Ja ku birimwo

Mariya yoba ari nyina w’Imana?

Mariya yoba ari nyina w’Imana?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya! Bibiliya ntiyigisha ko Mariya ari nyina w’Imana, eka kandi ntivuga ko abakirisu bakwiye kumusenga. a Rimbura ibi bintu:

  •   Mariya ntiyigeze avuga ko ari nyina w’Imana. Bibiliya ivuga ko yibarutse “Umwana wa Musumbavyose” canke “Umwana w’Imana,” atari Imana ubwayo.​—Luka 1:32, 35.

  •   Yezu Kristu ntiyigeze avuga ko Mariya ari nyina w’Imana canke ko abereye icubahiro kidasanzwe. Kanatsinda, yarakosoye umugore umwe yavuze ko Mariya ahiriwe ku bw’iteka yatewe. Yezu yamubwiye ati: “Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”​—Luka 11:27, 28.

  •   Imvugo “Nyina w’Imana” na “Theotokos” (Uwibarutse Imana) ntiziboneka muri Bibiliya.

  •   “Umwamikazi w’amajuru” avugwa muri Bibiliya si Mariya, ahubwo ni imanakazi y’ikinyoma yasengwa n’Abisirayeli b’abahuni. (Yeremiya 44:15-19) Uwo “Mwamikazi w’amajuru” ashobora kuba yari Ishitari, imanakazi y’Abanyababiloni.

  •   Abakirisu bo mu ntango ntibasenga Mariya, kandi ntibigeze bamuha icubahiro kidasanzwe. Umutohozakahise umwe avuga ko abakirisu bo mu ntango “baterekwa ivyo gufata abantu nk’imana kandi baratinya ko guha Mariya iteka ridasanzwe vyohava bituma abantu biyumvira ko basenga imanakazi.”​—In Quest of the Jewish Mary.

  •   Bibiliya ivuga ko Imana yamyeho. (Zaburi 90:1, 2; Yesaya 40:28) Kubera ko itagira intango, ntishobora kugira nyina. Vyongeye, nta kuntu Imana yari gukwira mu nda ya Mariya kuko Bibiliya ivuga itomora ko n’amajuru adashobora kuyikwira.​—1 Abami 8:27.

Mariya ni nyina wa Yezu si “nyina w’Imana”

 Mariya yari Umuyudakazi yakomoka mu muryango w’Umwami Dawidi. (Luka 3:23-31) Ukwizera kwiwe n’urukundo yakunda Imana ni vyo vyatumye Imana imushima. (Luka 1:28) Imana yaramutoye ngo abe nyina wa Yezu. (Luka 1:31, 35) Mariya n’umugabo wiwe Yozefu baravyaranye abandi bana.​—Mariko 6:3.

 Bibiliya irerekana ko Mariya yacitse umwigishwa wa Yezu, ariko nta bindi vyinshi imuvugako.​—Ivyakozwe 1:14.

a Amadini menshi yigisha ko Mariya ari nyina w’Imana. Bamwita “Umugabekazi w’ijuru” canke Theotokos, ijambo ry’ikigiriki risobanura “Uwibarutse Imana.”