Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

DEA/G. Dagli Orti/De Agostini via Getty Images

Ingene Huldrych Zwingli yarondeye ukuri kwo muri Bibiliya

Ingene Huldrych Zwingli yarondeye ukuri kwo muri Bibiliya

 Muri iki gihe, abantu benshi b’umutima nziraburyarya bakunda gusenga, barashobora gusuzuma ko ivyo bemera vyoba bishingiye ku vyo Bibiliya yigisha canke ko atari ko biri. Ivyo ntivyari gushoboka mu ntango z’ikinjana ca 16. Uti kubera iki? Kubera yuko abantu benshi batashobora kuronka Bibiliya mu rurimi rwabo. Ivyo vyatuma abanywanyi b’idini bakeyi gusa, ari bo bonyene bashobora kugereranya ivyo idini ryigisha n’ivyo Bibiliya ivuga. Kandi abakuru b’idini nta kintu kinini babafasha. Igitabu kimwe (History of the Christian Church) kivuga giti: «Amashengero yo mu Buswise yarononekaye. Abakuru b’amadini usanga ata na kimwe bazi, baja mu vy’ubupfumu kandi bigenza nabi.»

 Ico gihe ni ho Huldrych Zwingli yatangura kurondera ukuri kwo muri Bibiliya. None ni ibiki yubuye? Yabigenjeje gute kugira abwire abandi ivyo yari yubuye? Kandi ni igiki twokwigira ku buzima bwiwe no ku vyo yemera?

Zwingli atangura kurondera ukuri

 Igihe Zwingli yari afise imyaka nka 20, yaciye yishingira umugambi wo kuba umupatiri mw’idini rya gatolika. Cokimwe n’abandi bose bipfuza kuba abapatiri ico gihe, Zwingli yategerezwa kwiga filozofiya, imigenzo ya ekleziya hamwe n’ivyanditswe n’«abakuru ba ekleziya gatolika», ariko atari Bibiliya ubwayo.

 None vyagenze gute ngo Zwingli atangure kwubura ukuri kwo muri Bibiliya? Igihe yari kuri kaminuza y’i Basel mu Buswise, yaragiye kwumviriza insiguro za Thomas Wyttenbach, na we akaba yariyamiriza ibijanye na indurujensiya a vyagirwa muri gatolika. Nk’uko umwanditsi umwe yabivuze, Zwingli «[afatiye ku nyigisho za Wyttenbach] yaramenye ko Kristu yapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro vyacu.» (1 Petero 3:18) Igihe yatahura ko incungu ya Yezu ari yo yonyene ituma duharirwa ivyaha, yaciye yiyamiriza inyigisho ivuga yuko abakuru b’idini bashobora guharira umuntu ibicumuro arishe amahera. (Ivyakozwe 8:20) Ariko rero, Zwingli yarabandanije ivyigwa vyiwe maze araba umupatiri muri gatolika afise imyaka 22.

 Agifise nk’imyaka 20, Zwingli yariyigishije ikigiriki kugira atahure ururimi rw’intango Isezerano rishasha ryanditswemwo. Yarasuzumye kandi ivyo uwitwa Érasme yanditse maze aramenya ko Yezu wenyene ari we Muhuza w’Imana n’abantu, nk’uko Bibiliya ivyigisha. (1 Timoteyo 2:5) Ivyo vyatumye Zwingli atangura kugira amakenga ku nyigisho ya gatolika ivuga ko umuntu ashobora guca ku beranda kugira yegere Imana.

 Zwingli yararushirije kurondera ukuri ageze mu myaka ya 30. Ariko rero, muri ico gihe nyene, yarabaye n’umumenyeshamana mu gisoda mu ntambara z’urutavanako zabaye i Buraya barondera kwigarurira Ubutaliyano. Mu ntambara yabereye i Marignano mu 1515, yariboneye ukuntu abagatolika bica abagatolika bagenzi babo ibihumbi. Haheze imyaka mikeyi, Zwingli yarimuye n’intoke igice kinini c’Ivyanditswe vy’ikigiriki yongera aranabifata ku mutwe. Mu 1519, yaba i Zurich mu Buswise, kikaba cari igisagara gikomeye mu vya politike. Ari ng’aho, yahavuye abona ko ekleziya gatolika yari ikwiye guhagarika kwigisha ikintu cose kidashingiye ku Vyanditswe. Ariko none, yari gufasha abandi gute kugira ngo na bo nyene babone ibintu nka we?

«Iyo nyigisho nta ho twari bwigere tuyumva»

 Zwingli yiyumvira yuko abantu bociye baheba ibinyoma vyigishwa mu madini bamaze kwumva ukuri kwo muri Bibiliya. Igihe rero yagenwa kuba umupatiri w’urusengero rukomeye cane rwa Grossmünster i Zurich, mu nyigisho yiwe yatanguye avuga umugambi afise batari bamenyereye. Yavuze ko atosubiye gusomera abantu ibisomwa b vy’ikilatini abakuru b’idini bari bamaze imyaka n’iyindi bakoresha mu gusoma imisa. Ahubwo yobigishije ivyo akuye mu Njili akoresheje Bibiliya ubwayo, akaza arasoma ikigabane ku kindi, kuva mu ntango gushika ku mpera. Aho gusigura Ivyanditswe yisunze ivyiyumviro vy’abakuru ba ekleziya, yoretse Ivyanditswe ubwavyo bikisigura. Ivyo yabigize mu kureka imirongo yoroshe gutahura igasigura imirongo igoye gutahura.​—2 Timoteyo 3:16.

Sergio Azenha/Alamy Stock Photo

Urusengero rwa Grossmünster i Zurich

 Igihe Zwingli yaba ariko arigisha, yashimika ku kuntu Bibiliya ari ngirakamaro. Yigisha abantu kwigenza runtu nk’uko bivugwa muri Bibiliya, kandi mu nyigisho ziwe yariyamiriza ivyo gusenga Mariya nyina wa Yezu, gusenga aberanda, kugurisha indulujensiya no kwigenza nabi kw’abakuru ba ekleziya. None abantu bavyakiriye gute? Arangije gutanga insiguro yiwe ya mbere, bamwebamwe baciye bavuga bati: «Iyo nyigisho nta ho twari bwigere tuyumva.» Ku bijanye n’abagatolika bumvirije Zwingli ariko arigisha, hari umuhinga mu vya kahise yanditse ati: «Abari barahevye kuja mu misa kubera abapatiri ata co babigisha no kubera ukwigenza nabi kwabo, ico gihe baciye bagaruka.»

 Mu 1522, abakuru ba ekleziya baciye bagerageza kwikora ku banyapolitike b’i Zurich kugira bahagarike ibikorwa biteye kubiri n’inyigisho za gatolika. Ivyo vyatumye Zwingli yagirizwa ko ari umuhakanyi. Kubera yanse kwihakana ivyo yemera, yahisemwo guheba ubupatiri.

Zwingli yaciye akora iki?

 Zwingli yarahagaritse kuba umupatiri, ariko yagumye yigisha abandi n’umwete yongera agerageza kubumvisha ivyo yemera. Yaramenyekanye cane kubera igikorwa co kwigisha, kandi ivyo vyatumye abanyapolitike b’i Zurich bamwubaha. Kubera akosho yagize kuri abo banyapolitike, yatumye haba amahinduka akomeye mu bijanye n’idini i Zurich. Nk’akarorero mu 1523, yarajijuye abacamanza b’i Zurich kugira babuze inyigisho iyo ari yo yose y’idini idashingiye ku Vyanditswe. Mu 1524, yarabajijuye ngo bashireho itegeko ribuza gusenga ibigirwamana. Abatware baho, bafatanije n’abigisha b’amadini hamwe n’abanyagihugu, barabomaguye ibicaniro vyinshi, ibishushanyo hamwe n’ibisigarira vy’aberanda. Igitabu kimwe (Zwingli​—God’s Armed Prophet) kivuga giti: «Uretse ko abimukira bo mu bihugu vya Skandinaviya (abitwa aba Vikings) basahuye amazu y’abanyamadini, amadini yo mu burengero ntiyari bwigere asamburwa ukuraho kw’isi yose.» Mu 1525 na ho, yari amaze kwosha abategetsi ngo bigarurire inyubakwa zegukira idini kugira bazihinduremwo ibitaro no kugira bemerere abihebeye Imana kwubaka izabo. Yaratanze kandi iciyumviro c’uko imisa yosubirizwa n’ibirori vy’ugusenga bisanzwe vyisunga ibivugwa muri Bibiliya. (1 Abakorinto 11:23-25) Abahinga mu vya kahise bavuga ko utwigoro twa Zwingli twatumye abanyamadini n’abanyapolitike b’i Zurich baja hamwe, ku buryo bicira inzira amahinduka akomeye mu vy’idini n’ivuka ry’idini rishasha ry’abaporoti.

Bibiliya y’i Zurich yasohotse mu 1536 iri ku Cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Warwick muri New York

 Igikorwa nyamukuru Zwingli yakoze kwabaye uguhindura Bibiliya. Mu myaka ya 1520, yarahagarikiye umugwi w’incabwenge wariko urahindura Bibiliya ufatiye ku ndimi zo mu ntango z’igiheburayo n’ikigiriki hamwe na Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante n’iy’ikilatini yitwa Vulgate. Uburyo bakoresha bwari busanzwe. Barasoma umurongo umwumwe mu gisomwa co mu rurimi rw’intango bakongera bakawusoma no muri Bibiliya zemerwa. Mu nyuma baca baganira ku co uwo murongo usobanura, bagaca bandika ivyo batoye. Igikorwa bakoze co gusigura no guhindura Ijambo ry’Imana, catumye haboneka Bibiliya mu 1531, ikaba yiswe Bibiliya y’i Zurich.

 Zwingli ashobora kuba yari umuntu w’inziraburyarya, mugabo yari inkazi kandi ntiyihanganira ivyiyumviro vy’abandi. Nk’akarorero mu 1525, yaragize uruhara mu rubanza rw’Abanabatiste batashigikira ivyo yemera yuko inzoya zikwiye kubatizwa. Igihe sentare yasohora ingingo y’uko umuntu wese abandanya guhakana ko inzoya zibatizwa yicwa, Zwingli nta co yavuze kuri ako karenganyo. Yaranahimirije indongozi mu vya politike ngo zikoreshe igisoda kugira zemeze abandi inyigisho nshasha ku nguvu. Ariko uturere twinshi two mu Buswise twiganjemwo idini rya gatolika twararwanije inyigisho ziwe nshasha. Ivyo vyaciye bikwega intambara y’abanyagihugu. Zwingli yaraherekeje abasirikare b’i Zurich ku rugamba, ari na ho yahavuye yicirwa afise imyaka 47.

Iragi rya Zwingli

 Mu vy’ukuri, Zwingli arafise ico yamaze muri kahise, naho Abaporoti b’ibihangange nka Martin Luther na Jean Calvin batumye atamenyekana cane. Yariyamirije inyigisho za gatolika y’i Roma bimwe biboneka kuruta uko Luther yabigize. Ivyo vyaciye bicira inzira inyigisho za Calvin. Ni co gituma Zwingli aza ubugira gatatu mu bantu batumye haba amahinduka akomeye mu vy’idini.

 Iragi Zwingli yasize ririmwo ivyiza n’ibibi. Yarisutse muri politike no mu ntambara kugira akwiragize ivyiyumviro vyiwe. Ivyo vyatumye ananirwa kwisunga akarorero ka Yezu Kristu, kuko wewe yanse kuja muri politike kandi akigisha abigishwa biwe gukunda abansi babo, aho kubica.​—Matayo 5:43, 44; Yohani 6:14, 15.

 Ariko rero, Zwingli yari umuntu yiga Bibiliya n’umwete kandi yihatira kubwira abandi ivyo yize. Yarubuye ukuri kwinshi kwo muri Bibiliya yongera arafasha n’abandi kubigenza gutyo.

a Indulujensiya yari amategeko yasohorwa n’abakuru b’idini rya gatolika yitwa ko agabanya canke mbere akuraho igihano umuntu yohawe mw’ipurugatori amaze gupfa.

b Ivyo bisomwa bavyita liturujiya. Vyari ibitabu birimwo imirongo yo muri Bibiliya yacaguwe imbere y’igihe yakoreshwa mu gusoma imisa mu kiringo c’umwaka wose.