Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Vyoba bigikenewe ko tumenya ukuri?

Vyoba bigikenewe ko tumenya ukuri?

 Woba nawe ubona ko bisigaye bigoye cane gutandukanya ukuri n’ikinyoma? Muri iki gihe, abantu basigaye bemera ibintu bafatiye ku vyiyumviro vyabo no ku kuntu biyumva, aho kuvyemera bafatiye ku bimenyamenya bifadika. Kw’isi yose, abantu benshi babona ko ata kuri kukibaho.

 Ukwo kuntu abantu basigaye babona ibintu si ivy’ubu. Haraciye nk’imyaka 2.000 Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato abajije Yezu n’akagaye n’akantu ati: «Ukuri ni iki?» (Yohani 18:38) Naho Pilato atarindiriye ko Yezu amwishura, ico kibazo cari gihambaye. Bibiliya iratanga inyishu itomoye kandi irashobora kugufasha kumenya gutandukanya ukuri n’ikinyoma muri ino si irangwamwo abantu batabitahura.

Ukuri kwoba kukiriho?

 Kuracariho. Bibiliya ikoresha ijambo «ukuri» iriko ivuga ibimenyamenya bifadika hamwe n’inyifato ibereye. Itwigisha ko Yehova a Imana ari we ukuri kwose guturukako. Imwita «Imana y’ukuri.» (Zaburi 31:5, akajambo k’epfo) Bibiliya irimwo ukuri kuva ku Mana, ikaba igereranya ukuri n’umuco kubera ishobora kudufasha kuronka inyishu z’ibibazo bituzazanira muri iyi si.​—Zaburi 43:3; Yohani 17:17.

Womenya gute ukuri?

 Imana ntiyipfuza ko dupfa kwemera ukuri kwo muri Bibiliya. Ahubwo idusaba gukoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira, tugasuzuma ukuri kwo muri Bibiliya aho gutwarwa n’ibishobisho. (Abaroma 12:1) Imana yipfuza ko tuyimenya tukongera tukayikunda n’«ubwenge bwa[cu] bwose,» kandi iduhimiriza gusuzuma ivyo twize muri Bibiliya kugira turabe ko ari ukuri.​—Matayo 22:37, 38; Ivyakozwe 17:11.

Ikinyoma cavuye he?

 Bibiliya ivuga ko ikinyoma catangujwe n’umwansi w’Imana, Shetani wa Mubesheranyi, uwo Bibiliya yita «se w’ikinyoma.» (Yohani 8:44) Yarabesheye Imana mu vyo yabwiye abantu ba mbere. (Itanguriro 3:1-6, 13, 17-19; 5:5) Kuva ico gihe, Shetani yarabandanije gukwiragiza ibinyoma yongera aranyegeza ukuri kwereye Imana.​—Ivyahishuwe 12:9.

Kubera iki ikinyoma ciraye?

 Muri iki gihe, ico Bibiliya yita «imisi ya nyuma,» Shetani arosha abantu akongera akabazimiza kuruta uko yabigira kera. Akenshi, abantu baravuga ibinyoma kugira bahende abandi no kugira bagire ivyo babungukiyeko. (2 Timoteyo 3:1, 13) Vyongeye, amadini menshi muri iki gihe aravuga ibinyoma. Bibiliya yari yaravuze ko muri iki gihe, abantu «[bokwirondereye] abigisha babagaza amatwi,» bagahitamwo «[kwica] amatwi ngo ntibumve ukuri.»​—2 Timoteyo 4:3, 4.

Kubera iki ukuri guhambaye?

 Abantu barakeneye kuvugana ukuri kugira bizigirane. Ata kwizigirana, ubugenzi ntiburama. Bibiliya ivuga ko Imana yipfuza ko ugusenga kwacu kuba gushingiye ku kuri. Ivuga iti: «[Abasenga Imana] bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.» (Yohani 4:24) Kugira ubone ingene ukuri kwo muri Bibiliya gushobora kugufasha kumenya ibinyoma vyo mu madini no kudahendwa na vyo, nusome ibiganiro vyo mu rukurikirane rwitwa «Ibinyoma vyatumye abantu badakunda Imana

Kubera iki Imana yipfuza ko menya ukuri?

 Imana yipfuza ko ubaho ibihe bidahera, kandi kugira bishoboke urakeneye kumenya ukuri ku biyerekeye. (1 Timoteyo 2:4) Niwiga amategeko y’Imana agenga iciza n’ikibi ukongera ukayisunga mu buzima bwawe, uzoba umugenzi somambike wayo. (Zaburi 15:1, 2) Kugira Imana ifashe abantu kumenya ukuri, yararungitse Yezu kw’isi. Imana yipfuza ko twumviriza inyigisho za Yezu.​—Matayo 17:5; Yohani 18:37.

Imana yoba izokuraho ikinyoma?

 Ego cane. Imana iranka abantu bahenda abandi bafise intumbero yo kugira ivyo babungukiyeko. Yarasezeranye gukura kw’isi abantu biyemeje kuguma babesha. (Zaburi 5:6) Igihe Imana izobakuraho, izoba kandi ishikije ivyo yasezeranye bivuga ko «iminwa ivuga ukuri izokwamaho ibihe vyose.»​—Imigani 12:19.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»