye n’ingingo ushaka gufata. Uru rubuga ruriko impanuro zishingiye kuri Bibiliya zerekeye ivyiyumviro bitandukanye. Vyongeye, urashobora kurondeza ijambo kanaka ugiye ahari “Ironderero ry’amajambo ari muri Bibiliya” muri Bibiliya y’isi nshasha.

c Imana yipfuza ko abubakanye bagumana igihe cose bakiri bazima. Yemerera abubakanye kwahukana no gusubira kwubaka igihe gusa umwe muri bo yarenze ibigo. (Matayo 19:9) Nimba ufise ingorane mu mubano, Bibiliya irashobora kugufasha kuzitorera umuti mu buryo bwiza kandi buranga urukundo.

d Ushaka ayandi makuru, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya yoba yomfasha gutekana igihe niyagiriza?